YouVersion လိုဂို
ရှာရန် အိုင်ကွန်

Ivyakozwe 23

23
1Maze Pawulo ahanga amaso Inama Nkuru y’Abayuda ababwira ati: “Bavukanyi, gushika uno musi, namye ngendera imbere y’Imana, ata jwi rinyagiriza ikibi.” 2Ananiya, umuherezi mukuru, aca ategeka abari hafi ya Pawulo ko bamukubita ku munwa. 3Pawulo aca avuga ati: “Imana izogukubita, wa ndyadya we umeze nk’igihome gisize irangi ryera! Uriko uncira urubanza wisunga ivyagezwe none ubirenzeko utegeka ko bankubita!”
4Abari bahagaze i ruhande ya Pawulo baca bamubwira bati: “Nta soni! Urubahutse gutuka umuherezi mukuru w’Imana!”
5Pawulo arabishura ati: “Bavukanyi, sinamenye ko ari umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo: ‘Ntimukavuge nabi n’umwe mu baganza ubwoko bwanyu.’#23:5 Kuvayo 22:28
6Pawulo amenye ko mu bari ngaho harimwo Abasadukayo n’Abafarisayo, aca abwira abagize iyo Nama Nkuru ati: “Bavukanyi, jewe ndi Umufarisayo, kandi na data ni Umufarisayo. Aha ndiko ncirwa urubanza kuko mfise ivyizigiro ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.” 7Avuze uko, haca haduka ukutumvikana hagati y’Abafarisayo n’Abasadukayo, ikoraniro rica ryicamwo kubiri. 8Mu bisanzwe, Abasadukayo bavuga ko ata kuzuka, ata bamarayika canke impwemu bibaho, ariko Abafarisayo bo bemera ko ivyo vyose bibaho.
9Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!” 10Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.
11Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”
Bagira umugambi wo kwica Pawulo
12Bukeye Abayuda bagira inama, bashirako n’indahiro ko batazogira ico barya canke ngo banywe batarica Pawulo. 13Abari muri iyo nama barenga mirongo ine. 14Nuko baja ku bakuru b’abaherezi n’abatware, bababwira bati: “Twarahiye ko ata co turya tutarica Pawulo. 15None rero, mwebwe n’Inama Nkuru y’Abayuda, nimusabe umukuru w’abasoda amubarungikire, mumubwire ko mugomba kumenya ivyiwe neza. Natwe turiteguye guca tumwica atarashika ngaha.”
16Ariko umwishwa wa Pawulo yumva iyo nama, aca yiruka kw’ikambi abibarira Pawulo.
17Pawulo aca abarira umwe mu bakuru b’abasoda ijana ati: “Jana uwu musore ku mukuru w’abasoda; arafise ico agomba kumubwira.” 18Na we aca aramujana kuri wa mukuru w’abasoda.
Amubwira ati: “Pawulo, umwe ari mw’ibohero, ansavye ngo nzane uwu musore, kuko afise ico agomba kukubwira.”
19Wa mukuru w’abasoda aca afata ukuboko wa musore, amwinjiza mu nzu, aramubaza ati: “Ugomba kumbarira iki?”
20Wa musore aca avuga ati: “Abayuda bagiye inama yo kugusaba ngo urungike Pawulo imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda ejo, babesha ko hari amakuru bashaka kumubaza. 21Ntuvyemere kuko muri bo hari abagabo barenga mirongo ine bagomba kumutegera. Kandi basezeranye ko badasubira kurya canke ngo banywe bataramwica. Ubu bamaze kwitegura, barindiriye ko wemera gusa kumurungika.”
22Wa mukuru w’abasoda aca arungika wa musore, amwihanikirije ati: “Ntihagire n’umwe ubwira ko ibi wabimbwiye.”
Barungika Pawulo i Kayisariya
23Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro. 24Mutegurire Pawulo amafarasi kugira ngo ashikirizwe Felisi, umukuru w’intara, ata nkomanzi.”
25Aca yandika ikete muri aya majambo:
26Jewe Kilawudiyo Lusiyasi,
Ndabaramukije nyakwubahwa Felisi, umukuru w’intara.
27Uwo mugabo ndabarungikiye yari yafashwe na bamwe mu Bayuda, kandi bagira bamwice, maze jewe n’ingabo twari kumwe turahashika turamutabara, kuko nari namenye ko ari Umuroma. 28Kugira menye ico bamwagiriza, namujanye mu Nama Nkuru y’Abayuda. 29Nca nsanga bamwagiriza ibijanye n’ivyagezwe vyabo, ariko nta co nasanze kimwagira cotuma ashirwa mw’ibohero canke ngo yicwe. 30Numvise ko bagize inama yo kumwica, nca mpitamwo kumubarungikira ubwo nyene, kandi nategetse ko abamwagiriza babazanira ibirego bamurega.
31Ba basoda baca bakora nk’uko bategetswe, bajana Pawulo mw’ijoro, bamushikana ahitwa Antipatiri. 32Ku musi ukurikira, abasoda bagendera hasi basubira mw’ikambi, abagendera ku mafarasi baba ari bo babandanya baherekeza Pawulo. 33Bashitse i Kayisariya, bashikiriza rya kete wa mukuru w’intara, bongera bamushikiriza na Pawulo. 34Wa mukuru w’intara arisomye, aca abaza Pawulo iyo ava. Yumvise ko ava i Kilikiya, 35aca amubwira ati: “Nzokwumviriza urubanza rwawe abakwagiriza nibashika.” Aca ategeka ko Pawulo arindirwa ku kirimba kwa Herode.

လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု

Ivyakozwe 23: BKC

အရောင်မှတ်ချက်

မျှဝေရန်

ကူးယူ

None

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ