YouVersion လိုဂို
ရှာရန် အိုင်ကွန်

Ivyakozwe 22

22
1Arababwira ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimwumvirize ukwiregura kwanje.”
2Bumvise avugana na bo mu Giheburayo, baca barahora, haba agacerere kenshi.
Pawulo aca arabandanya ati: 3“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha. 4Nahama abakurikira inzira y’Umwami Yesu gushika naho bamwe bapfa, ngafata abagore n’abagabo nkabata mw’ibohero. 5Ivyo umuherezi mukuru n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda bose bashobora kubishingira intahe. Mbere ni na bo bampaye amakete nshira Abayuda benewacu b’i Damasiko, maze njayo gufata abizera baho ngo ndabazane i Yerusalemu ari imbohe, kugira ngo bahanwe.
6Nk’igihe c’isaha zitandatu z’umurango, ndiko ndegereza i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru undasira impande zose. 7Maze ngwa hasi hanyuma numva ijwi rimbarira riti: ‘Sawuli! Sawuli! Uriko umpamira iki?’
8Nanje ndabaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’
Rya jwi riranyishura riti: ‘Ndi Yesu w’i Nazareti, uwo uriko urahama.’ 9Abo twari kumwe barabona umuco ariko ntibumva ijwi ry’uwo twariko turavugana.
10Nanje ndamubaza nti: ‘None nkore iki ga Mwami?’
Umwami Yesu aranyishura ati: ‘Haguruka uje i Damasiko, ni ho uzokwigishirizwa ivyo wategekanirijwe kuzokora.’ 11Abo twagendanye baca bamfata ukuboko bantwara i Damasiko, kuko wa muco mwinshi wari watumye mpuma amaso.
12Muri ico gisagara hariho umuntu yitwa Ananiya. Yari umuntu yubaha Imana, akitondera ivyagezwe, kandi Abayuda bose baho bamushingira intahe nziza. 13Nuko aza kundaba, ampagarara i ruhande ambwira ati: ‘Sawuli, humuka.’ Ako kanya nyene nca ndahumuka, ndamubona.
14Maze aravuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi ryiwe. 15Uzomubera icabona co gushingira intahe ivyo wabonye n’ivyo wumvise imbere y’abantu bose. 16None ni igiki kigutebeje? Va hasi ubatizwe, wambaze izina ryiwe, ubone kwozwa ivyaha vyawe.’
17Maze kugaruka i Yerusalemu, umusi umwe ndi mu rusengero ndiko ndasenga nderekwa, 18mbona Umwami Yesu ambwira ati: ‘Ihute uve i Yerusalemu kuko abaho batazokwemera intahe unshingira.’
19Nca ndamwishura nti: ‘Mwami, aba bantu barazi ko naciye mu masinagogi yose ngata mw’ibohero nkongera ngakubitisha abakwizera. 20Kandi igihe amaraso ya Sitefano uwagushingira intahe yaseseka, ni ho nari, nemeza ko yicwa, mfatiye impuzu abariko baramwica.’
21Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”
Pawulo ashirwa mw’ibohero
22Gushika kuri ayo majambo, abantu bari bakiriko baramwumviriza. Maze baca batangura gushira urwamo hejuru bati: “Mukure kw’isi! Uwo ntakwiye kubaho!”
23Bagishira urwamo hejuru, bata impuzu bongera basurira umukungugu hejuru, 24wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza. 25Bamaze kumuboha ngo bamukubite, Pawulo aca abaza umukuru w’abasoda ijana yari ahagaze aho ati: “Mbega biremewe n’amategeko gukubita Umuroma, ata rubanza rwamutsinze?”
26Na we avyumvise aca aja kuri wa mukuru wabo amubwira ati: “Mbega ubigenza gute? Erega wa mugabo ni Umuroma.”
27Wa mukuru avyumvise aca aja kubaza Pawulo ati: “Mbwira, uri Umuroma?”
Pawulo aramwishura ati: “Egome ndi we.”
28Wa mukuru ati: “Na jewe ndi we, kandi natanze amahera menshi kugira ngo ndonke ubwo bwenegihugu.”
Pawulo na we amubwira ati: “Ariko jeho navutse ndi Umuroma.”
29Abagira bamusambishe baca basubira inyuma ubwo nyene. Na wa mukuru w’abasoda agira ubwoba kuko yabohesheje Pawulo, kandi ari Umuroma.
Pawulo arengutswa imbere y’Inama Nkuru y’Abayuda
30Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.

လက်ရှိရွေးချယ်ထားမှု

Ivyakozwe 22: BKC

အရောင်မှတ်ချက်

မျှဝေရန်

ကူးယူ

None

မိမိစက်ကိရိယာအားလုံးတွင် မိမိအရောင်ချယ်သောအရာများကို သိမ်းဆည်းထားလိုပါသလား။ စာရင်းသွင်းပါ (သို့) အကောင့်ဝင်လိုက်ပါ