Logo YouVersion
Icona Cerca

Zekariya 5

5
Ivy’ umuzingo w’igitabo uguruka
1 # Yer 36:2, 28. Nuko nongera kwunamura amaso, mbona umuzingo w’ igitabo uguruka. 2#Ezk 2:9, 10.Arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona umuzingo w’igitabo uguruka: uburebure bgawo n’amatambge mirongwibiri y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgawo n’amatambge cumi. 3#Kuv 20:7, 15; Gus 29:27.Arambarira, at’ Uwo n’umuvumo urekuwe ng’ ukwire isi yose: igihe uwiba wese yīrāye kirahāgije, kandi n’igihe ūrahira wese yīrāye kirahāgije. 4#Imig 3:33.Ndawurekuye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, winjire mu nzu y’umusuma no mu nzu y’ūrahira izina ryanje ibinyoma; uzoguma hagati mu nzu y’ūmeze artyo, uyitikizanye n’ibiti n’amabuye biyubatse.
Ivy’ umugore ari mu citwa efa
5Maz’ umumarayika twavugana yīgira imbere, arambarira, at’ Unamura amaso, urābe kirya kije ic’ ari co. 6#Ezk 45:11.Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose. 7Maze ngize ntya, mbona umupfundikizo wacuzwe mw isāsu upfundururwa, mbona umugore yicaye muri efa imbere. 8At’ Uyu ni we Bugarariji; maz’ amunyikiriza muri efa imbere, akubitirako ca cuma c’isāsu ku munwa wayo. 9Maze nunamuye amaso, mbona abagore babiri baje, bakubebga n’umuyaga mu mababa yabo; kandi bāri bafise amababa nk’ay’ agasōza; baterura iyo efa, bayicana mu kirēre hagati y’isi n’ijuru. 10Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Irya efa bariya bayijanye hehe? 11Aranyishura, ati Bagiye kumwubakira inzu mu gihugu c’i Shinari; ni yuzura, azoshirwa iyo, ahantu hiwe.

Attualmente Selezionati:

Zekariya 5: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi