Logo YouVersion
Icona Cerca

Zekariya 10

10
Imana isezeranira Abayuda inganji
1 # Gus 11:14; Zab 135:7; Yer 14:22; Ezk 34:26. Uhoraho abe ari we musaba imvura ngw igwe mu gihe c’itasura, muyisabe Uhoraho arema imiravyo; na we azobaha imvura y’umuvuvu, umuntu wese amumereze imirima. 2#Ita 31:19; Yer 23:25; Ezk 34:5, 6; Hab 2:18.Kukw ibigirwamana vyitwa terafimu bivuga ubusa, n’abapfumu bakaragura ibinyoma; bavōvōta inzozi z’ibihumbagurano, bakaremeshereza abantu ubusa: ni co gituma abantu bazimira nk’intama, bakagorwa, kuko batagira umwungere. 3#Ezk 34:10, 17.Uburake bganje buziriringiye abungere, kandi nzohana impfizi z’impene: kuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo aje kugendera umukuku wiwe, ni wo nzu ya Yuda, kand’ azobahindura nk’ifarasi yiwe nziza yo mu ntambara. 4#Zab 118:22; Yes 22:23.Muri Yuda hazokomōka ibuye rigumya imfuruka, muri we hazokomōka urumambo rugumya ihema; muri we hazokomōka umuheto w’intambara, kandi hamwe n’ivyo muri we hazokomōka umugabisha w’ ingabo wese. 5Abo bazomera nk’abahizi mu rugamba, basiribangira abansi babo mu vyondo vyo mu nzira; bazorwana, kuk’ Uhoraho ari kumwe na bo: kand’ abagendera ku mafarasi bazomāramāra. 6#Yes 14:1.Kandi nzokomeza inzu ya Yuda, nkize n’inzu ya Yosefu; nzobagarukana, kuko mbagiriye ikigongwe; bazomera nk’aho ntigeze kubaca, kuko jewe nd’Uhoraho Imana yabo, kandi nzobumva. 7Kand’ Abefurayimu bazomera nk’umuhizi, imitima yabo igire akaneza nk’agatewe na vino; mber’ abana babo bazobirāba bagire akaneza, imitima yabo izonezererwa Uhoraho. 8#Yes 5:26; Yer 31:11; Ezk 36:10, 11.Nzobahamagaza uruhwa mbakoranye, kuko nabacunguye; kandi bazogwira nk’uko bamye bagwira. 9#Gus 30:1-3; Ezk 6:9.Nzobabiba mu mahanga, kandi bazonyibuka bari mu bihugu vya kure; bazorera abana babo, kandi bazogaruka. 10#Yes 11:11; 49:20; Hos 11:11; Mik 7:14.Nzokwongera mbatārūre no mu gihugu ca Egiputa, mbakoranye mbakūre muri Ashuri: maze mbashitse mu gihugu c’i Gileyadi n’i Lebanoni: mbere ntibazohakwirwa. 11#Yes 11:15; Ezk 30:13.Azoca mu kiyaga kigoye, akubite imipfunda yo mu kiyaga, kand’ uruzi rwa Nili muri nyina hose hazokama: ubgibone bga Ashuri buzocishwa bugufi, n’icumu ry’ umwami wa Egiputa rizovaho. 12#Mik 4:5.Nzobaha gukomezwa nanje Uhoraho, na bo bazogendagendera mw izina ryanje, ni k’Uhoraho agize.

Attualmente Selezionati:

Zekariya 10: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi