Logo YouVersion
Icona Cerca

Zekariya 1

1
Imana ihanūra abantu ngo bayigarukeko
1 # Ezr 6:14; Neh 12:4, 16; Hag 2:1, 10. Mu kwezi kw’umunani mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana, 2rit’ Uhoraho yarakiye cane ba sogokuruza banyu. 3#Yes 31:6; Yer 3:22; Mik 7:19; Mal 3:7.Kubg’ ivyo uz’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ni mungarukeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 4#2 Ngo 36:15, 16; Zab 78:8; Zek 7:11.Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize. 5#Yob 14:10; Yoh 8:52.Ba sogokuruza banyu bari hehe? Cank’ abo navugishije mbega bokwamyeh’ ibihe vyose? 6#Gus 28:15; Yes 40:8; Int 2:17; Ezk 36:31; Dan 9:6.Arikw amajambo yanje n’ivyagezwe vyanje nageze abasavyi banje navugisha, mbega ntivyashitse kuri ba sogokuruza? Maze bīsubiramwo, baravuga, bati Nk’uk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye kw azotugirira, ngw atwishure ibihwanye n’ingeso zacu n’ivyo twakoze, ni ko yadukoreye.
Zekariya yerekwa abamarayika bagendagenda mw isi
7Ku musi wa mirongwibiri na kane wo mu kwezi kw’icumi na rimwe, ni kwo kwezi kwitwa Shebati, mu mwaka ugira kabiri Dariyo ari ku ngoma, ijambo ry’ Uhoraho ryaje kuri Zekariya mwene Berekiya, Berekiya mwene Ido, yar’ ūvugishwa n’Imana; 8#Ivyah 6:4.Zekariya aravuga, ati Mw ijoro nagize ntya, mbona umuntu agendera kw ifarasi y’akagajo, ahagaze hagati y’ibiti vy’imihadasi vyo mu gasōko; kand’ inyuma yiwe hār’ amafarasi y’utugajo n’ay’ utunyomvyi n’ay’ ibitare. 9#Ivyah 22:6.Maze ndabaza, nti Mugenzi, ibi n’ibiki? Umumarayika twavugana aranyishura, ati Ndakubarira ivy’ ari vyo. 10#Yob 1:7; Heb 1:14.Maze wa wundi yar’ ahagaze hagati y’imihadasi aravuga, at’ Abo n’abo Uhoraho yatumye kugendagenda mw isi yose. 11Bishura umumarayika w’Uhoraho yar’ ahagaze hagati y’imihadasi, bati Tugendagenze mw isi, kandi rāba, isi yose iratekereje, ifise impore. 12#Zab 80:4; 102:13; Yer 25:11; 29:10; Ivyah 6:10.Umumarayika w’Uhoraho araheza aravuga, at’ Ewe Uhoraho Nyen’ ingabo, uzogeza ryari kutagirira Yerusalemu ikigongwe, n’ibisagara vy’i Buyuda, ivyo warakiye iyi myaka yose ukw ari mirongwirindwi? 13#Yer 29:11.Umumarayika twavugana, Uhoraho amwishura amajambo meza amara umubabaro. 14#Yow 2:18; Zek 8:2.Nuk’ umumarayika twavugana arambarira, ati Semerera uvuge, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Mfūhiye i Yerusalemu n’i Siyoni ifūhe ryinshi. 15#Yes 47:6.Kandi nshavuriye cane amahanga yidibamiye, kuko Yerusalemu nari mpashavuriye buhoro, maze bo bakahasonga. 16#Ezr 6:14; Yer 31:39.Ni co gituma Uhoraho avuga, ati Ngarukiye Yerusalemu nzanye imbabazi; ingoro yanje izohubakwa, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize: i Yerusalemu hazogereshwa umugozi. 17#Yes 40:1; 51:3.Subira usemerere, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ngw Ibisagara vyanje bizokwongera kubōgabōga ivyiza; Uhoraho azokwongera kumara i Siyoni umubabaro, kand’ azokwongera kwirobanurira Yerusalemu.
Ivy’ amahembe ane n’abacuzi bane
18 # 1 Abam 22:11. Maze nunamuye amaso mbona amahembe ane. 19Mbaza umumarayika twavugana, nt’ Ivyo n’ibiki? Aranyishura, at’ Ayo ni yo mahembe yasābagije Abayuda n’Abisirayeli n’ab’i Yerusalemu. 20Maz’ Uhoraho anyereka abacuzi bane. 21#Zab 75:4, 5.Ndamubaza, nt’ Abo bazanywe no gukora iki? Aranyishura, at’ Ayo mahembe ni yo yasābagije Abayuda, ntihāgira n’umwe avyura umutwe; non’ abo bazanywe no kuyaca ivutu, no gutsinda hasi amahembe y’amahanga, yashize hejuru amahembe yayo ngw arwanye igihugu c’i Buyuda, abasābagize.

Attualmente Selezionati:

Zekariya 1: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi