Logo YouVersion
Icona Cerca

Mariko 7

7
Yesu agaya Abafarisayo
1 # Mat 15:1-20. Abafarisayo bakoranira kuri we n’abanyabgenge b’ivyanditswe bamwe bavuye i Yerusalemu. 2#Luk 11:38.Babona abigishwa biwe bamwe barisha ivyo kurya intoke zihumanye, bisobanurwa ngo zidakaravye. 3Arikw Abafarisayo n’Abayuda bose, iyo batīfyikinyuye mu gukaraba ntibārya, kuko bākurikiye imigenzo bābgirijwe n’aba kera. 4Kandi bavuye mu kaguriro, iyo batīmijagiye amazi ntibārya, kandi harih’ ibindi vyinshi bābgirijwe n’aba kera ngo bavyumireko, nko kwoza mu buryo bginshi ibikombe n’inzavya n’inkono zikozwe mu miringa. 5Abafarisayo n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramubaza, bati N’iki gitumye abigishwa bawe badakurikira ingeso twabgirijwe n’aba kera, bagapfa kurisha ivyo kurya intoke zihumanye? 6Arabishura, ati Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n’Imana kuri mwebge indyarya, nk’uko handitswe,
ngw Aba bantu banyubahisha iminwa yabo,
Arikw imitima yabo iri kure yanje.#Yes 29:13.
7Bansengera ubusa,
Kukw inyigisho bigisha ar’ ivyagezwe n’abantu.
8Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwābgirijwe n’abantu. 9Kand’ ati Nka ko mwagize neza gukēngēra icagezwe c’Imana, ngo muziririze iyo migenzo yanyu! 10#Kuv 20:12; 21:17; Gus 5:16.Kuko Mose yavuze, ati Wubahe so na nyoko: kand’ at’ Ūtutse se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa. 11Ariko mweho mugira mut’ Umuntu ni yabgira se canke nyina, at’ Ico nari kugufashisha ni Korubani, risobanurwa ngo Ni co nzoshikanira Imana; 12ntimuba mukimukundira kugira ico yofasha se canke nyina; 13ijambo ry’Imana mukaritituza imigenzo yanyu mwigishije: kandi mukora n’ibindi vyinshi ben’ ivyo.
14Kandi yongera guhamagara ishengero, araribarira, ati Munyumve mwese, mubitahure: 15#Ivyak 10:14, 15.nta kintu kir’ inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, arikw ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya. [16Namba har’ ūfise amatwi yumva, ni yumve.] 17Yinjiye mu nzu asize ishengero hanze, abigishwa biwe bamusiguza uwo mugani. 18Na we arababaza, ati Mbega namwe mur’ imburabgenge murtyo? Ntimutahura yukw ata kintu kir’ inyuma iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, 19kuko kitagiye mu mutima wiwe, ariko kija mu nda, kigaca mu nzira yaco? Ivyo yabivugiye kuzirura ivyo kurya vyose. 20Kand’ aravuga, at’ Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya: 21kukw imbere mu mitima y’abantu havamw’ ivyiyumviro bibi, ubushakanyi, 22ubgivyi, ubgicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivy’ isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubgibone, ubupfu: 23ivyo bibi vyose biva imbere ni vyo bihumanya umuntu.
Yesu akiza umukobga w’umugore w’i Sirofoyinike
24 # Mat 15:21-28. Ava aho hantu, aja mu ntāra yo muri Tiro n’i Sidoni. Yinjira mu nzu atagomba ko hogira umuntu abimenya, ariko ntiyashobora kuyoberana. 25Arik’ uwo mwanya, umugore afise akigeme kinjiwemwo n’impwemu ihumanye, amwumvise, araza, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe. 26Uwo mugore yar’ Umugirikikazi, amamo yiwe n’i Sirofoyinike: aramwinginga ngw asende dayimoni mu mukobga wiwe. 27Aramubgira, ati Reka abana babanze guhāga, kukw atari vyiza kwābīra umutsima w’abana ukawuterera utubga. 28Na we aramwishura, ati Nka ko, Mugenzi, utubga na two turi musi y’ameza twīrīra utuvunguka tw’abana. 29Aramubgira, ati K’uvuze urtyo ni wīgīre, dayimoni avuye mu mukobga wawe. 30Arīgīra, ashitse mu nzu yiwe asanga umwana aryamye ku buriri, dayimoni amuvuyemwo.
Igipfamatwi kidatobora neza
31 # Mat 15:29-31. Yongera kuva mu ntāra yo muri Tiro, araza aca i Sidoni, ashika ku kiyaga c’i Galilaya, aciye hagati y’intāra y’i Dekapoli. 32#Mrk 5:23.Bamuzanira igipfamatwi kidatobora neza, baramwinginga ngw akirambikekw ikiganza. 33#Mrk 8:23.Agikūra mw ishengero, aracihererana, agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi. 34#Mrk 6:41; Yoh 11:41.Ararangamiza, arāba mw ijuru, yitsa umutima, arakibarira, ati Efata, risobanurwa ngo Zibūka. 35Amatwi yiwe arazibūka, inkingi z’ururimi rwiwe zirabohoka, avuga neza. 36#Mrk 1:43-45.Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babibarira, arikw iy’ abihanikirije barushiriza gukwiza inkuru yiwe rwose. 37#Yes 35:5.Baratangara cane, baravuga, bat’ Akoze vyose neza: azibūra n’ibipfamatwi, kand’ avugisha ibiragi.

Attualmente Selezionati:

Mariko 7: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi