Logo YouVersion
Icona Cerca

Mariko 3

3
Yesu akiza umuntu anyunyutse ukuboko
1 # Mat 12:9-14; Luk 6:6-11. Yongera kwinjira mw isinagogi; kandi hār’ umuntu anyunyutse ukuboko; 2baramugenza ngo barābe kw amukiza kw isabato, ngo bamurege. 3Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko, ati Va hasi, uhagarare hagati. 4Arababaza, ati Mbeg’ ivyemerwa n’ugukora ivyiza kw isabato canke n’ugukora ibibi? Gukiza umuntu canke kumwica? Barihorera. 5#Yoh 11:33.Aberaguzamw’ amaso, aratse, ababazwa n’ukw imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira. 6#Mat 22:16.Abafarisayo barasohoka, baca bamugīra inama n’abantu ba Herode ngo babone ingene bomwica.
Yesu akiza n’abandi benshi
7 # Mat 12:15, 16; Luk 6:17-19. Maze Yesu n’abigishwa biwe bavayo, baja ku kiyaga: ishengero ryinshi riramukurikira, bavuye i Galilaya n’i Yudaya 8#Mat 4:25.n’i Yerusalemu no muri Idumaya no hakurya ya Yorodani, n’abahereranye no muri Tiro n’i Sidoni, ishengero ryinshi ryumvise ivyo yakoze riza kuri we. 9Abarira abigishwa biwe ngo bagumishe ubgato butoya hafi kubg’ ishengero, ngo ntirimubānde. 10Kuko yakijije benshi, ni co catumye abāri bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko. 11#Luk 4:41.Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera zit’ Ur’ Umwana w’Imana. 12#Mrk 1:34.Arazihanikiriza cane, ngo ntizigende ziramwandagaza.
Yesu atoranya intumwa cumi na zibiri
13 # Mat 10:1-4; Luk 6:12-16. Maz’ adūga umusozi muremure, ahamagara abo agomba, baza kuri we. 14Atoranya icumi na babiri bo kubana na we, maze ngw abatume kwigisha, 15no kugira ububasha bgo gusenda abadayimoni. 16#Yoh 1:42.Nukw atoranya aba cumi na babiri: Simoni, amwita Petero; 17#Luk 9:54.atoranya na Yakobo mwene Zebedayo, na Yohana mwene nyina wa Yakobo, na bo abita Bowanerige, risobanurwa ngw Abana b’inkuba; 18atoranya na Andereya, na Filipo, na Barutolomayo, na Matayo, na Toma, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo, na Simoni Umunyakananayo, 19na Yuda Isikaryota, ni we yamuguze.
Yishura abashira ibikorwa vya Mpwemu kuri Satani
Aja mu nzu: 20ishengero ryongera gukoranira kuri we, bituma babura ingene botamira n’agatsima. 21#Yoh 7:20; 8:48, 52; 10:20.Ab’i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bāgira ngo Yasaze. 22#Mat 12:24-32; Luk 11:15-22; 12:10.Kand’ abanyabgenge b’ivyanditswe bavuye i Yerusalemu baravuga, bat’ Arimwo Beyezebuli: kandi bat’ Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza gusenda abadayimoni. 23Arabahamagara, abacira umugani, ati Satani yoshobora ate gusenda Satani? 24Ubgami iyo bgitandukanije ubgabgo, ubgo bgami ntibushobora kurama. 25Inzu ni yitandukanya ubgayo, iyo nzu ntizoshobora kurama. 26Kandi Satani, namba yīhagurukiye, akitandukanya, ntashobora guhangama, arahera. 27Kandi nta muntu yoshobora kwinjira mu nzu y’umuntu w’inkomezi kumusahura ibintu, atabanje kuboha wa munyenkomezi, maz’ akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe. 28Ndababgire ukuri: Abana b’abantu bazoharirwa ivyaha vyabo vyose n’ibirogotano vyose bazorogota, 29arik’ umuntu wese azorogota kuri Mpwemu Yera nta ho azoharirwa, kand’ azoba akoze icaha c’ibihe bidashira. 30#Mrk 3:22.Icatumye avuga artyo n’uko bavuze ngw Arimw’ impwemu ihumanye.
Yesu yerekana umuryango wiwe bgite
31 # Mat 12:46-50; Luk 8:19-21. Maze nyina na bene nyina baraza, batuma kumuhamagara, bahagaze hanze. 32Ishengero ryari ryicaye rimukikije; maze baramubgira, bat’ Ereg’ umuvyeyi wawe na barumuna bawe bari hanze, barakurondera. 33Na we arababaza, ati Mama ni nde, canke bene mama ni ba nde? 34Yeraguza amaso abari bicaye impande zose bamukikije, ati Ngaba mama na bene mama: 35umuntu wese akora ivyo Imana igomba ni we murumunanje, ni we mushikanje, ni we mama.

Attualmente Selezionati:

Mariko 3: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi