Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 8

8
Yesu akiza umunyamibembe
1 # Mrk 1:40-44; Luk 5:12-14. Amanutse uwo musozi, ishengero ryinshi riramukurikira. 2Maz’ umunyamibembe aza kuri we, aramupfukamira, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura. 3Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka. 4#Mat 9:30; Mrk 7:36; Luk 17:14; Lew 13:49; 14:2-32.Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.
Yesu akiza umushumba w’umugabisha w’abasoda
5 # Yoh 4:47. Ashitse i Kaperinawumu, haza umugabisha w’abasoda ijana, aramwinginga,#Luk 7:1-10. 6ati Mushingantahe, umuhungu wanje n’ikimuga, aryamye mu nzu, arasinzikaye cane. 7Aramubgira, ati Ndaje kumukiza. 8Umugabisha aramwishura, ati Mugenzi, ntibimbereye ko winjira mu nzu yanje; vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira. 9Kuko nanje nd’umuntu agendera musi y’abanganza, mfise abasoda ntwara: iyo mbariye umwe, nti Genda, aragenda; n’uwundi nti Ngwino, akaza; nabarira umushumba wanje, nti Kora iki, akagikora. 10#Mat 15:28.Yesu avyumvise, biramutangaza, abgira abamukurikiye, ati Ndababgire ukuri: Sinaribgabone ukwizera kungana gurtyo no mu Bisirayeli. 11#Luk 13:28, 29; Yes 49:12; 59:19; Mal 1:11; Zab 107:3.Ndababgira yuko benshi bazoza, bavuye i burasirazuba n’i burengerazuba, bazokwicarana na Aburahamu na Isaka na Yakobo mu bgami bgo mw ijuru; 12#Mat 22:13; 24:51; 25:30.arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo. 13#Mat 9:29; 15:28.Yesu abgira uwo mugabisha, at’ Igīre, bikubere nk’uko wizeye. Nuko wa muhungu akira uno mwanya.
Yesu akiza inabukwe wa Petero
14 # 1 Kor 9:5. Yesu yinjiye mu nzu kwa Petero, abona inabukwe aryamye afashwe n’umururumbo.#Mrk 1:29-34; Luk 4:38-41. 15Amukora ku kuboko, umururumbo urazima; aravyuka, aramuzimana. 16Ku kagoroba, bamuzanira benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose, 17#Yes 53:4.ngw ivyavuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya biboneke, ng’ Ubgiwe ni we yatwara ubumuga bgacu, akikorera n’indwara zacu.
Gukurikira Yesu
18 # Mrk 4:35; Luk 8:22. Yesu abonye ishengero ryinshi rimukikije, agera ko bajabuka hakurya. 19#Luk 9:57-60.Haza umunyabgenge w’ivyanditswe, aramubgira, ati Mwigisha, ndagukurikira ah’ uja hose. 20#2 Kor 8:9.Yesu aramubgira, at’ Imbgebge ziri n’imyobo, n’ibiguruka mu kirēre biri n’ivyari; arik’ Umwana w’umuntu we ntagira ah’ arambika umusaya. 21#1 Abam 19:20.Uwundi mu bigishwa aramubgira, ati Mugenzi, banza undekure, ngende mpambe data. 22#Yoh 1:43; 5:25; Rom 6:13.Ariko Yesu aramubgira, ati Nkurikira, reka abapfuye bahambe abapfuye babo.
Inkūbi y’umuyaga mu kiyaga
23 # Mrk 4:36-41; Luk 8:23-25. Atambukira mu bgato, abigishwa biwe baramukurikira. 24#Zab 4:8.Haza igihuhuta gikomeye mu kiyaga, bituma ubgato buzimirira mu mipfunda: ariko we yar’ asinziriye. 25Baraza baramukangura, bati Mugenzi, dukize, turapfuye. 26#Mat 14:31; 16:8.Arababaza, ati N’iki kibateye ubgoba, mwa bafise ukwizera guke mwe? Bun’ aravyuka azibiza ingunza n’ikiyaga, haba agahwekere rwose. 27Maz’ abo bantu baratangara, bat’ Uyu n’umuntu ki, umuyaga n’ikiyaga ko bimwumvira?
Yesu asenda abadayimoni mu bantu babiri
28 # Mrk 5:1-17; Luk 8:26-37. Afashe hakurya mu gihugu c’Abagadareni, babiri binjiwemwo n’abadayimoni baramusanganira bava mu masenga y’imva, bari bakaze cane, bituma ata wushobora guhita mur’ iyo nzira. 29#Luk 4:41; 2 Pet 2:4.Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika? 30Kure yabo hār’ umukuku w’ingurube nyinshi zirisha. 31Abadayimoni baramwinginga, bati Namb’ udusenda, uturungike mur’ uriya mukuku w’ingurube. 32Arababgira, ati Ni mugende. Babasokorokamwo, baragenda, baja mur’ izo ngurube. Wa mukuku wose wirukira ku gatembge, zīsuka mu kiyaga, zihonera mu mazi. 33Abāziragira barahunga; bashitse mu gisagara bavuga ivyo babonye vyose n’ivy’ abāri binjiwemwo n’abadayimoni. 34Abo mur’ ico gisagara bose baja gusanganira Yesu. Bamubonye, baramwinginga ngw ave mu ntāra yabo.

Attualmente Selezionati:

Matayo 8: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi