Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 4

4
Yesu ageragezwa na Satani
1 # Heb 4:15. Buno Yesu adūganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’Umurwanizi.#Mrk 1:12, 13; Luk 4:1-13. 2#Kuv 34:28; 1 Abam 19:8.Amaze imisi mirongwine n’amajoro mirongwine yisonzesheje, abona gusonza. 3#Ita 3:1-7.Umugeragezi aza kuri we, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, bgira aya mabuye acike imitsima. 4#Gus 8:3.Aramwishura, ati Vyanditswe ng’ Umuntu ntatungwa n’umutsima gusa, arikw atungwa n’ijambo ryose riva mu kanwa k’Imana. 5#Mat 27:53.Bun’ Umurwanizi amujana mu gisagara cera, amuhagarika ku gatwe k’urusengero, 6aramubgira, ati Ni waba ur’ Umwana w’Imana, ikororere hasi, kuko vyanditswe,
ngw Azokuragiza abamarayika biwe,
Na bo bazokuramira mu maboko yabo,
Ngo kumbure ntutsitare kw ibuye.#Zab 91:11, 12.
7 # Gus 6:16. Yesu aramubgira, ati Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe. 8Umurwanizi yongera kumujana ku musozi uhagaze cane, amwereka ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo, 9at’ Ivyo vyose ndabiguha, ni wampfukamira, ukansenga. 10#Gus 6:13.Buno Yesu aramubgira, ati Mvako, Satani, kuko vyanditswe, ng’ Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’ abe ari yo usaba yonyene. 11#Yoh 1:51; Heb 1:6, 14.Maz’ Umurwanizi aramureka, kand’ abamarayika baraza, baramukorera.
Yesu yigishiriza i Kaperinawumu
12 # Mat 14:3. Yumvise ko Yohana yashizwe mw ibohero, aja i Galilaya.#Mrk 1:14, 15; Luk 4:14, 15. 13#Yoh 2:12.Yimuka i Nazareti, aja kuba i Kaperinawumu hafi y’ikiyaga mu rugabano rwa Zebuloni na Nafutali, 14#Yes 8:22; 9:1.ngw ivyanditswe na Yesaya yavugishwa n’Imana bishike,
15ngw Igihugu ca Zebuloni n’igihugu ca Nafutali,
Aherekeye ku kiyaga, hakurya ya Yorodani,
I Galilaya h’abanyamahanga,
16Abantu bāri bicaye mu mwiza,
Babonye umuco mwinshi,
Kand’ abāri bicaye mu gihugu c’urupfu no mu gitutu carwo,
Umuco urasiye kuri bo.
17 # Mat 3:2. Guhera ubgo, Yesu atangura kwigisha, ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.
Yesu ahamagara abigishwa biwe ba mbere
18 # Yoh 1:40. Aciye i ruhande y’ikiyaga c’i Galilaya, abona abavukana babiri, Simoni yitwa Petero, na Andereya mwene nyina, bariko baraterera urusenga#4:18 Urwo rusenga abo ku kiyaga barwita umukwabu. mu kiyaga, kuko bār’ abarovyi.#Mrk 1:16-20; Luk 5:1-11. 19#Mat 13:47; Ezk 47:10, 20.Arababgira, ati Ni munkurikire, nzobagira abaroba abantu. 20#Mat 19:27.Baca bareka insenga, baramukurikira. 21Yīgiye imbere yaho, abona abavukana bandi babiri, Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana, bari kumwe na se Zebedayo mu bgato, bariko barasana insenga zabo, arabahamagara. 22Baca bareka ubgato na se, baramukurikira.
Yesu agenda yigisha, akiza abarwaye
23 # Mrk 1:39; Luk 4:15, 44; Ivyak 10:38. Yesu agendagenda i Galilaya hose, yigisha mu masinagogi#4:23 Isinagogi n’inzu Abayuda bakoraniramwo gusenga no kwumva ivyanditswe. yabo, ababgira ubutumwa bgiza bg’ubgami, akiza indwara n’ubumuga vy’uburyo bgose mu bantu. 24#Mrk 6:55.Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza. 25#Mrk 3:7, 8; Luk 6:17-19.Kand’ ishengero ryinshi riramukurikira bavuye i Galilaya n’i Dekapoli n’i Yerusalemu n’i Yudaya no hakurya ya Yorodani.

Attualmente Selezionati:

Matayo 4: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi