Logo YouVersion
Icona Cerca

Matayo 25

25
Umugani w’inkumi cumi
1 # Luk 12:35, 36; Ivyah 19:7. Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe. 2Batanu muri bo bār’ ibijuju, bandi batanu bār’ abanyabgenge. 3Kuko vya bijuju, mu kujana amatara yavyo, bitajananye n’amavuta. 4Arikw abanyabgenge bo, bajananye n’amavuta mu macupa yabo hamwe n’amatara yabo. 5Umukwe agitebaganye bose barahūnyiza, barasinzira. 6Mu gicugu humvikana urwamo, ngo Nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire. 7Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo. 8Vya bijuju bibgira abanyabgenge, biti Ni muduhe se ku mavuta yanyu, kukw amatara yacu arikw arazima. 9Arikw abanyabgenge barabishura, bati Kumbure ntiyodukwira twese: ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire. 10Bakigiye kugura umukwe arashika; abiteguye binjirana na we mu bukwe, urugi rurugarwa. 11#Luk 13:25, 27.Mu nyuma za nkumi zindi na zo ziraza, ziti Mupfasoni, mupfasoni, n’utwugururire. 12#Mat 7:23.Na we arabishura, ati Ndababgire ukuri: Simbazi. 13#Mat 24:42.Nuko mwame mugavye kuko mutazi umusi cank’ isaha.
Umugani w’ababikijwe italanto
14 # Mat 21:33. Bizoba nk’ivy’ umuntu agira agende mu mahanga, ahamagara abantu biwe, abasigarana ivyo atunze.#Luk 19:12-27. 15#Rom 12:6.Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi imwe, uk’ umuntu wese ashobora, aja mu mahanga. 16Uwo mwanya uwahawe italanto zitanu aragenda arazicurūza, yungukamw’ izindi talanto zitanu. 17N’uwa zibiri abigenza artyo, yungukamw’ izindi zibiri. 18Arik’ uwahawe imwe arīgīra, yimba mu kuzimu, ahisha amahera ya shebuja. 19Hashize igihe kirekire, shebuja w’abo bantu aragaruka, asuzuma ivyo yabasigaranye. 20Uwari yahawe italanto zitanu araza, azana italanto zindi zitanu, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zitanu, ehe nungutsemw’ izindi talanto zitanu. 21#Mat 25:23; Mat 24:45-47; Luk 16:10.Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja. 22Haza uwari yahawe italanto zibiri, ati Mugenzi, wari wansigaranye italanto zibiri, ehe nungutsemw’ izindi talanto zibiri. 23#Mat 25:21.Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja. 24Kandi haza uwahawe italanto imwe, ati Mugenzi, nari nkuzi k’ur’ umuntu w’ingāre, wimbura ivyo utārimye, ukumakuma ivyo utāsanzaje; 25ndatinya, ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe. 26Shebuja aramwishura, ati Wa muntu wanje mubi we, wa kinebge we, war’ uzi ko nimbura ivyo ntārimye, nkumakuma ivyo ntāsanzaje. 27Nuko war’ ukwiye kujana amahera yanje mu bayacurūza, nanje nagaruka nkaronka ayanje n’inyungu yayo. 28Nuko ni mumwake italanto, muyihe ūfise italanto cumi. 29#Mat 13:12.Kuk’ ūfise wese azohabga, asesekarizwe: arik’ ūdafise azokwakwa n’ico yar’ afise. 30#Mat 8:12.N’uyo muntu wanje w’imburakimazi ni mumute hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.
Gucira amahanga urubanza
31 # Mat 16:27; Zek 14:5; Ivyah 20:11-13. Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza: 32#Rom 14:10.amahanga yose azokoranirizwa mu nyonga ziwe, na we azobarobanura, nk’uk’ umwungere arobanura intama mu mpene. 33#Ezk 34:17.Intama azoziherereza i buryo bgiwe, impene na zo i bumoso. 34Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi. 35#Yes 58:7.Nari nshonje, murangaburira, nari mfise inyota, mumpa ico nnywa; nar’ ingenzi, mumpa indāro; 36nagenda gusa, muranyambika; nari ndwaye, muza kurāba uko mmeze; nari mw ibohero, muza kundāba. 37#Mat 6:3.Maz’ abagororotsi bazomubaza, bati Mwami, twakubonye ryari ushonje, tukakugaburira; cank’ ufise inyota, tuguha ico unywa? 38Twakubonye ryari ur’ ingenzi, tuguha indāro; cank’ ugenda gusa tukakwambika? 39Twakubonye ryari urwaye, cank’ uri mw ibohero, tuza kukurāba? 40#Imig 19:17; Heb 2:11.Umwami na we azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mwabigiriye umwe mur’ aba bene Data bari hanyuma y’abandi, ni jewe mwabigiriye. 41#Mat 7:23; Ivyah 20:10, 15.Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe. 42Nari nshonje, ntimwangaburira; nari mfise inyota ntimwampa ico nnywa; 43nar’ ingenzi, ntimwampa indāro; nagenda gusa, ntimwanyambika; nari ndwaye, nari mw ibohero, ntimwaza kundāba. 44Maze na bo bazomwishura, bati Mwami, twakubonye ryari ushonje, cank’ ufise inyota, cank’ ur’ ingenzi, cank’ ugenda gusa, cank’ urwaye, cank’ uri mw ibohero, ntitwagira ico tugukorera? 45Maz’ azobishura, ati Ndababgire ukuri: Ko mutabigiriye umwe mur’ aba bari hanyuma y’abandi, nanje ntimwabingiriye. 46#Yoh 5:29; Dan 12:2.Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.

Attualmente Selezionati:

Matayo 25: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi