Logo YouVersion
Icona Cerca

Luka 1

1
Icatumye Luka yandika Ubutumwa Bgiza
1Abantu benshi bāgerageje kwandika amajambo adonda ivyābaye muri twebge, 2#Yoh 15:27.nk’uko twabirazwe n’abāhereye ubga mbere ar’ivyabona vyavyo n’abasuku b’ijambo ry’Imana. 3#Ivyak 1:1.Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye kw ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa, 4kugira ng’ umenye neza yukw amajambo wigishijwe ar’ ay’ ukuri adakekeranywa.
Umumarayika abgira Zakariya yukw azovyara Yohana
5 # 1 Ngo 24:10. Ku ngoma ya Herode, umwami w’i Yudaya, hārih’ umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yar’ afise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti. 6Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa. 7Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yar’ ingumba, kandi bompi bāri bageze mu zabukuru.
8Maze yarikw arakora igikorwa c’ubuherezi imbere y’Imana, ukw imbu zabo zikurikirana; 9#Kuv 30:7.kandi nk’uk’ umugenzo w’abaherezi war’ uri, ni we yari yatoranijwe n’ubupfindo kwinjira ahēra h’urusengero rw’Umwami Imana, kwosa imibavu: 10kand’ ishengero ryose ry’ubgo bgoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co kwosa. 11Maz’ umumarayika w’Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bg’igicaniro boserezakw imibavu. 12Zakariya amubonye ahagarika umutima, aterwa n’ubgoba. 13Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Zakariya, kukw ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uz’ umwite Yohana: 14uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe; 15#Guh 6:3; Abac 13:4, 5; 1 Sam 1:11.kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina, 16kand’ azosanganya benshi bo mu Bisirayeli n’Umwami Imana yabo. 17#Mat 17:11-13; Mal 3:1; 4:5, 6.Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane. 18#Ita 18:11.Zakariya abaza umumarayika, at’ Ivyo nzovyerekwa n’iki, ko nd’umutāma, n’umugore wanje akaba ageze mu zabukuru? 19#Dan 8:16; 9:21; Heb 1:14.Umumarayika aramwishura, ati Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu nyonga z’Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubgira ubgo butumwa bgiza. 20#Luk 1:45.Umve, uragobga ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuk’ utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo. 21Abantu bāri barorereye Zakariya batangazwa n’ukw atevye ahēra h’urusengero. 22Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi. 23Maz’ imisi yo gusasa kwiwe ishize, asubira i we.
24Iyo misi ishize, umugore wiwe Elisabeti asama inda, atinya abantu amezi atanu, 25#Ita 30:23.at’ Uku ni k’Umwami Imana inkoreye mu misi yandābiyemwo kunteturura mu bantu.
Gaburiyeli abgira Mariya yukw azovyara Yesu
26Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n’Imana mu gisagara c’i Galilaya citwa Nazareti, 27#Luk 2:5; Mat 1:16, 18.ku nkumi ikowe n’umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu ya Dawidi, izina ry’iyo nkumi ni Mariya. 28#Abac 5:24.Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe. 29Ariko we ahagarika umutima cane w’iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iy’ ari yo. 30Umumarayika aramubgira, ati Nta co utinya, Mariya, kuk’ ugiriwe ubuntu n’Imana. 31#Abac 13:3; Yes 7:14; Mat 1:21-23.Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’ uz’ umwite YESU. 32#Yes 9:7; 2 Sam 7:12, 13, 16.Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi, 33#Mik 4:7; Dan 7:14.ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubgami bgiwe ntibuzogira iherezo. 34Mariya abaza umumarayika, at’ Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwa umugabo? 35#Kuv 13:12; Mat 1:18, 20.Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana. 36Kand’ umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y’umuhungu mu butāmakazi bgiwe, uwitwa ingumba uku n’ukwezi kwiwe kwa gatandatu: 37#Ita 18:14.kukw ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha. 38Mariya aramubgira, at’ Ehe nd’ umugurano w’Umwami Imana, bimbere ukw ijambo ryawe rivuzwe. Maz’ umumarayika ava ah’ ari, aragenda.
Mariya agendera Elisabeti, ashima Imana
39Mur’ iyo misi Mariya arikora, agenda yihuta, aja mu mugamba mu gisagara c’i Yudaya, 40yinjira mu nzu kwa Zakariya, aramukanya na Elisabeti. 41#Luk 1:15; Ita 25:22.Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera, 42#Gus 28:4; Abac 5:24.avuga n’ijwi rirenga, ati Mu bagore urahiriwe, n’imbuto yo mu nda yawe irahiriwe. 43Kand’ iki kimbereyekw iki, nyina w’Umwami wanje kuza aho ndi? 44Kukw ijwi ry’indamukanyo yawe ryinjiye mu matwi yanje, inda igakinagizwa muri jewe n’umunezero. 45#Luk 1:20; 11:28.Kandi hahirwa wewe wizeye, kukw ivyo wabgiwe n’Umwami Imana bizoshika. 46Mariya aravuga,
at’ Ubugingo bganje butazira Umwami Imana,#1 Sam 2:1-10.
47Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje:
48 # Luk 1:25; 1 Sam 1:11; Zab 113:5, 6; Luk 11:27. Kuko yabonye ubufafara bg’umugurano wayo,
Kand’ uhereye none, ab’ ibihe vyose bazonyita umuhirwa.
49 # Zab 111:9. Kukw Iy’ ubushobozi inkoreye ibikomeye,
Kand’ izina ryayo n’iryera.
50 # Zab 103:13, 17. Imbabazi zayo ziri ku bayubaha ku buzukuru no ku buzukuruza‐kuruza babo:
51 # Zab 89:10; 2 Sam 22:28. Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo,
Yasābagije abībona mu vyo biyumvira mu mitima yabo.
52 # Zab 147:6; Yob 12:19; 5:11; 1 Sam 2:7. Yirukanye abaganza ku ntebe zabo,
Yashize hejuru abafafara.
53 # 1 Sam 2:5; Zab 34:10; 107:9. Abashonje yabahāgije ivyiza,
Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.
54 # Yes 41:8; Zab 98:3. Yatabaye Isirayeli umusavyi wayo,
Maze ngw imbabazi zayo izibuke,
55 # Mik 7:20; Ita 17:7; 18:18; 22:17. Nk’uko yabgiye ba sogokuruza,
Kuzigirira Aburahamu n’uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira.
56Kandi Mariya amarana na we amezi nk’atatu, asubira i wabo.
Ukuvuka kwa Yohana Umubatizi
57Igihe co kuvyara kwa Elisabeti kirashika, avyara umuhungu. 58Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuk’ Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we. 59#Ita 17:12.Ku musi ugira umunani baza gukeba uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya. 60#Luk 1:13.Nyina arababgira, at’ Oya, ni yitwe Yohana. 61Baramubgira, bati Mu muryango wanyu kw ata witwa iryo zina. 62Bagereraniriza se, bamubaza ukw agomba ko yitwa. 63Yaka ico kwandikako, arandika, at’ Izina ryiwe ni Yohana. 64Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibūka, n’ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana. 65Ababanyi babo bose baterwa n’ubgoba: ayo majambo yose akwira mu mugamba wose w’i Yudaya. 66Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo, bati Mbe non’ uyo mwana azoba umuntu ki? Kuk’ ukuboko kw’Umwami Imana kwari kumwe na we.
Zakariya ashima Imana
67Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n’Imana,
68 # Luk 7:16; Zab 41:13; 72:18. at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli,
Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;
69 # 1 Sam 2:10; Zab 18:2; 132:17. Kand’ iduhagurukirije ihembe ry’agakiza
Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo,
70Nk’uko yavugiye mu kanwa k’abera yavugisha, bāhereye mbere na mbere,
71 # Zab 106:10. Ngw idukize abansi bacu n’amaboko y’abatwanka bose:
72 # Zab 105:8; 106:45; Ita 17:7; Lew 26:42. Kand’ igirire ba sogokuruza imbabazi,
Yibuke isezerano ryayo ryera,
73 # Ita 22:16, 17; Mik 7:20. Indahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu,
74 # Tit 2:12, 14. Kw izoduha gukizwa amaboko y’abansi bacu,
Tukayisenga ata bgoba,
75Tur’ abera tugororoka mu nyonga zayo imisi yacu yose.
76 # Mal 3:1; Mat 3:3. Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n’Īsumba vyose,
Kuk’ uzokwītangira imbere y’Umwami Imana gutegūra inzira ziwe:
77 # Yer 31:34. Kumenyesha abantu biwe agakiza,
Kw ar’ uguharirwa ivyaha vyabo,
78 # Guh 24:17; Yes 60:1, 2; Mal 4:2. Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu,
Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,
79 # Mat 4:16; Yes 9:2; 58:8. Ng’utambikire abicaye mu mwiza no mu gitūtu c’urupfu,
Urōngōrere ibirenge vyacu mu nzira y’amahoro.
80 # Mat 3:1. Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.

Attualmente Selezionati:

Luka 1: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi