Itanguriro 12
12
Ihamagarwa rya Aburamu
1 #
Ivyak 7:3; Heb 11:8. Uhoraho abarira Aburamu, ati Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka. 2#Ita 18:18; 1 Abam 3:8.Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe. 3#Ita 18:18; 22:18; 26:4; 27:29; 28:14; Kuv 23:22; Guh 24:9; Zab 72:17; Ivyak 3:25; Gal 3:8.Abazoguhezagira nzobahezagira, kand’ ūzokuvuma nzomuvuma: kandi muri wewe ni ho imiryango yose yo mw isi izohērwa umugisha.
4Nuko Aburamu aragenda, nk’ uk’ Uhoraho amubariye; Loti ajana na we. Aburamu yar’ amaze imyaka mirongwirindwi n’itanu igihe yava i Harani. 5#Ita 11:31.Aburamu ajana Sarayi umugore wiwe na Loti umuhungwabo, n’itunga ryabo ryose bari batungiye i Harani, bo n’abantu bāronkeyeyo; bavaho ngo baje mu gihugu c’i Kanani; nuko bashika i Kanani nyene. 6#Gus 11:30; Abac 7:1.Aburamu adwēbēra ico gihugu, ashika ahantu hitwa i Shekemu, ku giti c’umweloni ca More. Ico gihe Abanyakanani ni bo bāba mur’ ico gihugu. 7#Ita 13:15; 17:8; Kuv 33:1; Gus 34:4.Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse. 8#Heb 11:9.Arikora avayo, aja ku musozi wo ku ruhande rw’i burasirazuba rw’i Beteli, ahashinga amahema; i Beteli hasigara i burengerazuba bgiwe, i Hayi hakaba i burasirazuba bgiwe: na ho nyene ahubakira Uhoraho igicaniro, yambaza izina ryiwe. 9Nuko Aburamu akomeza kugenda aratāhīra, yerekeye i Negebu.#12:9 Negebu n’igihugu co ku ruhande rw’i bumanuko bg’i Kanani.
Aburamu asuhukira muri Egiputa
10Maz’ inzara itera mur’ ico gihugu: nuko Aburamu aramanuka, aja muri Egiputa, ngw asuhukireyo, kukw inzara yari nyinshi mur’ ico gihugu. 11Ari hafi gushika muri Egiputa, abarira Sarayi umugore wiwe, at’ Umve ndazi k’ur’ umugore w’igikundiro: 12#Ita 20:1-18.nukw Abanyegiputa ni bakubona, bazovuga, bat’ Uyo n’umugore wiwe, baheze banyice, nawe bakureke. 13Ndakwinginze, uz’ uvuge k’uri mushikanje, kugira ngo ndābge neza kubgawe, ubugingo bganje ubukirishe ivy’ uvuze. 14Nuko Aburamu ashitse muri Egiputa, Abanyegiputa babona yuk’ uwo mugore ari mwiza cane. 15#Est 2:16.Abamenyekana ba Farawo bamubonye, bamushimira Farawo: nuk’ uwo mugore ajanwa kwa Farawo. 16Farawo agirira Aburamu neza kubg’ uwo, aharonkera intama n’ inka n’indogoba z’amapfizi n’abagurano b’abahungu n’abakobga n’indogoba zivyara n’ingamiya. 17#Zab 105:14.Uhoraho ateza Farawo ivyago bihambaye, bo n’urugo rwiwe, amuhōra Sarayi muka Aburamu. 18Maze Farawo ahamagaza Aburamu, aramubaza, at’ Ico wankoreye ico n’iki? k’utāmbariye kw ar’umugore wawe? 19N’iki catumye uvuga kw ari mushikawe? nanje nkamujana nkamugira umugore wanje: nuko nguyo umugore wawe, mujane wīgīre. 20Farawo abarira abantu kumuherekeza, bamuherekezanya n’umugore wiwe n’ivyo yar’ afise vyose.
Attualmente Selezionati:
Itanguriro 12: RUN1967
Evidenziazioni
Condividi
Copia
Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967