Logo YouVersion
Icona Cerca

Amosi 8

8
Amosi yerekwa iteka Abisirayeli baciriweko
1Ibi ni vyo Umwami Uhoraho yanyeretse: ngize ntya, mbona igisimbo c’amatunda ahīshiye. 2#Yer 24:1; Int 4:18; Mik 7:1.Maz’ arambaza, at’ Ubonye iki ga Amosi? Nti Mbonye igisimbo c’amatunda ahīshiye. Maz’ Uhoraho arambgira, at’ Amateka y’abantu banje b’Abisirayeli arahīshishijwe; kandi sinzosubira kwirengagiza ivyabo ukundi. 3#Yer 16:4, 6; Am 5:23; 6:9, 10.Kur’ uwo musi indirimbo zo mu ngoro zizohinduka umuborogo, ni k’Umwami Uhoraho agize; imivyimba izoba myinshi: ahantu hose bazoyishiburira hanze mu gacerere. 4#Zab 14:4.Ni mwumve ibi, yemwe abagomba gusiribanga abakene, no kumara impahazwa zo mu gihugu, 5#Neh 13:15, 16; Ezk 45:10; Hos 12:7; Mik 6:10, 11.mukavuga, muti Mbeg’ imboneko z’ukwezi zizoshira ryari, ngo tubone kwishōrera amahonda, cank’ isabato, ngo tubone gutundurura ingano ngo tugure, ngo dutūvye ingero yitwa efa, tugwize shekeli, duhendanishe iminzane y’ibinyoma; 6#Am 2:6.ngo dushōre ifeza twigurire abarushwa, dushōre n’inkweto twigurire abakene, ngo dushōre n’ibihumbga vy’ ingano? 7#Hos 8:13.Uhoraho arahiye ubgiza bga Yakobo, ati N’ukuri nkazokwigera nibagira ivyo bākoze, haba na kimwe! 8#Hos 4:3; Zek 10:11.Mbeg’ ivyo ntibizotuma igihugu gihinda agashitsi, abari muri co bose bagacura umuborogo? Kizoteragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura; gisimbagurike, gisubire gihwāmīre nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa. 9#Mik 3:6; Mat 24:29.Maze kur’ uwo musi, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzorengesha izuba mu mashōka, nzane ubgirakabiri kw isi hakiri ku murango. 10#Yes 3:24; Yer 6:26; Hos 2:11.Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.
11 # Zab 74:9; Yes 8:20, 21; Mik 3:7. Eh’ imisi izoza, ni k’Umwami Uhoraho agize, nzotēza inzara mu gihugu, ntizoba ar’ inzara y’ivyo kurya cank’ inyota y’amazi, arikw izoba ar’ iyo kwumva amajambo yanje, jewe Uhoraho. 12#Am 4:8.Kandi bazonyavuta bakubite ku kiyaga baje ku kindi; bazojarajara bakubite n’i burārūko baje n’i burasirazuba, kugira ngo barondere ijambo ry’Uhoraho, yamara ntibazoribona. 13Kur’ uwo musi inkumi nziza‐nziza bo n’abasore bazorabikwa n’inyota. 14#1 Abam 12:29, 30; Ivyak 9:2.Abarahira ubuyobe bg’i Samariya, bati Nk’ ukw imana yawe ihoraho, ewe Dani; kandi bati Nk’uko bga bgirukiro bgawe bur’ aho, ewe Beri‐sheba: na bo nyene bazogwaho, ntibasubire kuvyuka ukundi.

Attualmente Selezionati:

Amosi 8: RUN1967

Evidenziazioni

Condividi

Copia

None

Vuoi avere le tue evidenziazioni salvate su tutti i tuoi dispositivi?Iscriviti o accedi