1
Matayo 21:22
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Kand’ ivyo muzosaba vyose musenze, mwizeye, muzobihabga.
Confronta
Esplora Matayo 21:22
2
Matayo 21:21
Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’ uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi, muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko.
Esplora Matayo 21:21
3
Matayo 21:9
Kand’ ishengero rimugiye imbere n’irimukurikiye rirasemerera, riti Hoziyana, mwana wa Dawidi, hashemezwe ūje mw izina ry’Uhoraho, hoziyana mw ijuru.
Esplora Matayo 21:9
4
Matayo 21:13
Arababgira, ati Handitswe ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.
Esplora Matayo 21:13
5
Matayo 21:5
ngo Mubgire umukobga w’i Siyoni, Muti Rāba, Umwami wawe aje kuri wewe, Ar’ umutekerezi, agendera ku ndogoba, Mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.
Esplora Matayo 21:5
6
Matayo 21:42
Yesu arababaza, ati Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?
Esplora Matayo 21:42
7
Matayo 21:43
Ni co gitumye mbabgira yuk’ ubgami bg’Imana muzobgakwa, bugahabga ihanga ryama imbuto zabgo.
Esplora Matayo 21:43
Home
Bibbia
Piani
Video