1
Yohana 14:27
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.
Bandingkan
Telusuri Yohana 14:27
2
Yohana 14:6
Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.
Telusuri Yohana 14:6
3
Yohana 14:1
Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.
Telusuri Yohana 14:1
4
Yohana 14:26
arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.
Telusuri Yohana 14:26
5
Yohana 14:21
Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.
Telusuri Yohana 14:21
6
Yohana 14:16-17
nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira, ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwākīra, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.
Telusuri Yohana 14:16-17
7
Yohana 14:13-14
Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana. Ni mwagira ico musaba mw izina ryanje, nzogikora.
Telusuri Yohana 14:13-14
8
Yohana 14:15
Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje
Telusuri Yohana 14:15
9
Yohana 14:2
I muhira kwa Data har’ amazu menshi, iy’ aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu.
Telusuri Yohana 14:2
10
Yohana 14:3
Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.
Telusuri Yohana 14:3
11
Yohana 14:5
Toma aramubgira, ati Mugenzi, ntituzi iy’ uja, dushobora dute kumenya inzira?
Telusuri Yohana 14:5
Beranda
Alkitab
Rencana
Video