Yohana Intangamarara
Intangamarara
Umwanditsi w’ubu Butumwa Bwiza ni intumwa Yohana, wa mwigishwa akaba n’umukunzi wa hafi ya Yesu. Ashobora kuba yanditse ubu butumwa ikinjana ca mbere kigiye kurangira. Yabwandikiye muri Efeso, igisagara kinini ca kera cane, cari ku gihugu ca Turukiya c’uno musi.
Uwu mwanditsi afata ko abasomyi basanzwe bazi amajambo n’ibikorwa vya Yesu vyanditswe mu bindi bitabu bitatu vy’Ubutumwa Bwiza, kuko agerageza kudasubiramwo kenshi ivyo Matayo, Mariko na Luka banditse. Ni we wenyene yavuze inyigisho zimwezimwe za Yesu n’ivyabaye mu buzima bwiwe bimwebimwe, nk’aho yariko agerageza kuvuga ivyo abandi bashobora kuba batavuze. Ashaka kwemeza abantu ko uwo mugabo yabaye muri Isirayeli ari we Kristo Abisirayeli bari biteze, Umwana w’Imana yabazaniye ubugingo, Umukiza w’isi (4:42).
Igitandukanya igitabu c’Ubutumwa Bwiza uko bwanditswe na Yohana n’ibindi bitabu vy’Ubutumwa Bwiza ni ukugene ashimikira ku kwerekana ubuzima bw’Umwami Yesu. Ubwo buzima na bwo burangwa n’uguhangana kwagenda kurongerekana hagati yiwe n’abamugwanya. Kuva Yesu amaze gutangura gukorera ku mugaragaro, abamwumviriza bavyakiriye ugutandukanye. Hari abamwumviriza bakamukurikira, abandi bagatangara, abandi bakamwidogera (1–4). Mu nyuma Yesu aboneka acirwa urubanza n’abakuru b’Abayuda (5–12). Uwavuga ko yaje gushingira intahe ivyo yabonye n’ivyo yumvise ku Mana (3:32), avuga ko arengeye icabona: yemeza ko ari Ubugingo butanga umwidegemvyo, Umuco ukura abantu mu mwijima, Ukuri gukura mu abantu kinyoma, muri make: Umwami Imana.
Amaze kuvuga ivyo, hari hasigaye kumucira urubanza canke kumwizera. Benshi basemerera bavuga ko ariko atuka Imana, ariko abatari bake barizeye iyo ntumwa idasanze: Mwami, twokuvako tugakurikira nde? Erega wewe ufise amajambo atanga ubugingo budashira (6:68).
Uruhagarara rwaranze imyaka itatu yamaze akora igikorwa ciwe rwarangiye aciriwe urubanza rutagira ishingiro, aruciriwe n’abantu (13–19). Ariko uwo nyene abatizera bishe Imana yaramuzuye mu bapfuye. Yarerekanye ko ata caha camwagira kandi ko amajambo yavuze yari ay’ukuri. Ni co gituma Toma, amaze kubona ivyemeza, yasemereye amuhimbaza ati: “Mwami wanje, Mana yanje!” (20:28). Yohana asaba abasoma ubutumwa bwiwe gukora nk’uko Toma yakoze. Arangiza avuga ati: …ibi vyanditswe kugira ngo mwizere ko Yesu ari Kristo, Umwana w’Imana, kandi kugira ngo mumaze kwizera muronke ubugingo mw’izina ryiwe (1:8).
હાલમાં પસંદ કરેલ:
Yohana Intangamarara: BKC
Highlight
શેર કરો
નકલ કરો
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.