Itanguriro 1

1
Imana irema ijuru n’isi n’ibirimwo vyose
1 # Yob 38:4-7; Yes 42:5; 45:18; Yoh 1:3; Kol 1:16; Heb 1:10; 11:3; Ivyah 4:11. Ubga mbere na mbere Imana yaremye ijuru n’isi. 2#Yer 4:23.Isi yar’ ikir’ i buziba, yarik’ ubusa gusa, kand’ umwiza war’ upfutse idamba: kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’amazi. 3#2 Kor 4:6.Imana iravuga, iti Ni habeh’ umuco: umuco ubaho. 4Imana ibona umuco kw ari mwiza: iraheza itandukanya umuco n’umwiza. 5Imana yita umuco umurango, umwiza iwita ijoro. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi wa mbere.
6 # Yob 37:18; Zab 33:6; Yer 10:12. Imana iravuga, iti Ni habeh’ itāzānure hagati y’amazi, ritandukanye amazi n’ayandi. 7Imana iraritāzānura, itandukanya amazi yo musi y’itāzānure n’ayo hejuru yaryo: biba kuno. 8Maz’ iryo tāzānure Imana iryita Ijuru. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kabiri.
9 # Yob 38:8, 10, 11; Zab 33:7; 95:5; Yer 5:22. Imana iravuga, it’ Amazi yo musi y’ijuru n’akoranire hamwe, i musozi na ho ni haboneke: biba kuno. 10Maz’ i musozi Imana ihita Isi, ikoraniro ry’amazi na ryo iryita Ibiyaga: Imana ibona kw ari vyiza. 11#Zab 104:14.Imana iravuga, it’ Isi n’imere ivyatsi, n’ibimera vyose vyama utubuto, n’ibiti vyama ivyamwa vyavyo ukw amoko yavyo ari, birimw’ imbuto zavyo, kw isi nyene: biba kuno. 12Nukw isi imera ivyatsi n’ibimera vyose vyama utubuto ukw amoko yavyo ari, n’ibiti vyama ivyamwa birimw’ imbuto zavyo, ukw amoko yavyo ari: nukw Imana ibona kw ari vyiza. 13Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatatu.
14 # Zab 104:19; Yer 10:2; Yow 2:30, 31; Mat 24:29; Luk 21:25. Imana iravuga, iti Mw itāzānure ry’ijuru ni habeh’ ivyāka vyo gutandukanya umurango n’ijoro; bibēreho kuba ibimenyetso, no kwerekana ibihe, n’imisi n’imyaka: 15kandi bibe ivyāka vyo mw itāzānure ry’ ijuru vyo kwākira isi: biba kuno. 16#Gus 4:19; Zab 136:7-9.Imana irema ivyāka bibiri binini, icaka kinini co kuganza umurango, n’icaka gitoya co kuganza ijoro, bo n’inyenyeri. 17Imana ibishira mw itāzānure ry’ijuru kugira ngo vyākire isi, 18#Yer 31:35.biganze umurango n’ijoro, bitandukanye umuco n’umwiza; Imana ibona kw ari vyiza. 19Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira kane.
20Imana iravuga, iti Mu mazi ni hasegenyuke isegenya ry’ibifise ubugingo, kand’ ibiguruka ni biguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru. 21#Zab 104:25, 26.Imana irema ibifi binini‐binini, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda, ivyasegenyutse mu mazi, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibiguruka vyose bifise ivyubi, ukw amoko yavyo ari: Imana ibona kw ari vyiza. 22Imana irabihezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure mu mazi yo mu biyaga, n’ ibiguruka ni bigwire mw isi. 23Buragoroba, buraca: uwo n’ umusi ugira gatanu.
24Imana iravuga, it’Isi n’izane ibiri n’ubugingo, nk’ukw amoko yavyo ari, vy’ ibitungano n’ivyikwega hasi n’ibikōko vyo mw isi, nk’ukw amoko yavyo ari: biba kuno. 25Nukw Imana irema ibikōko vyo mw isi, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibitungano, nk’ukw amoko yavyo ari, n’ivyikwega hasi vyose, nk’ukw amoko yavyo ari: Imana ibona kw ari vyiza. 26#Ita 3:22; 5:1; 9:6; 11:7; Zab 8:6-8; Yes 6:8; Yak 3:7, 9.Imana iravuga, iti Tureme umuntu mw ishusho yacu, ase natwe: aganze amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ ibitungano, n’isi yose, n’ivyikwega vyose, bigenda bikwega inda hasi. 27#Mal 2:14, 15; Mat 19:4; Mrk 10:6; 1 Kor 11:7; Ef 4:24; Kol 3:10.Nukw Imana irema umuntu mw ishusho yayo, mw ishusho y’Imana ni ho yamuremye; irema abantu bar’ uburyo bubiri. 28#Ita 9:1, 7; Lew 26:9; 1 Tim 4:3.Maz’ Imana irabahezagira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi. 29#Yob 36:31; Zab 104:14, 15; 145:15, 16.Imana irababgira, it’Ehe ndabahaye ivyatsi vyose vyama utubuto biri kw isi yose, n’igiti cose cama ivyamwa birimw’ imbuto zavyo: bibabere ivyo kurya vyanyu. 30#Zab 104:27, 28; 147:9.Kand’ ibikōko vyose vyo kw isi, n’ibiguruka mu kirere vyose, n’ivyikwega hasi vyose birimw’ ubugingo, mbihaye ivyatsi bitotahaye vyose, ngo bibe ivyo kurya vyavyo: biba kuno. 31#Zab 104:24; 1 Tim 4:4.Nukw Imana yihweza ivyo yaremye vyose, kandi vyari vyiza cane. Buragoroba, buraca: uwo n’umusi ugira gatandatu.

اکنون انتخاب شده:

Itanguriro 1: RUN1967

های‌لایت

به اشتراک گذاشتن

کپی

None

می خواهید نکات برجسته خود را در همه دستگاه های خود ذخیره کنید؟ برای ورودثبت نام کنید یا اگر ثبت نام کرده اید وارد شوید