Matayo 20
20
Umugani w’abakozi bo mu murima
1 Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umuntu yari afise umurima w’uruzabibu, hanyuma azinduka kare aja kurondera abakozi bamukorera muri uwo murima. 2Maze bumvikana ko aja kubahemba idenariyo imwe#20:2 Iyo yari ingero y’umukozi ku musi kuri uwo musi, hanyuma arabarungika mu ruzabibu rwiwe.
3 Nk’isaha zitatu zo mu gitondo, arongera aragenda abona abandi bahagaze mu mayirabiri ata co bariko barakora. 4Arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje, ndabaha impembo mukwiranye.’ 5Maze baja mu murima wiwe.
Nyene umurima yongera aragenda nk’isaha zitandatu n’isaha icenda, akora kwa kundi nyene. 6Nk’isaha icumi n’imwe z’umugoroba, aragenda abona abandi bahagaze ata co bariko barakora. Ababaza ati: ‘Ni kuki umusi wose uheze muhagaze ngaho ata co muriko murakora?’
7 Baramwishura bati: ‘Ni kubera twabuze uwuduha ico dukora.’
Na we arababwira ati: ‘Namwe nimugende mukore mu murima wanje.’
8 Bugorovye, nyene umurima abwira uwujejwe ubutunzi bwiwe ati: ‘Hamagara abakozi ubahembe, uhereye ku baje ubwa nyuma, uhereze ku baje ubwa mbere.’
9 Abakoze kuva isaha icumi n’imwe z’umugoroba, bahembwa idenariyo imwe. 10Maze abahawe igikorwa ubwa mbere baza guhembwa bazi ko baronka menshi kurusha. Ariko na bo nyene bahembwa idenariyo imwe. 11Abo bamaze guhembwa baca bidodombera nyene umurima, 12bavuga bati: ‘Abakoze isaha imwe ubahemba co kimwe natwe twiriwe turakora ku ruzuba ruri aho!’
13 Ariko nyene umurima abwira umwe muri bo ati: ‘Mugenzi, nakurenganije? Mbega ntiwari wemeye gukorera idenariyo imwe? 14Akira rero ingero yawe utahe. Nahisemwo kugerera urya nahaye akazi ubwa nyuma ingero ingana n’iyawe. 15Mbega simfise uburenganzira bwo gukoresha amahera yanje ico ngomba? Canke ubabajwe n’uko nagize umutima mwiza ku bandi?’
16 Abari inyuma bazoba ab’imbere, kandi abari imbere bazoba ab’inyuma.”
Yesu amenyesha ubugira gatatu ivy’urupfu rwiwe
17Yesu ariko aduga aja i Yerusalemu, afata ba bigishwa cumi na babiri arabihereranya, ababwira ati: 18“Ehe, tuduze i Yerusalemu, kandi Umwana w’Umuntu azotangwa ku bakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa, 19hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”
Ivyo nyina wa Yakobo na Yohana yasavye
20Hanyuma nyina wa Yakobo na Yohana bene Zebedayo, aza aho Yesu ari azananye n’abo bahungu biwe babiri, apfukama imbere yiwe amwubashe cane, amusaba.
21Yesu aramubaza ati: “Wipfuza iki?”
Na we aramwishura ati: “Ndagusavye, mu Bwami bwawe, uze utegeke ko aba bahungu banje bicarana nawe, umwe i buryo bwawe, uwundi i bubamfu bwawe.”
22Yesu arabishura ati: “Ntimuzi ico muriko murasaba. Mbega mwoshobora kunywa ku gikombe c’imibabaro ngiye kunywako?”
Baramwishura bati: “Egome twobishobora.”
23Yesu arababwira ati: “Ni ivy’ukuri ko muzonywa ku gikombe canje. Ariko, ku vyerekeye kwicara i buryo canke i bubamfu bwanje si jewe ndabitanga. Ivyo bibanza ni ivy’abo Data yabiteguriye.”
24Bamwe cumi bandi bavyumvise, bashavurira abo bahungu babiri bavukana. 25Yesu aca arabahamagara bose, ababwira ati: “Murazi ko abatware b’Abanyamahanga babatwaza umukazo, kandi ko ababaganza babacinyiza. 26Ariko muri mwebwe si ko bikwiye kumera. Ahubwo, uwushaka kuba umukuru muri mwebwe, ategerezwa kuba umukozi wanyu, 27kandi uwushaka kuba uwa mbere ategerezwa kuba umugurano wanyu; 28kuko n’Umwana w’Umuntu ntiyazanywe no gukorerwa, ahubwo yazanwe no gukorera abandi no gutanga ubuzima bwiwe ngo bube incungu ya benshi.”
Yesu ahumura impumyi zibiri
29Yesu n’abigishwa biwe bariko barava mu gisagara c’i Yeriko, abantu isinzi baramukurikira. 30Hafi y’inzira, hari impumyi zibiri zari zicayeho. Zumvise ko Yesu azananye iyo nzira, zitangura gusemerera n’ijwi rirenga ziti: “Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!”
31Abantu bari aho barabazibiza ngo bahore, ariko bo barushiriza gusemerera bati: “Mwami, Mwana wa Dawidi, tugirire imbabazi!”
32Yesu aca arahagarara, arabahamagara, ababaza ati: “Mushaka ko ndabakorera iki?”
33Baramwishura bati: “Mwami, twipfuza kubona.”
34Yesu abumvira ikigongwe, aca abakora ku maso; ubwo nyene baca barahumuka baramukurikira.
Actualmente seleccionado:
Matayo 20: BKC
Destacar
Compartir
Copiar
¿Quieres guardar tus resaltados en todos tus dispositivos? Regístrate o Inicia sesión
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.