Logo de YouVersion
Ícono Búsqueda

Luka 17

17
Ibitsitaza abantu
1Kand’ abgira abigishwa biwe, at’ Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, arik’ ūbizana azobona ibara. 2#Mat 18:6, 7.Ivyoba vyiza n’uko yohambīrirwa urusyo ruremereye kw izosi, agatererwa mu kiyaga, hakw atsitaza n’umwe mur’ aba bato. 3#Mat 18:15.Mwirinde; mugenzawe ni yakora icaha, umuhanūre; ni yihana, umuharire. 4#Mat 18:21, 22.Kandi ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira ibihetangabo ndwi, akubgira, ati Ndihannye; uz’ ubimuharire.
Ivyo kwizera
5 # Mrk 9:24. Kandi za ntumwa zibgira Umwami Yesu, ziti N’utwongere ukwizera. 6#Mat 17:20; 21:21.Umwami arabishura, ati Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.
7Ariko ni nde muri mwebge afise umugurano amurimira cank’ amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira, ati Ngwino n’ingoga wicare urye? 8Ariko ntiyomubarira, at’ Arura ivyo kurya vyanje, ukenyere, ungaburire, gushitsa aho mpereza kurya no kunywa, nawe hanyuma ubone kurya no kunywa? 9Mbeg’ akengurukira uwo mugurano kuko yakoze ivyo yamugezeko? 10Abe ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge, muti Tur’ abagurano b’imburakimazi, twakoze ivyo dukwiye gukora gusa.
Yesu akiza abanyamibembe cumi
11 # Luk 9:51; 13:22. Maze bari mu nzira baja i Yerusalemu, aca hagati y’i Samariya n’i Galilaya. 12#Lew 13:45, 46.Ashitse mu mihana, asanganirwa n’abanyamibembe cumi, bahagarara kure, 13baratabaza cane, bati Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi. 14#Luk 5:14; Lew 13:49; 14:2, 3.Ababonye arababgira, ati Ni mugende, mwiyereke abaherezi. Bariko baragenda barakira, barahumanuka. 15Umwe muri bo, abonye akize, agaruka ahimbaza Imana n’ijwi rirenga; 16yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya. 17Yesu arabaza, ati Ntibahumanutse bose ukw ar’ icumi? Abandi cenda bari hehe? 18Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atar’ uyu munyamahanga? 19#Luk 7:50.Kand’ aramubarira, ati Va hasi, ugende; ukwizera kwawe kuragukijije.
Ibizoba mu gihe c’iherezo
20 # Yoh 18:36; 3:3. Abafarisayo bamubajije igihe ubgami bg’Imana buzozira, arabishura, at’ Ubgami bg’Imana ntibuzoza bgerekanwa, 21#Mat 24:23; Yoh 1:26; 12:35.kandi ntibazovuga, bat’ Ehe ngubu: canke bati Nguburiya; kuk’ ubgami bg’Imana buri muri mwebge.
22Abgira abigishwa biwe, ati Hazoza imisi muzokwifurizamwo kubona umusi umwe musa w’Umwana w’umuntu, ntimuzowubona. 23#Luk 21:8.Kandi bazobabgira, bat’ Ehe nguriya: canke bat’ Ehe nguyu. Ntimuze mujeyo, kandi ntimubakurikire. 24#Mat 24:26, 27.Kuko nk’uk’ umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni k’Umwana w’umuntu azoba ku musi wiwe. 25#Luk 9:22.Arikw akwiye kuzobanza kubabazwa uburyo bginshi no kwankwa n’ab’ iki gihe. 26#Mat 24:37-39.Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y’Umwana w’umuntu: 27#Ita 7:7-23.bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, umwuzure ukaza ukabahonnya bose. 28#Ita 18:20.No mu misi ya Loti vyabaye birtyo: bārarya, bāranywa, bāradandaza, bāragura, bāratera, bārubaka; 29#Ita 19:24, 25.maz’ umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku biratibuka bivuye mw ijuru, birabahonnya bose. 30Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu azoserukirako. 31#Mat 24:17, 18; Ita 19:26.Uwo musi, ūzoba ari hejuru ku nzu, ibintu vyiwe biri mu nzu, ntaze yururutswe no kubisahura, n’ūri mu mirima n’uko, ntaz’ asubire inyuma. 32Mwibuke muka Loti. 33#Luk 9:24.Ūzogerageza gukiza ubugingo bgiwe azobubura; arik’ ūzoheba ubugingo bgiwe azoburokora. 34Ndababgire, Mur’ iryo joro abantu babiri bazoba ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe; 35#Mat 24:40, 41.ah’ abagore babiri bazoba bariko barasēra hamwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe; [36aho babiri bazoba mu mirima, umwe azojanwa, uwundi arekwe.] 37#Yob 39:30; Mat 24:28.Baramubaza, bati Bizoba hehe ga Mushingantahe? Arabishura, at’ Ah’ umuvyimba uri hose, ni ho ibinyakabaka bizokoranira.

Actualmente seleccionado:

Luka 17: RUN1967

Destacar

Compartir

Copiar

None

¿Quieres guardar tus resaltados en todos tus dispositivos? Regístrate o Inicia sesión