Logo de YouVersion
Icono de búsqueda

Matayo 10

10
Yesu atuma abigishwa cumi na babiri
1Yesu ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye no gukiza ubumuga bwose n’ingwara zose.
2Aya ni yo mazina y’abigishwa biwe cumi na babiri:
uwa mbere ni Simoni, yongera akitwa Petero, hamwe na mwene nyina Andereya,
hagakurikira Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana;
3hanyuma hakaza Filipo na Baruteremi;
hagasubira Toma na Matayo umutozakori;
Yakobo mwene Alufayo, na Tadeyo;
4Simoni Umuzelote, na Yuda Isikariyote umwe yamugurisha.
5Abo cumi na babiri Yesu arabarungika, ababwiye ati: “Ntimuje mu Banyamahanga canke ngo mwinjire mu bisagara vy’i Samariya. 6Ariko, mugende mu ntama zazimiye za Isirayeli. 7Mugende muravuga ubu butumwa muti: ‘Ubwami bw’ijuru buri hafi.’ 8Mukize abarwaye, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.
9 Ntimwitwaze inzahabu canke ifeza mu mifuko yanyu. 10Ntimwiremereze amasakoshi y’impuzu canke ibirato vyo gukuranya; mbere ntimwitwaze n’inkoni yo kwishimikiza. Kandi, ntimwanke guhabwa indaro, kuko umukozi wese aberwa n’impembo. 11Igisagara cose canke imihana muzokwinjiramwo, muze murondere uwemera kubakira hanyuma muze mugume mu nzu iwe. 12Nimwinjira muri iyo nzu, muze muyiramutse muyihezagira. 13Niyaba ibikwiye, umuhezagiro wanyu uze ube kuri yo; niyaba itabikwiye, umuhezagiro wanyu uzogumana namwe. 14Aho bazokwanka kubakira no kwumviriza amajambo muvuga, muze mukunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, maze muve muri iyo nzu canke muri ico gisagara. 15Ndababwire ukuri: ku musi w’imanza, ibihugu vya Sodomu na Gomora bizogira agahengekerezo kurusha ico gisagara.
16 Ndabarungitse nk’intama mu bikoko vy’inkazi. None rero, mwiyubare nk’inzoka kandi mwitonde nk’inuma. 17Mumenye neza ko bazobashengeza imbere y’ubucamanza kandi ko bazobakubitira mu masinagogi. 18Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo munshingire intahe imbere yabo n’imbere y’Abanyamahanga. 19Nibabafata, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga n’uburyo muzobivuga. Ako kanya nyene, muzohabwa ivyo mukwiye kuvuga, 20kuko mutazovuga ivyo mwigeneye, ariko muzovuga ivyo muhawe na Mpwemu wa So azoba abavugiramwo.
21 Umuntu azotanga uwo bavukana ngo bamwice, n’umuvyeyi agirire umwana wiwe uko. Abana bazogarariza abavyeyi babo banabicishe. 22Muzokwankwa n’abantu bose babampora. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokira. 23Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.
24 Umwigishwa ntaruta umwigisha, n’umukozi ntaruta shebuja. 25Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!
26 Nuko rero, ntimubatinye, kuko ata cagizwe ibanga kitazomenyekana kandi ata canyegejwe kitazonyegururwa. 27Ivyo ndababwirira ahatabona, mubivugire ahabona; ivyo ndabongorera mu matwi, mubivugire hejuru ku mazu. 28Ntimugatinye abashobora kwica umubiri ariko badashobora kwica ubugingo. Ahubwo, mutinye Imana, yo ishobora guhonya ubugingo n’umubiri, ikabita muri Gehinomu. 29Mbega utunyoni tubiri ntitugurwa hafi ubusa bw’amahera? Ariko nta na kamwe muri two gakorokera hasi So wo mw’ijuru atavyemeye. 30Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. 31Mweho rero, ntimugire ubwoba; kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
32 Umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, nanje nzomwemanga imbere ya Data wo mw’ijuru. 33Ariko umuntu wese azonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere ya Data wo mw’ijuru.
34 Ntimwiyumvire ko naje nzanye amahoro kw’isi! Haba na mba! Sinazanye amahoro, ahubwo nazanye intambara; 35kuko naje gutuma
‘umuhungu agwanya se,
umukobwa agwanya nyina,
umukazana agwanya inabukwe.
36 Abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo iwe.’ # 10:36 Mika 7:6
37 Umuntu wese akunda se canke nyina akabandutisha ntankwiriye; uwukunda umuhungu wiwe canke umukobwa wiwe akamundutisha uwo na we nyene ntankwiriye. 38Umuntu wese atikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire ntankwiriye. 39Umuntu wese agerageza kwironkera ubuzima azobubura, ariko uwubutanga ku bwanje azoburokora.
40 Umuntu wese abakiriye aba anyakiriye, kandi unyakiriye azoba yakiriye uwantumye. 41Umuntu wese yakiriye umuvugishwa kuko ari umuvugishwa w’Imana, azohabwa ingero ihwanye n’iy’umuvugishwa. Kandi umuntu azokwakira umugororotsi w’Imana kuko agororotse, azohabwa ingero nk’iy’umugororotsi. 42Nihagira umuntu aha umuntu mutoya mu bigishwa banje igikombe c’amazi apfutse kuko ari umwigishwa wanje, ndababwije ukuri ko atazobura kubihererwa impera.”

Actualmente seleccionado:

Matayo 10: BKC

Destacar

Compartir

Copiar

None

¿Quieres tener guardados todos tus destacados en todos tus dispositivos? Regístrate o inicia sesión