Logo de YouVersion
Icono de búsqueda

Matayo 9

9
Yesu akiza umuntu amugaye
1Maze Yesu atambukira mu bwato, ajabuka hakurya y’ikiyaga aja mu gisagara c’iwabo. 2Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”
3Bamwe mu bigisha b’ivyagezwe baravugana bati: “Uwo mugabo atutse Imana!”
4Yesu amenye ivyo biyumviriye, aca ababwira ati: “Ni igiki kibateye kwiyumvira nabi mu mitima yanyu? 5Mbega icoroshe ni uko novuga nti: Ivyaha vyawe urabihariwe, canke ni uko novuga nti: Haguruka ugende? 6Ariko nshaka ko mutahura ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Nuko abwira uwo muntu amugaye ati: “Haguruka, ikorere ikirago cawe, witahire.” 7Uwo muntu aca arahaguruka arataha. 8Abantu babibonye, bagira ubwoba, hanyuma bahimbaza Imana yahaye umuntu ububasha bungana gutyo.
Yesu ahamagara Matayo
9Yesu avuye aho, abona umutozakori yitwa Matayo yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira.” Matayo aca ava hasi, aramukurikira.
10Mu nyuma, Matayo atumira Yesu n’abigishwa biwe i muhira iwe kugira ngo abazimane, atumira kandi n’abatozakori hamwe n’abandi banyavyaha ngo basangire. 11Ariko Abafarisayo babibonye, babaza abigishwa biwe bati: “Ni kuki umwigisha wanyu asangira n’abatozakori n’abandi banyavyaha?”
12Yesu avyumvise aravuga ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukeneye. 13Nimugende mwige iri jambo ico rivuga: ‘Nshaka ko mugira imbabazi kuruta kumpa ibimazi.’#9:13 Hoseya 6:6 Kuko sinaje kurondera abiyumvira ko bagororotse, ahubwo naje kurondera abemera ko ari abanyavyaha.”
Babaza Yesu ivyerekeye kwisonzesha
14Abigishwa ba Yohana Umubatizi baraza baramubaza bati: “Ni kuki twe n’Abafarisayo twisonzesha kenshi, ariko abigishwa bawe ntibisonzeshe?”
15Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bogandara bakiri kumwe na we? Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.
16 Nta wofata igitambara gishasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire, kuko ico gitambara cotuma ya mpuzu y’umushire itabuka rwose. 17Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urushato ushaje, kuko uwo muvinyu wotuma uwo mukuza umeneka; hanyuma akabura umuvinyu n’umukuza. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha, ni ho vyompi bizigamwa.”
Yesu azura umwana, akiza n’umugore arwaye
18Akiriko aravuga ivyo, haza umukuru w’isinagogi#9:18 isinagogi yari inyubakwa canke ikibanza co gusengeramwo, kwigishirizamwo, n’ibindi. apfukama imbere yiwe amubwira ati: “Umwana wanje w’umukobwa ahejeje gupfa, ariko woza ukamurambikako ibiganza, yosubira akaba muzima.” 19Yesu aca arahaguruka ajana na we n’abigishwa biwe.
20Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. 21Kuko yari yiyumviriye ati: “Naho nokora ku mpuzu yiwe gusa, nokira.”
22Yesu arahindukira, amubonye aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.
23Yesu ashitse mu nzu kwa wa mukuru w’isinagogi, abona abantu bavuza imyironge n’isinzi ry’abantu bavuza induru. 24Arababwira, ati: “Nimusohoke. Uwu mwana ntiyapfuye, arasinziriye.” Ariko, abo bantu baramushinyagurira. 25Bamaze gusohoka, arinjira amufata ukuboko, wa mwana aca aravyuka. 26Inkuru y’ico gitangaza ica ikwira hose muri iyo ntara.
Yesu akiza impumyi zibiri n’ikiragi
27Yesu avuye aho, impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti: “Tugirire imbabazi Mwana wa Dawidi!”
28Ashitse mu nzu, za mpumyi ziramwegera; hanyuma arazibaza ati: “Murizeye ko nobahumura?”
Ziti: “Egome Mwami, turavyizeye.”
29Nuko azikora ku maso avuga ati: “Bibabere nk’uko mwizeye.” 30Maze amaso yabo aca arahumuka. Yesu arabihanikiriza ati: “Mwiyubare, ntihagire umuntu n’umwe abimenya.” 31Ariko bo, basohotse baca bakwiragiza inkuru ziwe muri iyo ntara yose.
32Inyuma y’ivyo, baca bamuzanira umuntu aboshwe n’umudayimoni amutera kuba ikiragi. 33Yesu aca yirukana iyo dayimoni; imuvuyemwo aca aravuga. Abantu babibonye baratangara, bavuga bati: “Ntihari bwaboneke ibisa n’ibi muri Isirayeli.”
34Ariko Abafarisayo bo baravuga bati: “Umukuru w’abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”
Yesu aterwa ikigongwe n’abantu
35Hanyuma Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose yigisha mu masinagogi yabo, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami, akiza ubumuga bwose n’ingwara zose. 36Abonye abantu, bamutera ikigongwe; kuko bari bagowe, batagira uwubatabara, mbere bameze nk’intama zitagira umwungere. 37Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ivyimburwa ni vyinshi, ariko abimbuzi ni bake. 38Nimwinginge nyene ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.”

Actualmente seleccionado:

Matayo 9: BKC

Destacar

Compartir

Copiar

None

¿Quieres tener guardados todos tus destacados en todos tus dispositivos? Regístrate o inicia sesión