YouVersion Logo
Search Icon

Filipi 2

2
Ukugira kamere ka Kristo
1Nimba hari ukuremeshwa muronka muri Kristo, nimba hari ukwirurwa kuva mu rukundo rwiwe, nimba hari ugufatanya muri Mpwemu, nimba hari ubugwaneza n’impuhwe, 2nimwuzuze umunezero wanje mu kugira umutima umwe n’urukundo rumwe, muhuje umutima n’inama mu vyiyumviro no mu ntumbero. 3Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere. 4Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
5Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:
6We, naho yari Imana,
ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.
7Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe,
yambara ishusho y’umugurano,
acika uwusa n’abantu.
8Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu,
yicisha bugufi,
aragamburuka gushika no ku rupfu,
mbere urupfu rwo ku musaraba.
9Ni co catumye Imana imushira hejuru cane,
imuha izina rirengeye ayandi mazina yose
10kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame,
ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,
11kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami,
kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.
Mube umuco w’isi
12Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo, 13kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.
14Mukore vyose mutidodomba kandi mudaharira, 15kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru. 16Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa. 17Kandi naho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa ku kimazi, ari vyo bikorwa biva mu kwizera kwanyu, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese. 18Kandi namwe mukwiye kunezeranwa nanje.
Ivya Timoteyo na Epafurodite
19Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu. 20Nta wundi n’umwe mfise abitwararitse vy’ukuri nka we. 21Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo. 22Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi. 23Nizigiye kuzoca ndamubarungikira maze kubona uko ivyanje bizoba vyifashe. 24Kandi nanje nizeye ko Umwami azonshoboza kubagendera vuba.
25Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye. 26Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yarwaye. 27Ni vyo yararwaye ahakwa no gupfa, ariko Imana yamugiriye ubuntu nk’ubwo yangiriye, kugira ngo sinicwe no kugira umubabaro ukurwa n’uwundi. 28Ni co gituma nezerewe cane no kumubarungikira, kugira ngo nimwamubona muze munezerwe, nanje nsubize umutima mu nda ku bwanyu. 29Mumwakire mu Mwami n’umunezero mwinshi, mumuhe icubahiro kibereye abantu nka we, 30kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.

Currently Selected:

Filipi 2: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in