YouVersion Logo
Search Icon

Luka 12

12
Yesu agabisha abantu yongera abatera intege
1Muri ako kanya nyene, abantu ibihumbi n’ibihumbi bariko baragwirirana, gushika aho ata waronka aho ahonyora. Yesu aca atangura kubigisha ahereye ku bigishwa biwe, abagabisha ati: “Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ari bwo buryarya. 2Nta cagizwe ibanga kitazomenyekana, kandi nta canyegejwe kitazonyegururwa. 3Ivyo mwavugiye ahatabona bizokwumvikanira ahabona, kandi ivyo mwongoreraniye mu vyumba abantu bazobivugira hejuru ku mazu basemerera.
4 Bagenzi banje, umve ndababwire: ntimugatinye abica umubiri ariko inyuma y’ivyo ata kindi bashobora kubagira. 5Ariko ngira ndababwire uwo mukwiye gutinya: mutinye Imana yo ishobora kwica umubiri, ikagira n’ububasha bwo kuwuta mu muriro wa Gehinomu. Ndababwiye ukuri, abe ari yo mutinya. 6Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa ubusa bw’amahera? Ariko Imana ntiyibagira na kamwe muri two. 7Mbere n’imishatsi yo ku mitwe yanyu yaraharuwe yose. Nuko rero ntimutinye, kuko musumvya agaciro utunyoni twinshi.
8 Ndababwire ukuri, umuntu wese azonyemanga imbere y’abantu, Umwana w’Umuntu na we azomwemanga imbere y’abamarayika b’Imana. 9Ariko uwuzonyihakana imbere y’abantu, nanje nzomwihakana imbere y’abamarayika b’Imana. 10Kandi umuntu wese atuka Umwana w’Umuntu azobiharirwa, ariko uwutuka Mpwemu Yera ntazobiharirwa.
11 Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga. 12Mpwemu Yera azobaha ivyo mukwiye kuvuga ako kanya nyene.”
Umugani w’umutunzi w’igipfu
13Umwe mu bari ngaho abwira Yesu ati: “Mwigisha, mbwirira uwo tuvukana yemere tugabure ivyo twarazwe.”
14Yesu aramwishura ati: “Ni nde yangize umucamanza wanyu n’umuhagarikizi wo kubagaburira ivyanyu?” 15Aca ababwira ati: “Mube maso, mwirinde guhahamira ivy’isi, kuko ubuzima bw’umuntu ntibuhagaze kw’itunga ryinshi afise.”
16Aca abacira umugani ati: “Habaye umugabo w’umutunzi yarimye itongo ryiwe aronka umwimbu mwinshi cane. 17Aribwira ati: ‘Mbega nkore iki ko mbuze aho nkwiza umwimbu wanje?’
18 Aca yigira inama ati: ‘Reka ndabigenze gutya: ndasambura ibigega vyanje hanyuma nubake ibibiruta. Aho ni ho noronka aho mbika ingano zanje n’ubundi butunzi. 19Hanyuma mpeze mbwire umutima wanje nti: “Mutima wanje, icara uruhuke, urye, unywe, unezerererwe ubuzima, kuko ufise ibizogutunga imyaka myinshi.” ’
20 Ariko Imana iramubarira iti: ‘Wa gipfu we, iri joro nyene ubuzima bwawe urabwakwa. None ivyo waruhiye bizoba ivya nde?’
21 Uko ni ko bizogenda kuri abo bose biyegeraniriza ubutunzi bwabo ariko badatunze mu buryo bw’Imana.”
Ntimukiganyire
22Yesu aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gituma ndababwira nti: ntimukiganyire kubera ivyokurya mukeneye kugira ngo mubeho; canke ivyo kwambara imibiri ikeneye. 23Ubuzima buraruta cane ivyokurya, kandi umubiri uraruta cane ivyambarwa. 24Nimwitegereze ibikona: ntibibiba kandi ntivyimbura, ntibigira n’ububiko canke ibigega, ariko Imana irabigaburira. None mwebwe ntimuruta cane inyoni? 25Ni nde muri mwebwe yoshobora kwiyongera akanya na gatoya ko kubaho kubera kwiganyira? 26Nimba mutishoboza ikintu gito nk’ico, ni kuki mwiganyira ku bindi?
27 Nimwitegereze ingene amashurwe yo ku misozi akura. Ntakora kandi ntajisha impuzu. Ariko ndababwiye ko na Salomo ubwiwe mu cubahiro ciwe cose atigeze ashaza nka rimwe muri yo. 28Nimba Imana yambika gutyo ivyatsi vyo ku misozi, biriho uno musi ariko ejo bikazotererwa mu ziko, mbega ntizorushirizaho kubambika, yemwe ab’ukwizera guke! 29Kandi ntimugashire umutima ku vyo muzorya canke muzonywa; ntimukiganyire kuri ivyo. 30Kuko n’abantu bo mu mahanga yose yo kw’isi na bo ivyo ni vyo birukira ubudahumeka, ariko mweho So wo mw’ijuru arazi ko ivyo vyose mubikeneye. 31Ahubwo nimubanze mwitwararike Ubwami bw’Imana, ivyo na vyo izobibaha nk’inyongera.
32 Yewe busho buto, ntutinye kuko So wo mw’ijuru bimuhimbara kuguha Ubwami. 33Nimugurishe ivyo mutunze, mubihe aboro. Mwironderere imifuko ibika amahera itazoshira, n’ubutunzi budahera bwo mw’ijuru, aho abasuma badashika, n’imiswa itazobwonona. 34Kuko aho ubutunzi bwanyu buri ari ho imitima yanyu izoba.
Mwame mugavye
35 Mwame mukenyeye kandi amatara yanyu yame yaka, 36mumere nk’abanyarugo barindiriye ko shebuja ava mu bukwe kugira ngo bace bamwugururira niyashika akadodora. 37Hahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye. Ndababwije ukuri ko na we azokenyera akabicarika, hanyuma akabagaburira. 38Harahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye, naho yoza mu gicugu canke bugiye guca. 39Mutahure ibi: iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizira ko, ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe. 40Namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.”
41Petero aramubaza ati: “Mwami, uwu mugani uwuciriye twebwe gusa, canke uwuciriye bose?”
42Umwami Yesu aramwishura ati: “Mbega umunyabigega w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye. 43Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka. 44Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose. 45Ariko vyogenda gute hamwe uwo mukozi yokwibwira mu mutima ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’ hanyuma agatangura gukubita abandi bakozi, akirira, akinywera, akiborererwa? 46Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi. Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’abatizera.
47 Uwo mukozi yari asanzwe azi ivyo shebuja agomba hanyuma ntavyitegurire ngo abikore, azohanwa bikomeye. 48Ariko uwutazi ivyo shebuja agomba, hanyuma agakora ibitari vyo, azohanwa buhoro. Uwahawe vyinshi azosabwa vyinshi, kandi ujwejwe vyinshi azobazwa vyinshi.
Yesu avuga ko abantu bazocanamwo ku bwiwe
49 Naje kwatsa umuriro kw’isi; ese iyo uba umaze kwaka! 50Hari umubatizo ntegerezwa kubatizwa, kandi mpagaritswe umutima na wo kugeza ndawubatijwe. 51Mbega mwiyumvira ko naje kuzana amahoro kw’isi? Haba na mba! Ahubwo naje gutuma abantu bacanamwo. 52Uhereye ubu, mu muryango w’abantu batanu bazocanamwo, batatu bagwanye babiri, babiri bagwanye batatu. 53Umugabo azogwanya umuhungu wiwe, umuhungu na we agwanye se; umugore azogwanya umukobwa wiwe, umukobwa na we agwanye nyina; umugore azogwanya umukazana wiwe, umukazana na we agwanye inabukwe.”
Ivyo gutahura ibihe
54Yongera abwira isinzi ry’abantu bari aho ati: “Iyo mubonye igicu kivuye mu burengero, ubwo nyene muca muvuga muti: ‘Imvura igira igwe,’ kandi biba uko nyene. 55Mubonye umuyaga uhuhuse uva mu bumanuko, muca muvuga muti: ‘Hagira haze ubushuhe,’ kandi bica biba uko nyene. 56Mwa ndyarya mwe, ko mushobora gutahura ibimenyetso vy’ibihe murabiye ku biba kw’isi no kw’ijuru, ni igiki kibabuza gutahura ivy’iki gihe?
57 Ni kuki mudashobora guca urubanza, mugahitamwo ikibereye? 58Nihagira umuntu aja kukwagiriza ku mucamanza, wihutire kwiyuzuza na we mutarashikayo. Ahandi ho, azogushikana imbere y’umucamanza, hanyuma na we agutange ku mukuru w’ibohero, maze na we agute mw’ibohero. 59Ndakubwire ukuri, ntuzovayo utarishe n’igiceri ca nyuma umuheraniye.”

Currently Selected:

Luka 12: BKC

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in