Luka 11
11
Yesu yigisha intumwa gusenga
1Umusi umwe Yesu yari ahantu ariko arasenga. Ahejeje, umwe mu bigishwa biwe aramubwira ati: “Mwami, twigishe gusenga nk’uko Yohana yigishije abigishwa biwe.”
2Arababwira ati: “Mu gusenga mukwiye kuvuga muti:
‘Data,
izina ryawe niryubahwe,
Ubwami bwawe nibuze.
3 Uduhe ivyokurya bidukwiye ku musi ku musi.
4 Uduharire ivyaha vyacu,
kuko natwe duharira umuntu wese aducumuyeko.
Ntudutererane ibitugerageza.’ ”
5Yongera ababwira ati: “Dufate ko umwe muri mwebwe afise umugenzi, akaja iwe hagati mw’ijoro, akamubwira ati: ‘Mugenzi, ntabara ungurane imikate itatu. 6Umwe mu bagenzi banje arangendeye ubu nyene, kandi singira ico ndamuzimana.’ 7Maze uwo mugenzi wiwe akamwishura ari mu nzu ati: ‘Nta co ungora, namaze kwugara umuryango kandi twe n’abana banje twamaze kuryama. Sinshobora rero kuvyurwa no kuguha imikate.’ 8Ndababwire ukuri, naho atovyuka ngo amuhe iyo mikate kubera ari umugenzi wiwe, yovyuka akamuha ivyo akeneye vyose kubera yashishikaye kumugobera ata dusoni.
9 Ni co gituma nanje ndababwiye nti: ‘Musabe muzohabwa, murondere muzoronka, mudodore muzokwugururirwa.’ 10Kuko uwusaba wese arahabwa, uwurondera araronka, n’uwudodora arugururirwa.
11 Ni nde muvyeyi muri mwebwe umwana yosaba ifi akamuha inzoka? 12Canke amusavye igi akamuha sikoropiyo?#11:12 Agakoko gakomoresha umurizo kandi gafise ubumara bukaze cane. 13Nimba mwebwe mushobora guha ingabire nziza abana banyu kandi muri babi mu mitima, mbega So wo mw’ijuru ntazorushiriza guha Mpwemu Yera abamumusavye?”
Yesu na Beyelizebuli
14Umusi umwe Yesu yirukanye umudayimoni yari yateye umuntu kuba ikiragi. Amuvuyemwo, wa muntu aca aravuga, maze abantu baratangara cane. 15Ariko bamwe muri bo bavuga bati: “Ni Beyelizebuli, umukuru w’abadayimoni amushoboza kwirukana abadayimoni.” 16Abandi na bo bagerageza gutega imitego Yesu mu kumusaba ikimenyetso kivuye mw’ijuru.
17Yesu amenye ivyo bariko bariyumvira, aca ababwira ati: “Ubwami bwose bwiciyemwo ibice buba bugiye gusenyuka. Kandi iyo umuryango wiciyemwo ibice uba ugiye gusambuka. 18Nimba Satani yigwanije, akicamwo ibice, none ubwami bwiwe bworama gute? Ibi ndabivuze kuko munyagiriza ko nirukana abadayimoni mu bushobozi bwa Beyelizebuli. 19None nimba Beyelizebuli ari we anshoboza kwirukana abadayimoni, abigishwa banyu bo babishobozwa na nde? Ni co gituma ari bo bazobatsindisha. 20Ariko nimba ububasha bw’Imana ari bwo bunshoboza kwirukana abadayimoni, Ubwami bw’Imana bwashitse muri mwebwe.
21 Iyo umuntu w’umunyenkomezi kandi afise ibigwanisho bikwiye araririye inzu yiwe, ivyo atunze biba mu mutekano. 22Ariko iyo atewe n’uwumurusha inkomezi akamunesha, amutwara ivyo bigwanisho yari yizigiye, akamunyaga n’ivyo atunze, akabihako n’abandi.
23 Uwutari kumwe nanje wese arangwanya, kandi uwutariko aramfasha kwegeranya wese aba ariko arasanzaza.
24 Iyo impwemu ihumanye ivuye mu muntu, ica igenda iyerera mu bugaragwa irondera aho yoruhukira. Ihabuze ica ivuga iti: ‘Reka nisubirire muri ya nzu nahoramwo.’ 25Ishitse, iraheza igasanga ya nzu isukuye, kandi itunganije neza. 26Maze ica igenda ikazana izindi mpwemu mbi indwi ziyirusha ububi, zikinjira muri wa muntu, zikibera ngaho. Ivya nyuma vy’uwo muntu biba bibi kurusha ivya mbere.”
27Yesu akiriko aravuga ivyo, umugore yari ngaho avuga n’ijwi rirenga ati: “Hahiriwe umuvyeyi yakuvyaye akakwonsa.”
28Yesu aramwishura ati: “Ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarishira mu ngiro.”
Ikimenyetso ca Yona
29Abantu bamaze kumwegera ari benshi, Yesu ababwira ati: “Abantu ba kino gihe ni babi. Basaba ikimenyetso, ariko nta kindi kimenyetso bazohabwa kiretse ica Yona. 30Nk’uko Yona yabaye ikimenyetso ku bantu b’i Ninewe, ni ko n’Umwana w’Umuntu azoba ikimenyetso ku bantu ba kino gihe. 31Ku musi wo guca imanza, umwamikazi w’i Sheba azohaguruka yagirize abantu ba kino gihe kandi abatsindishe, kuko yahagurutse akava ku mpera z’isi aje kwumviriza amajambo y’ubwenge ya Salomo; ariko raba uwuruta Salomo ari hano. 32Ku musi wo guca imanza, abantu b’i Ninewe bazohaguruka bagirize abantu ba kino gihe kandi babatsindishe, kuko bo bihanye bamaze kwumva ubutumwa bwa Yona; ariko raba uwuruta Yona ari hano.
Ijisho ni itara ry’umubiri
33 Nta muntu yodomeka itara ngo aheze arihishe canke ngo aryubikeko igiseke. Ariko arishira ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu bose. 34Amaso yawe ni yo matara y’umubiri. Iyo amaso yawe abona neza, umubiri wawe wose uba mu muco. Ariko iyo abona nabi, umubiri wawe wose uba mu mwijima. 35None rero wiyubare umuco wibaza ko uri muri wewe ntusange ari umwijima. 36Vyongeye, umubiri wawe wose niwaba mu muco, ata rugingo na rumwe ruri mu mwijima, uzokayangana nk’aho urasiwe n’umuco w’itara.”
Yesu ahambarira Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe
37Yesu akiriko aravuga, umwe mu Bafarisayo aramutumira ngo bajane iwe amuzimane. Nuko ashitse, aja ku meza. 38Wa Mufarisayo aratangara cane abonye ko Yesu ariye adakaravye.
39Maze Umwami Yesu aca amubwira ati: “Mwebwe Abafarisayo mwitwararika cane kwoza inyuma h’igikombe n’ah’isahani, ariko mwuzuye ubukunzi bw’inda n’ubugizi bwa nabi. 40Mwa mburabwenge mwe! Mbega Imana yabumvye imbere si yo yabumvye n’inyuma? 41Nuko rero nimuhe aboro ku vyo mufise, maze ibindi vyose kuri mwebwe bizoba bihumanuwe.
42 Muzobona ibara yemwe Bafarisayo, kuko mutanga ikigiracumi kuri vyose, gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza guca imanza zibereye, no gukunda Imana. Mwari mukwiye gutanga ico kigiracumi, n’ivyo bindi mutavyirengagije.
43 Muzobona ibara mwebwe Abafarisayo, kuko mukunda ivyicaro vy’icubahiro mu masinagogi no kuramutswa mu cubahiro mu makoraniro.
44 Muzobona ibara kuko mumeze nk’imva zitaboneka, abantu bakazicako batabizi.”
45Umwe mu bigisha b’ivyagezwe aramubwira ati: “Mwigisha, erega uvuze uko natwe uba udututse!”
46Yesu aramwishura ati: “Namwe bigisha b’ivyagezwe, muzobona ibara kuko muremereza abantu imitwaro iremereye, kandi ubwanyu mutanayikozako urutoke.
47 Muzobona ibara kuko mwubakira imva z’abavugishwa n’Imana, kandi ari ba sogokuruza banyu babishe. 48Muri ivyabona kandi mwemezanya n’ivyo ba sogokuruza banyu bakoze; bo bishe abavugishwa n’Imana, namwe mububakira imva. 49Ni co gituma Imana mu bwenge bwayo yavuze iti: ‘Nzobarungikira abavugishwa n’intumwa, bamwe muri bo bazobica, abandi babahame.’ 50None rero, abantu b’iki gihe muzoharurwako amaraso y’abavugishwa n’Imana bose yasheshwe kuva isi ikiremwa, 51uhereye ku ya Abeli ugashitsa ku ya Zakariya yiciwe hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro. Ndababwire ukuri, ingaruka z’ayo maraso yose zizoba ku bantu ba kino gihe.
52 Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe kuko mwatwaye urupfunguruzo rwo kumenya Imana. Mwebwe ubwanyu ntimwinjiye mu Bwami, ahubwo mwabujije n’abashaka kwinjira.”
53Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aca ava aho hantu. Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca batangura kumugwanya cane, bamubaza ibibazo ku bintu bitandukanye, 54kugira ngo barabe ko bomufatira ku vyo yovuga.
Currently Selected:
Luka 11: BKC
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.