YouVersion Logo
Search Icon

Obadiya 1

1
Ivy’ uguhona kw’ Abanyedomu
1 # Yer 49:7-22; Ezk 25:12-14. Ivyo Obadiya yeretswe. Uku ni k’Umwami Uhoraho agize ku vy’Abanyedomu. Twumvise inkuru zivuye k’Uhoraho, kandi har’ intumwa itumwe ku mahanga, ngo Ni muhaguruke, natwe nyene dukūre hasi, tubatere, tuje mu ntambara. 2Rāba, nakugize ritoya ku yandi mahanga: uba inkengerwa rwose. 3Ubgibone bgo mu mutima wawe bgaraguhenze, wewe uba mu bitandara vyacitsemw’ ibihoro, ukīvyagirira hejuru iyo bigwa; wewe uvugira mu mutima wawe, uti Ni nde yonkororera hasi? 4Naho wodūga intumbgejuru nk’inkukuma,#1:4 inkukuma ni yo mpungu. kandi naho wokwārika icāri cawe hagati y’inyenyeri, nzogukorora ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize. 5#Yer 49:9, 10; Zab 41:9.Ewe kuntu ugeseye! Ibisuma vyokūzira, cank’ abambuzi mw ijoro, mbega ntibogusahura kugeza bīhāgije gusa? Cank’ abāmūzi b’inzabibu boza kuri wewe, mbega ntibosigaza uduhūmbga tw’inzabibu? 6Ewe kuntu ivya Esau bisesanguwe! Itunga ryiwe ryari rinyegejwe ukuntu risokorowe! 7Abo mwari mwifatanije bose bāragusohoye, bagushitsa no ku rubibe: abo mwari mwuzuye baragusutse, none barakunesheje; abo wagaburira bāguteze umutego: ariko ntiwabimenye. 8#Yes 29:14.Mbega kur’ uwo musi sinzorandura abanyabgenge bo muri Edomu, ngaherengeteza amakenga ku musozi wa Esau? ni k’Uhoraho abaza. 9#Am 1:12.Ewe Temani, abahizi bawe bazogwa igihumura, bitume abantu bose iyo bava bakagera baririkwa, bashire ku musozi wa Esau.
Icazaniye Abanyedomu kugesezwa
10 # Guh 20:20, 21. Kubg’ inabi wagiriye mwene nyoko Yakobo uzomāramāra, uzorandurwa uheneberezwe. 11#2 Abam 25:10-20; Zab 137:7; Yow 3:3.Kuri wa musi wari wihagarariye urāba utw’ ininga, umusi ab’ akavantara bāsahura ibintu vyiwe, abanyamahanga bakamūzira mu marembo, bagapfindira i Yerusalemu, nawe wari nk’uwo muri bo. 12#Mik 4:11; 7:8.Yamara ntiwar’ ukwiye kurāba utw’ ininga umusi wa mwene nyoko ugeze, ku musi yashikiweko n’ivyago; umusi Abayuda bagesezwa, ntivyari bikwiye kukunezereza; ntiwari gutwengera mw ijigo ku musi w’amazigirizwa yabo. 13Abantu banje ntiwari kubāzira mw irembo, umusi baboneyekw amagorwa; mbere ntiwari kwirābira utw’ ininga agahahazo barimwo, umusi baboneyekw amagorwa; kandi ntiwari gusahura ibintu vyabo, umusi baboneyekw amagorwa. 14Ntiwar’ ukwiye guhagarara mu mayirabiri ng’ utikize ababo bacitse, kandi ntiwari gutanga amasigarira yabo ku musi w’amazigirizwa yabo.
15 # Ezk 35:15; Yow 1:15; Hab 2:8. Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi, uziye amahanga yose: uko wagize ni k’uzogirirwa; ivyo wakoze bizogusubira ku mutwe. 16#Yer 25:27, 28.Kand’ uko mwanywereye ku musozi wanje wera, uko ni kw amahanga yose azokwama anywa na ntaryo; mbere bazonywa bagotomere, bamere nk’abatakiriho.
Ubgami bg’ Abayuda buzoba ubg’ Uhoraho
17 # Yow 2:32; Am 9:8, 12. Ariko ku musozi Siyoni hazoba ubukiriro, kandi hazoba hēra; ab’ inzu ya Yakobo bazokwiganzira ivyabo. 18#Yes 10:17; Zek 12:6.Kand’ ab’ inzu ya Yakobo bazoba umuriro, n’ab’ inzu ya Yosefu babe imbeya zawo, n’ab’ inzu ya Esau babe nk’ibishingwe, babaturire, babatongōre; nta wuzosigara mu b’ inzu ya Esau; kuk’ Uhoraho ari we abivuze. 19#Yer 17:26.Kand’ ab’ i bumanuko bazokwegukira umusozi wa Esau; n’ababa mu kiyaya begukire i Bufilisitiya; bazokwegukira igihugu ca Efurayimu, n’igihugu c’i Samariya: kand’ i Gileyadi hazoba aha Benyamini. 20#1 Abam 17:9; Luk 4:26.Kand’ abo mur’ izo ngabo z’Abisirayeli bāgiye mu Banyakanani ar’ inyagano, bazokwegukira igihugu gushitsa i Zarefati: n’ ab’ i Yerusalemu bājanywe ar’ inyagano, bar’ i Sefaradi, bazokwegukira ibisagara vy’i bumanuko. 21#Zab 22:28; Yes 19:20; Luk 1:33; 1 Kor 15:24; Ivyah 11:15; 19:6.Kand’ abatabazi bazodūga ku musozi Siyoni, ngo bacire urubanza umusozi wa Esau; kand’ ubgami buzoba ubg’ Uhoraho.

Currently Selected:

Obadiya 1: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in