YouVersion Logo
Search Icon

Amosi 9

9
Amosi yerekwa ukw Imana izoshwiragiza Abisirayeli
1 # Abac 16:26-30. Nabonye Umwami Imana ahagaze i ruhande y’igicaniro, aravuga, ati Kubita imyashi y’inkingi, amatanguriro y’imiryango anyiganyige: uyibamenagurire ku mitwe yabo bose; kand’ ūzosigara muri bo wese nzomwicisha inkota: nta n’umwe muri bo azoshobora guhunga, nta n’umwe muri bo azokwikiza. 2#Zab 139:8, 9.Naho bokwiyimbira bakaja i kuzimu, na ho ukuboko kwanje kwobakūrayo; naho bokwūrira bakaja mw ijuru, na ho nyene nzobamanurayo. 3Kandi naho bokwinyegeza ku mpinga ya Karumeli, na ho nzobarondera mbanyegurureyo; canke naho bokwihisha inyonga zanje i bgina mu kiyaga, aho na ho nzogomora inzoka ibakomorereyo. 4#Yer 21:10.Kandi naho bokwambukanwa n’abansi babo ar’ inyagano, aho na ho nzohabagomorera inkota, ibamare: kandi nzobatungīra igitsure co kubazanira ivyago ariko s’amahirwe.
5 # Zab 46:6. Kuk’ Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo ari we akora ku gihugu, kigaca gishonga, abakibamwo bose bagacura umuborogo; kigateragurwa rwose nk’uko rwa Ruzi rwiteragura, kigasubira kigahwāmīra nka rwa Ruzi rwo muri Egiputa; 6#Zab 104:3.kandi ni we yiyubakira ingoro mw ijuru, agahetera ijuru ryiwe kw isi; ni we ahamagara amazi yo mu kiyaga akayasuka kw isi; Uhoraho ni ryo zina ryiwe. 7#Yer 47:4; Am 1:5.Mbega ntimumbereye nk’Abanyetiyopiya, ga mwa Bisirayeli mwe? ni k’Uhoraho abaza. Mbega si jewe nadūganye Abisirayeli mbakūye mu gihugu ca Egiputa, n’Abafilisitiya nkabakūra i Kafutori, n’Abasiriya nkabakūra i Kiri? 8#Yer 30:11.Eh’ Umwami Uhoraho atungiriye igitsūre ubgami bukora ivyaha, ati Nzoburandura mw isi; mugabo sinzorandura inzu ya Yakobo rwose, ni k’Uhoraho agize. 9#Yes 30:28; Luk 22:31.Kuko rāba nzobishinga, ngosorere ab’ inzu ya Isirayeli mu moko yose, nk’ibigosozwa urutaro, ariko nta gatete na kamwe kazokorokera hasi. 10#Am 6:3.Abanyavyaha bose bo mu bantu banje bazokwicwa n’inkota, kand’ ari bo bavuga, bat’ Ivyago ntibizoduhamvya canke ngo duhūrire imbere.
Umugisha Imana izoha Abisirayeli mu gihe c’iherezo
11 # Ivyak 15:16-18. Kur’ uwo musi nzovyura urusago rwa Dawidi rwatemvye, nzibire ibihengeri vyarwo; nongere nsanasane ahāshize harwo, ndarwubake rumere nk’uko rwahoze kera; 12kugira ngo begukire amasigarira y’Abanyedomu, n’amahanga yose yitirirwa izina ryanje, ni k’Uhoraho agize, kand’ akora ivyo. 13#Lew 26:5; Yow 3:18.Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, umurimyi azogerekerana n’umwimbuzi, n’umukānyi w’inzabibu agerekerane n’ūbiba imbuto; kand’ imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi twose tuzisendanishe. 14#Yes 61:4; Yer 31:5.Kandi nzogarukana abantu banje b’Abisirayeli bājanywe ar’ inyagano, bongere kwubaka ibisagara vyāsenyutse, babibemwo; bazotera imirima y’imizabibu, binywere vino yayo; bazorima indimiro bīrīre ivyeze muri zo. 15#Yer 24:6.Kandi nzobateragira mu gihugu cabo, ntibazosubira kurandurwa mu gihugu cabo nabahaye, ni k’Uhoraho Imana yawe igize.

Currently Selected:

Amosi 9: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in