YouVersion Logo
Search Icon

Mariko 16

16
Umumarayika avuga yuko Yesu azutse
1 # Mat 28:1-8; Luk 24:1-12; Yoh 20:1-10. Maz’ isabato ishize, Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo, na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusīga. 2Kandi mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi barazinduka, bashika ku mva izuba rimennye ijuru. 3Barabazanya, bati Ni nde adutembagariza ikibuye co ku munwa w’imva? 4Maze bunamuye amaso babona ca kibuye catembagajwe cavuyeho, kandi cari kinini cane. 5Maze binjiye mu mva, babona umusore yicaye mu ruhande rw’i buryo, yambaye imvune yera, barūmirwa cane. 6Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize! 7#Mrk 14:28.Ariko ni mugende mubgire abigishwa biwe na Petero, mut’ Arabītangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera, nk’uko yababgiye. 8Bava mu mva, barahunga, kuko bari bafashwe n’agatengo n’akumiza, maze ntibāgira ico babgira umuntu n’umwe, kuko batinye.
Yesu yiyereka abigishwa bamwe
[9#Luk 8:2; Yoh 20:11-18.Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w’imisi ndwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemw’ abadayimoni ndwi. 10Uwo aragenda, abibarira abābana na we, asanga bababaye barira. 11Na bo bumvise kw ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibāvyemera. 12#Luk 24:13-35.Hanyuma y’ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi. 13Na bo nyene baragenda, babibgira abasigaye, maze ntibābemerera na bo. 14#1 Kor 15:5.Hanyuma yiyereka bamwe cumi n’umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw’imitima yabo, kuko batemereye abāmubonye, amaze kuzuka.#Luk 24:36-49; Yoh 20:19-23. 15#Mat 28:18-20.Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza. 16#Ivyak 2:38.Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza. 17#Ivyak 16:18; 2:4, 11; 10:46.Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha; 18#Luk 10:19; Ivyak 28:3-6; Yak 5:14, 15.bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.
Yesu adūzwa mw ijuru
19 # Luk 24:50-53; Ivyak 1:4-11; 1 Tim 3:16; Zab 110:1; Ivyak 7:55; 2 Abam 2:11. Kand’ Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, adūzwa mw ijuru, avyagira i buryo bg’Imana. 20#Heb 2:4.Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]

Currently Selected:

Mariko 16: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in