1
Mariko 16:15
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.
Compare
Explore Mariko 16:15
2
Mariko 16:17-18
Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha; bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.
Explore Mariko 16:17-18
3
Mariko 16:16
Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.
Explore Mariko 16:16
4
Mariko 16:20
Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amen.]
Explore Mariko 16:20
5
Mariko 16:6
Arababgira, ati Nta co mwumirwa: ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambga: none yazutse, ntari hano: ehe, rāba aho bāri bamushize!
Explore Mariko 16:6
6
Mariko 16:4-5
Maze bunamuye amaso babona ca kibuye catembagajwe cavuyeho, kandi cari kinini cane. Maze binjiye mu mva, babona umusore yicaye mu ruhande rw’i buryo, yambaye imvune yera, barūmirwa cane.
Explore Mariko 16:4-5
Home
Bible
Plans
Videos