YouVersion Logo
Search Icon

Mika 6

6
Uhoraho abūranya abantu biwe
1Enda ni mwumve ico Uhoraho avuga, ati Va hasi, ubūranire imbere y’imisozi, uturambi ni twumve ijwi ryawe. 2#Ezk 36:4; Hos 4:1.Yemwe misozi, namwe matanguriro y’isi yahamye, ni mwumve ukubūrana kw’Uhoraho; kuk’ Uhoraho afitaniye imibūrano n’abantu biwe, kand’ agira abūrane n’Abisirayeli. 3#Yes 43:22, 23; Yer 2:5; Mal 1:13.Yemwe bantu banje, nabakoreye iki? Canke nabagoje iki? Ni mukimbarire. 4#Kuv 12:51; 15:20.Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre. 5#Guh 22:5; 25:1; Yos 4:19; Abac 11:25.Yemwe bantu banje, enda ni mwibuke imigabo Balaki umwami w’i Mowabu yīgīriye, n’ico Balamu mwene Beyori yamwishuye; mwibuke n’ivyabaye uhereye i Shitimu ukageza i Gilugali, kugira ngo mumenye ivy’ ubugororotsi nakoze, jewe Uhoraho.
6 # Yes 57:15; Hos 5:6; Heb 10:4. Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho, nkūnama imbere y’ Imana isumba vyose? None nomurenguka imbere njanye ibimazi vyoshejwe, n’inyana zimaze umwaka? 7#Lew 18:21; 1 Sam 15:22.Mbeg’ Uhoraho yohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’ inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Notanga imfura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje nkayitanga ku caha c’umutima wanje? 8#Ita 5:22; Gus 10:12.Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?
Uhoraho abāgiriza icaha
9 # Yes 10:5. Ijwi ry’Uhoraho rirasemerera, ribarira igisagara — kand’ umunyabgenge azokwubaha izina ryiwe — riti Ni wumve wa hanga we, nawe koraniro ryo mu gisagara! 10Mbega nokwirengagiza itunga ryandurutse mu vyaha riri mu mazu y’abanyakibi, cank’ ingero zitūvya, zivumwa? 11#Hos 12:7.Abafise umunzane ubesha, n’isaho irimw’ ibigeresho bihendana, mbega nobīta abatunganye? 12#Yer 9:8; Am 3:10.Kukw abatunzi baho buzuye umuryano, n’abahaba bavuga ibinyoma, indimi zo mu kanwa kabo zirahendana. 13Ni co gituma nzogukubita nkagusāvya, nkugeseze nguhōye ivyaha vyawe. 14#Hos 4:10.Uzorya ntuhage, uhorane ikigoyi mu nda; ivyo uzonyuruza ntuzobikiza, kandi n’ivyo wokijije nzobigaburira inkota. 15#Gus 28:38-40; Zef 1:13.Uzobiba, ariko ntuzokwimbura; uzokānya elayo, ariko ntuzokwisīga amavuta yayo; ukānye n’imizabibu, ariko ntuzonywa vino yayo. 16#1 Abam 16:25-33; 2 Ngo 29:8.Kukw amabgirizwa ya Omuri acitonderwa, bo n’ivyakozwe n’inzu ya Ahabu vyose, mugakomeza kugendera mu nama zabo; ni co gituma nguhindura umusaka, n’abakubamwo bakaba abo kuvuzwakw agahwa; kandi muzogībgako n’igitutsi batuka abantu banje.

Currently Selected:

Mika 6: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in