YouVersion Logo
Search Icon

Mika 5

5
Umurokozi azovukira i Betelehemu
1Rinda ushikame, wa boma we! Kuko badutanze irya n’ino: umucamanza w’Abisirayeli bazomukubita inkoni kw itama.
2 # Ita 35:19; Zab 90:2; Imig 8:22, 23; Yes 9:6, 7; Hos 6:3; Mat 2:6; Yoh 1:1; 7:42; Heb 7:14. Ariko wewe, Betelehemu Efurata, nah’ ur’ inkehwa mu bihumbi vy’i Buyuda, muri wewe hazomviramw’ ūzoba segaba mu Bisirayeli; amamo yiwe yahereye kera hose, ibihe n’ibindi. 3#Mik 4:7, 9, 10.Ni co gituma azobagabura mu bansi, gushitsa ah’ ūramutswe azovyarira: ni ho amasigarira yo mu bavukana na we azogaruka mu Bisirayeli. 4#Zab 72:8; Yes 11:3-5; 40:11; Mik 7:14; Luk 1:32.Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi. 5#2 Abam 18:13; Ef 2:14.Kand’ uwo muntu azoba amahoro yacu. Umwashuri ni yaza mu gihugu cacu, akadusiribangira ingoro, tuzomugomorera abungere ndwi, n’abaganwa munani. 6#Ita 10:8, 10, 11.Kand’ igihugu ca Ashuri bazokiririkisha inkota, bo n’igihugu ca Nimurodi uhereye ku mbibe zaco. Nukw azodukiza Umwashuri, ni yaza mu gihugu cacu, akadukandagirira mu rubibe. 7Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu moko menshi ababere nk’ikime kivuye k’Uhoraho, nk’urume rutonze ku bgatsi, bitororēra umuntu, canke ngo bitenyenyere abantu. 8#Hos 5:14.Kand’ amasigarira ya Yakobo azoba mu mahanga no mu moko menshi nk’intambge iri mu bikōko vyo mu kibira, canke nk’umugunza wayo uri mu mikuku y’intama: iyo uziciyemwo, urazinyukanyuka, ukazitabagura, ata wo kuzikiza. 9#Yes 26:11.Ukuboko kwawe n’ukubangurire abarwanizi bawe, kand’ abansi bawe bose ni barandurwe.
Ibirwanishwa n’ibigirwamana vyose bizokūrwaho
10 # Yes 2:7; Zek 9:10. Maz’ ico gihe, ni k’Uhoraho agize, nzorandura muri wewe amafarasi, mvungavunge imikogote yawe y’intambara; 11#Yes 17:9; Hos 8:14.kandi nzorandura ibisagara vyo mu gihugu cawe, mpomvagurire hasi amaboma yawe yose; 12#Gus 18:10.nzoshikura ubupfumu mu kuboko kwawe, kandi ntuzoba ukigira abaragura. 13#Gus 16:22; Yes 17:8; Hos 3:4; Zek 13:2.Nzorandura muri wewe ibishushanyo vyawe bibājwe, n’ibigirwamana vyawe vy’ inkingi; ntuzokwongera gusenga ivyakozwe n’amaboko yawe. 14#Gus 16:21.Kandi nzoshingūra muri wewe ibitabo vyawe watabiye Ashera, mponnye ibisagara vyawe. 15#Zab 149:7; 2 Tes 1:8.Kandi nzokwīhōra amahanga atumvira, nsuguriwe, ndatse.

Currently Selected:

Mika 5: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in