YouVersion Logo
Search Icon

Malaki 4

4
Umusi wo kugaruka kw’Umwami wacu
1 # Yes 47:14; Mal 3:2; Mat 3:12; 2 Tes 1:7, 8. Ehe rāba, umusi uraje, waka nk’itanure; abībone bose n’inkozi z’ibibi zose bazoba ibishingwe; kand’ uwo musi ugira uze uzobatōngōra, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, nta n’agashitsi cank’ agashami uzobasigarana. 2#Zab 84:11; Yes 53:5; Luk 1:78; Yoh 8:12; 12:46.Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore. 3Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y’ibirenge vyanyu ku musi nzoshinga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
4 # Kuv 20:3-17; Gus 4:9, 10. Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose. 5#Yow 2:31; Mal 3:1; Mat 11:14.Umve nzobarungikira Eliya uwavugishwa nanje, uwo musi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika. 6#Yes 11:4; Luk 1:17.Uwo ni we gisāngānya azosāngānya imitima ya ba se n’iy’ abana; kugira ngo noye kuzoza ngatera isi umuvumo.

Currently Selected:

Malaki 4: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in