YouVersion Logo
Search Icon

Malaki 3

3
Ibivuga ivyo kuzoza kwa Yohana Umubatizi n’ukw’ Umwami Yesu
1 # Yes 40:3; Mat 11:10; Mrk 1:2; Luk 1:76; 7:27. Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 2#Yes 4:4; Yow 2:11.Ariko ni nde azoshobora kwihanganira umusi w’ukuza kwiwe, kandi ni nde azoshobora guhagarara ah’ azoserukira? Kukw ameze nk’umuriro uvugutira ubutare, kandi nk’isabuni y’abamesuzi. 3#Yes 1:25; Zek 13:9.Kand’ azovyagira nk’ uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’ inkamba: kand’ abahungu ba Lewi azobamaramw’ inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza; maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi. 4#Ezk 20:40.Ni ho amashikanwa y’i Buyuda n’i Yerusalemu azohimbara Uhoraho, nk’uko vyamuhimbara mu misi ya kera no mu myaka yahise. 5#Lew 19:13; Gus 24:17; Yer 29:23.Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 6#Zab 102:27; Int 3:22.Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.
Abagunga Imana ivyayo
7 # Zek 1:3; Ivyak 7:51. Uhereye mu bihe vya ba sogokuruza muhora mukevya mugata amabgirizwa yanje, ntimuyitondere. Ni mungarukeko, nanje nzobagarukako, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Yamara muravuga, muti Twogaruka mu buryo ki? 8#Neh 13:10.Mbeg’ umuntu yogunga Imana? Ariko mwebge mwarangunze. Yamara muravuga, muti Twakugunze ibiki? Mwangunze ikigiracumi n’amashikanwa. 9Wa muvumo murawuvumwe: kukw ihanga ryose uko mungana mwangunze. 10#Ita 7:11; Imig 3:9, 10; 2 Kor 9:6-8.Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza. 11Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. 12#Yes 62:4; Zef 3:19.Kand’ amahanga yose azobīta abanyehirwe: kuko muzoba igihugu c’igikundiro, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
13 # Mal 2:17. Amagambo mwamvuze yar’ akomeye, ni k’Uhoraho agize. Yamara muravuga, muti Twakuvuze ibiki? 14#Yob 21:15; Zef 1:12.Mwavuze ngo Gukorera Imana nta kimazi; kandi muti Vyatwunguye iki ko twitondeye ivyo yashinze, tukagendera imbere y’Uhoraho Nyen’ ingabo twiraburaniwe? 15#Zab 95:9.Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira.
Abubaha Imana uko bazomera
16 # Kuv 32:32; Gus 6:6, 7. Nukw abubaha Uhoraho baragānīra; Uhoraho atega amatwi arumviriza; maz’ igitabo candikirwa imbere yiwe c’icibutso c’abubaha Uhoraho bakiyumvira izina ryiwe. 17#Kuv 19:5; Ivyak 17:31; 1 Pet 2:9.Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’ umuntu akigirira umwana wiwe amukorera. 18Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.

Currently Selected:

Malaki 3: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in