1
Malaki 3:10
Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi)
Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.
Compare
Explore Malaki 3:10
2
Malaki 3:11-12
Nzokankamira ururyi kubganyu, ntirwonone imirima yo mu ndimiro zanyu; kandi n’umuzabibu wo mu ndimiro zanyu ntuzorūmba, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize. Kand’ amahanga yose azobīta abanyehirwe: kuko muzoba igihugu c’igikundiro, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Explore Malaki 3:11-12
3
Malaki 3:17-18
Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Bazoba abanje ku musi nzoshinga, babe abo niharije ubganje; kandi nzobagirira ikigongwe, nk’uk’ umuntu akigirira umwana wiwe amukorera. Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.
Explore Malaki 3:17-18
4
Malaki 3:1
Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Explore Malaki 3:1
Home
Bible
Plans
Videos