Yohana 21
21
Yesu yiyerekanira ku kiyaga c’i Tiberiya
1Hanyuma y’ivyo Yesu yiyereka abigishwa ukundi gusha, ari ku kiyaga c’i Tiberiya, kand’ uburyo yiyerekanye n’ubu: 2#Yoh 1:45.Simoni Petero na Toma ari we Hasa bāri kumwe na Natanayeli w’i Kana i Galilaya, na bene Zebedayo, n’abandi bigishwa babiri. 3Simoni Petero arababgira, ati Ndagiye kuroba. Na bo bati Natwe turajana nawe. Barīkora, batambukira mu bgato. Mur’ iryo joro ntibāgira ico bafata.
4 #
Yoh 20:14; Luk 24:16. Umutwenzi ugitambika, Yesu ahagarara ku musenyi, arikw abigishwa ntibāmenya kw ari Yesu. 5#Luk 24:41.Nuko Yesu arababaza, ati Bana, har’ ico kurya mufise? Bat’ Oya. 6#Luk 5:4-7.Arababgira, ati Ni muterere urusenga i buryo bg’ubgato, muraronka. Nuko baraterera, ntibāba bakibasha kurukwega, kukw ifi zar’ isinzi. 7#Yoh 13:23.Wa mwigishwa Yesu yakunda abgira Petero, ati N’Umwami Yesu. Simoni Petero yumvise kw ar’ Umwami, akenyera impuzu, kuko yari gusa, araheza yikubita mu kiyaga. 8Arikw abandi bigishwa baza mu bgato, kuko bari hafi y’umusenyi, hāri nk’intambuko ijana,#21:8 intambuko ijana: mu Kigiriki n’amatambge 200 ucīriye mu nkokora. bakwega urusenga rurimw’ ifi.
9Bafashe i musozi, babonah’ umuriro w’amakara n’ifi zigeretseko, n’umutsima. 10Yesu arababgira, ati Ni muzane ifi ku zo muhejeje kuroba. 11Simoni Petero aja mu bgato, akwegera urusenga i musozi rwuzuye ifi nini‐nini ijana na mirongwitanu na zitatu: kandi naho zari zingaho zirtyo, urusenga ntirwacitse. 12Yesu arababarira, ati Ni muze murye. Ariko mu bigishwa ntihāgira ūtinyuka kumubaza, at’ Uri nde? Kuko bāri bamenye kw’ ar’ Umwami Yesu. 13#Yoh 6:11.Yesu araza, yābīra umutsima, arawubaha, n’ifi n’uko. 14#Yoh 20:19, 26.Ubgo bgar’ ubugira gatatu Yesu yiyereka abigishwa, amaze kuzuka mu bapfuye.
Yesu abaza Petero kw amukunda
15 #
Yoh 1:42. Nuko barangije kurya, Yesu abaza Simoni Petero, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda kurusha aba? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, at’ Ahura imyagazi y’intama zanje. 16#1 Pet 5:2, 4.Yongera kumubaza ubugira kabiri, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urankunda? Na we at’ Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera. Aramubgira, ati Ragira intama zanje. 17#Yoh 13:38; 16:30.Amubaza ubugira gatatu, ati Simoni, mwene Yohana, mbeg’ urannogera? Petero arababara, kuko yamubajije ubugira gatatu ngo Mbeg’ urannogera? Aramwishura, ati Mugenzi, weho urazi vyose, urazi ko nkunogera. Yesu aramubgira, at’ Ahura intama zanje. 18#Mat 16:22; 26:39.N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Ukir’ umusore, warikenyeza, ukaja ah’ ugomba; arikw ah’ uzosāzira, uzoramvura amaboko, uwundi agukenyeze, akujane ah’ utagomba. 19#Yoh 13:36.Icatumye avuga artyo, kwar’ ukwerekana urupfu azopfa, ashimagirisha Imana. Amaze kuvuga artyo, aramubarira, ati Nkurikira.
20 #
Yoh 13:23. Petero arakebuka, abona wa mwigishwa Yesu yakunda abakurikiye, umwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu hamwe bāsangira, akamubaza, ati Mugenzi, ni nde azokugura? 21Nuko Petero amubonye, abaza Yesu, ati Mugenzi, uyu we bizoba bite? 22Yesu aramwishura, ati Namba ngomba kw azogumaho kugeza aho nzozira, upfa iki? Wewe nkurikira. 23Ni co catumye iri jambo rikwira muri bene Data, ng’ uwo mwigishwa ntazopfa. Ariko Yesu ntiyamubgiye kw atazopfa, ariko yavuze, ati Namba ngomba kw agumaho kugeza aho nzozira, upfa iki?
24 #
Yoh 15:27. Uwo ni wa mwigishwa yashingiye intahe ivyo, kandi ni we yavyanditse, kandi natwe tuzi yukw intahe yiwe ar’ iy’ ukuri.
25 #
Yoh 20:30. Ariko hariho n’ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwe‐kimwe, ngira ngo n’isi na yo ntiyokwirwamw’ ibitabo vyokwanditswe.
Currently Selected:
Yohana 21: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967