Ivyakozwe N’intumwa 1
1
Yesu adūzwa mw ijuru
1 #
Luk 1:3. Ca gitabo ca mbere nanditse ga Teyofilo we, kivuga ivyo Yesu yatanguye gukora no kwigisha vyose, 2#Luk 6:13.gushitsa ku musi yadūgijwe mw ijuru, ahejeje kugerera intumwa muri Mpwemu Yera, zimwe yatoranije. 3Kand’ amaze kubabazwa, abiyereka ari muzima atanga ibimenyetso vyinshi, ababonekera imisi mirongwine, avuga ivy’ ubgami bg’Imana. 4#Ivyak 10:41; Yoh 15:26; Luk 24:49.Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye. 5#Mat 3:11.Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.
6 #
Luk 24:21; Ivyak 3:21. Nuko bakoranye, baramubaza, bati Mwami, iki gihe ni co ugira ugarukane ingoma y’Abisirayeli? 7#Mrk 13:32.Arabishura, ati S’ivyanyu kumenya imisi cank’ ibihe Data yashinze n’ububasha bgiwe wenyene; 8ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi. 9#Mrk 16:19; Luk 24:51; Yoh 6:62.Amaze kuvuga artyo, adūzwa babona, igicu kimukūra mu maso yabo. 10#Luk 24:4.Bagihanze amaso mw ijuru akigenda, abagabo babiri bambaye impuzu zera bahagarara i ruhande yabo; 11#Mat 26:64; Luk 21:27; 1 Tim 3:16; Ivyah 1:7.barababaza, bati Yemwe bagabo b’i Galilaya, n’iki gitumye muhagaze murāba mw ijuru? Uyo Yesu, abakūwemwo, akadūzwa mw ijuru, azoza artyo, nk’uko mumubonye aja mw ijuru.
12 #
Luk 24:50-53. Buno basubira i Yerusalemu, bavuye ku musozi witwa Elayono, uri hafi y’i Yerusalemu nk’urugendo rwemewe kugendwa kw’ isabato.#1:12 Urugendo rwemewe kugendwa kw isabato rwari nka km 1. 13#Luk 6:13-16.Bashitseyo, barūrira baja mu nzu yo hejuru, aho bāri basembereye, ari Petero, na Yohana, na Yakobo, na Andereya, na Filipo, na Toma, na Barutolomayo, na Matayo, na Yakobo mwene Alufayo, na Simoni Zelote, na Yuda mwene Yakobo. 14#Ivyak 2:1; Yoh 7:3-5; Mat 13:55.Abo bose bāsenga badahumeka n’umutima uhūye, hamwe n’abagore, na Mariya nyina wa Yesu, na bene nyina.
Basubiza Matiya mu kirenge ca Yuda
15Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga, 16#Zab 41:9.ati Bagabo bene Data, ivyanditswe ntivyobuze gushika, ivyo Mpwemu Yera yari yaravugiye mu kanwa ka Dawidi kuri Yuda, yarōngōye abaja gufata Yesu, 17kuko yari yaharūwe muri twebge, agahabga umugabane w’iki gikorwa. 18#Mat 27:3-10.(Kand’ uwo muntu amaze kugura ubgatsi ku vyo yahawekw ibiguzi vyo kugabitanya kwiwe, agwa yubamye, araturika, amara yiwe yose arasēseka. 19Bimenyekana mu baba i Yerusalemu bose, ni co catumye ubgo bgatsi mu rurimi rwabo babgita Akeludama, risobanurwa ng’ Ubgatsi bg’amaraso.) 20Kuko mu gitabo ca Zaburi handitswe,
ngw I we hasigare umusaka,
Kandi ntihakagire uwundi ahaba,
kandi
ng’ Ububgiriza bgiwe busubiremw’ uwundi.#Zab 69:25; 109:8.
21 #
Yoh 15:27. Nuko mur’ abo bagabo twahora tugendana igihe cose Umwami Yesu yar’ akiri muri twebge amaja n’amaza, 22utanguriye ku kubatiza kwa Yohana ukageza ku musi yadukūriwemwo, adūganywe, umwe muri bo akwiye kuba icabona hamwe natwe co gushingira intahe ukuzuka kwiwe. 23Bahagarika babiri, umwe ni Yosefu ari we Barusaba, irindi ni Yusito, uwundi na we ni Matiya. 24#Yoh 2:24, 25; 6:70.Barasenga, bati Mwami, ni wewe uzi imitima y’abantu bose, none werekane uwo utoranije mur’ aba bompi 25gusubira mu kirenge ca Yuda mur’ iki gikorwa no kuba intumwa, ivyo yataye akaja ahiwe. 26#Imig 16:33.Barabapfindira, ubupfindo bgerekana Matiya, nukw aharūranwa n’intumwa cumi n’imwe.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 1: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967