YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 14

14
Yesu n’inzira n’ukuri n’ubugingo
1 # Yoh 14:27; Mrk 11:22. Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere. 2I muhira kwa Data har’ amazu menshi, iy’ aba atariho, mba ndabibabgiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu. 3#Yoh 12:26; 17:24.Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba. 4Kand’ iyo nja murazi inzira ijayo. 5Toma aramubgira, ati Mugenzi, ntituzi iy’ uja, dushobora dute kumenya inzira? 6#Heb 10:20; Mat 11:27; Yoh 11:25; Rom 5:1, 2.Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye. 7Iyo muba mwarammenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye.
8Filipo aramubgira, ati Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye. 9#Yoh 12:45; Heb 1:3; Mat 17:17.Yesu aramubaza, ati Mbega ko nabanye namwe igihe kingana girtyo, nturakaruha ummenya ga Filipo? Ūbonye jewe aba abonye Data: non’ uvuga ute ngo Twereke So? 10#Yoh 12:49.Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe? Amajambo mbabgira s’ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe. 11#Yoh 14:20; Yoh 10:25, 38.Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera kubg’ ibikorwa ubgavyo. 12#Mrk 16:19, 20.N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ūnyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora: kand’ azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data. 13#Yoh 15:7; Mrk 11:24; 1 Yoh 5:14.Kand’ ico muzosaba cose mw izina ryanje nzogikora, kugira ngo Se ashimagizwe mu Mwana. 14#Yoh 16:23, 24.Ni mwagira ico musaba mw izina ryanje, nzogikora.
Yesu asezeranya kurungika Mpwemu
15 # Yoh 15:10; 1 Yoh 5:3. Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje, 16#Yoh 14:26; 15:26; 16:7; 1 Yoh 2:1.nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira, 17#Yoh 7:39; 16:13; Mat 10:20; Rom 8:26.ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwākīra, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.
18Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge. 19#Yoh 16:16.Hasigaye igihe gito, ab’ isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho. 20#Yoh 17:21-23.Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebge. 21#2 Kor 3:18; 1 Yoh 5:3.Ūri n’ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kand’ ūnkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira. 22#Ivyak 10:41.Yuda (atari Isikaryota), aramubaza, ati Mugenzi, bibaye bite, k’ugira wihishurire twebge, ntiwihishurire ab’ isi? 23#Yoh 13:34; 14:21; Imig 8:17; Mat 18:20; 28:20; Ef 3:17; 2 Kor 6:16.Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we. 24#Yoh 7:16; 1 Yoh 2:5.Ūtankunda ntiyitondera amajambo yanje, kand’ ijambo mwumva s’iryanje, ariko n’irya Data yantumye.
Yesu asezera abigishwa
25Ivyo ndabibabariye nkiri kumwe namwe, 26#Yoh 14:16; Mat 10:19.arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose. 27#Yoh 14:1; 16:33; Flp 4:7.Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho simbagabira nk’ukw ab’ isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye. 28#Yoh 14:3, 6, 18; Luk 24:52.Mwumvise ko nababgiye, nti Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe n’uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta. 29#Yoh 13:19.Nuko none ndabibabgiye bitaraba, ngw aho bizobera muze mwizere. 30#Yoh 12:31; Ef 2:2.Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise; 31#Yoh 10:18; Mat 26:46; Mrk 14:42.ariko n’ukugira ngw ab’ isi bamenye ko nkunda Data, kand’ uko Data yangeze kw ari ko nkora. Ve hasi, tuve hano tugende.

Currently Selected:

Yohana 14: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in