YouVersion Logo
Search Icon

Yohana 15

15
Umuzabibu w’ukuri n’amashami yawo
1 # Yer 2:21; Zab 80:8. Jewe nd’umuzabibu w’ukuri, kandi Data ni nyene wo. 2#Mat 15:13.Ishami ryose ryo muri jewe ritāma, arikūraho; kand’ iryama ryose araritūtūrira, ngo rirushirize kwama. 3N’ubu mwebge mumaze kwezwa kubg’ ijambo nababgiye. 4Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebge. Nk’ukw ishami ritabasha kwama ubgaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe. 5#1 Kor 12:12, 27; 2 Kor 3:5.Ni jewe muzabibu, namwe mur’ amashami: ūguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kukw ata co mubasha gukora mutamfise. 6#Mat 3:10; 13:40.Umuntu n’ataguma muri jewe atabga nk’ukw’ ishami ritererwa inyuma y’uruzabibu, akuma; maze bakayatororokanya, bakayaterera mu muriro, agasha. 7#Mrk 11:24.Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebge, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno. 8#Mat 5:16.Mur’ ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje.
Icagezwe c’urukundo
9Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze: ni mugume mu rukundo rwanje. 10#Yoh 8:29; 14:15; 1 Yoh 2:4, 8.Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.
11 # Yoh 17:13. Ivyo mbibabgiye, kugira ng’umunezero wanje ube muri mwebge, kandi n’umunezero wanyu wuzuzwe. 12#Yoh 13:34; 1 Yoh 3:11; Mrk 12:30.Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk’uko nabakunze. 13#Yoh 10:12; 1 Yoh 3:16.Nta wogira urukundo ruruta urw’ uk’ umuntu yigura abakunzi biwe. 14#Yoh 8:31; Mat 12:50; 28:20.Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera. 15Sinkibita abashumba, kuk’ umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kukw ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje. 16#Yoh 6:70; 13:18.Si mwebge mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murāma imbuto, kandi ngw imbuto zanyu zigumeho, kugira ngw ico muzosaba Data cose mw izina ryanje, akibahe. 17Ivyo ndabibageze kugira ngo mukundane.
Ingen’ isi yanka Yesu n’abiwe
18 # Yoh 7:7; 1 Yoh 3:13. Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka. 19#1 Yoh 4:5; Yoh 17:14; Luk 6:22.Iyo muba ab’ isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutar’ ab’ isi, ariko nabatoranije mu b’isi, ni co gituma isi ibanka. 20#Yoh 13:16; Mat 10:24.Mwibuke rya jambo nababgiye, nt’ Umushumba ntaruta shebuja; namba bārampamye, namwe bazobahama; namba bāritondeye ijambo ryanje, n’iryanyu bazoryitondera. 21#Yoh 16:3; Mat 5:11; 10:22; Mrk 13:13.Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye. 22Iyo ntaba naraje ngo ngire ico mbabarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n’ico bireguza icaha cabo. 23#Yoh 5:23; 1 Yoh 2:23; Luk 10:16.Ūnyanka aba yanka na Data. 24#Yoh 14:11.Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n’uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka. 25#Zab 35:19; 69:4.Ariko vyabaye birtyo kugira ngw ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Bānyankiye ubusa.
26 # Yoh 14:26; Luk 24:49. Arik’ Umwitsa ah’ azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w’ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe, 27#Luk 1:2; Ivyak 1:8; 5:32.kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mbere na mbere.

Currently Selected:

Yohana 15: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in