YouVersion Logo
Search Icon

Yesaya 12

12
Gushimira Uhoraho imbabazi ziwe
1Kur’ uwo musi uzovuga, ut’ Uhoraho, ndagukengurukiye, kuko naho wandakiye, uburake bgawe burahwamye, nawe uramporahoje. 2#Kuv 15:2; Zab 118:14.Ehe rāba, Imana ni yo gakiza kanje; nzokwama nizigira, sintinye: kuk’ UHORAHO YEHOVA ari we nkomezi zanje n’indirimbo yanje, kandi yacitse agakiza kanje. 3#Yoh 4:14.Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza. 4#Zab 105:1; 145:4, 6; 148:13.Kandi kur’ uwo musi muzovuga, muti Ni mukengurukire Uhoraho, mwambaze izina ryiwe, mwamamaze ibikorwa vyiwe mu mahanga, mumenyekanishe izina ryiwe ko rishizwe hejuru. 5Muririmbire Uhoraho, kuko yakoze ivyiza bihambaye: ivyo ni vyamamare mw isi yose. 6#Yes 1:4; Hos 11:9.Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.

Currently Selected:

Yesaya 12: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in