Itanguriro 24
24
Aburahamu atuma gusabira Isaka umugeni
1 #
Ita 24:35. Aburahamu yar’ ashaje, ageze mu zabukuru: kand’ Uhoraho yari yarahaye Aburahamu umugisha muri vyose. 2#Ita 15:2; 24:9, 10; 47:29.Aburahamu abarira umubgiriza wiwe, umukuru wo mu rugo rwiwe, yabgiriza ivyo yar’ afise vyose, at’ Enda n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, 3#Kuv 34:16; Gus 7:3; 2 Kor 6:14.ndakurahize Uhoraho, ni we Mana Nyen’ ijuru, ni we Mana Nyen’ isi, yuk’ utazosabira umwana wanje umugeni wo mu Banyakananikazi, abo mbamwo; 4#Ita 11:31.ariko k’uzoja mu gihugu cacu, muri bene wacu, kuba ari ho usabira umwana wanje Isaka umugeni. 5Uwo mubgiriza aramwishura, ati Kumbure uwo mwigeme ntazokwemera ko tuzanana mur’ iki gihugu: none bibaye birtyo, noba nkwiye gusubiza umwana wawe mu gihugu wavuyemwo? 6Aburahamu aramwishura, at’ Uz’ uzire akaziri, ntuz’ usubizey’ umwana wanje! 7#Ita 12:1, 7; Kuv 23:20.Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, umwe yankūra mu nzu ya data no mu gihugu navukiyemwo, akambarira, akandahira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu; uyo ni we ubgiwe azotuma umumarayika wiwe akuje imbere, nawe az’ abe ari ho usabira umwana wanje umugeni. 8#Yos 2:17-20.Kand’ uwo mukobga ni yaramuka yanse kuzanana nawe, ntuzoba ugifatwa n’iyo ndahiro nkurahije; mugabo ntuz’ usubizey’ umwana wanje. 9#Ita 24:2.Nuk’ uwo mubgiriza ashira ukuboko musi y’ ikibero ca shebuja Aburahamu, amurahira nk’ukw ivyo biri.
10 #
Ita 27:43. Uwo mubgiriza yābīra ingamiya cumi zo mu ngamiya za shebuja, aragenda; ajana ibintu vyiza‐vyiza vy’uburyo bgose shebuja amurungikanye; nukw arīkora, aja muri Aramu‐Naharayimu, ashika ku gisagara Nahori yabamwo. 11#Kuv 2:16.Abarira izo ngamiya zipfukama inyuma y’igisagara kw iriba, hāri ku mugoroba, mu gihe c’amavoma. 12#Ita 24:27, 42, 48; 27:20.Arasenga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze, mpa kugira amahirwe uyu musi, ugirire neza databuja Aburahamu. 13Ehe mpagaze kw iriba, kand’ abakobga b’ abo mu gisagara bahava basokoroka baze kuvoma; 14#Ita 15:8; Abac 6:17-22.enda se bibe birtya: umwigeme ndibubgire, nti Ndakwinginze, ururutsa umubindi wawe, nnyweko; akanyishura, ati Nywako, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe: uyo abe ari we watoranirije Isaka umusavyi wawe; ivyo ni vyo bimmenyesha yuk’ ugiriye neza databuja.
15 #
Ita 11:29; 22:23. Nukw akirikw aravuga, Rebeka arasokoroka, afise umubindi ku rutugu; yari mwene Betuweli, uwo Miluka yavyaranye na Nahori umugabo wiwe, murumuna wa Aburahamu. 16#Ita 26:7.Kand’ uwo mwigeme yari mwiza cane w’umunyakaranga, yar’ inkumi, atigeze kumenyana n’icitwa umugabo: aramanuka, aja kw iriba, yuzuza umubindi wiwe, aradūga. 17Uwo mubgiriza arīkānya, aramusanganira, aramubgira, ati Ntabaza se utuzi two kunywa kur’ uwo mubindi wawe. 18Aramwishura, ati Nywako, mutungwa. Anyarutsa kwururukiriza umubindi wiwe ku kiganza, aramuha, aranywa. 19Ahejeje kumuha, aramubgira, ati Hinge mvomere n’ingamiya zawe, zihodoke. 20Aranyaruka, asuka umubindi wiwe mu bgato, ariruka, asubira kw iriba kuvoma, avomera ingamiya ziwe zose. 21Uwo mugabo amushinga ijisho anumye, kugira ngw amenye yuk’ Uhoraho yahaye urugendo rwiwe umugisha, cank’ ata wo.
22Nukw izo ngamiya zimaze guhodoka, uwo mugabo yābīra impeta y’izahabu, kuriba kwayo kwar’ igihimba ca shekeli, n’ivyo kumwambika ku maboko bibiri vy’ izahabu, kuriba kwavyo kwari shekeli cumi; 23aramubaza, at’ Uri mwene nde? Ndakwinginze, nyibarira. Kandi mbeg’ i wanyu har’ indāro tworonka? 24Aramwishura, ati Ndi mwene Betuweli, uwo Miluka yavyaranye na Nahori. 25Yungamwo, aramubarira, ati Turi n’ivyarire n’ivyo kurya bizihāgije, dufise n’aho kurāra. 26#Ita 24:48, 52; Kuv 4:31.Uwo mugabo yunamika amaso, ahimbaza Uhoraho, 27#Ita 24:12, 48; 32:10.aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, Imana ya databuja Aburahamu, itāretse kugirira imbabazi databuja, no kumubera umwizigirwa! nanje nyene, Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.
28Maz’ uwo mwigeme arirukanga, abarira abo mu nzu kwa nyina ayo majambo. 29#Ita 25:20; 28:2.Kandi Rebeka yar’ afise musaza we yitwa Labani: Labani uwo arasohoka, abandanya ah’uwo mugabo ari, kw iriba. 30Yari yitegereje impeta na vya bindi vyo ku maboko, ivyo mushiki we yari yambaye, yumvise n’amajambo Rebeka mushiki we amudōndeye, at’ Ivyo ni vyo uwo mugabo ambariye; ni kwo guca aja ah’uwo mugabo ari. Asanga agihagaze i ruhande ya za ngamiya, kw iriba. 31#Ita 26:29; Abac 17:2; Rus 3:10.Aramubgira, ati Ngwino, nyaguhabga n’ Uhoraho! n’iki kikugumije ku gahinga? ko nteguye inzu, bo n’ah’ ingamiya. 32#Ita 18:4; 43:24; Abac 19:21.Nuk’ uwo mugabo ashika mu rugo; Labani akūra ibintu ku ngamiya, atanga icarire n’ ivyo kurya vy’ingamiya, n’amazi y’uwo yo kwoga ibirenge, bo n’abo bari kumwe. 33Bamuzanira izimano ngw arye: maz’ aravuga, ati Sindya, ntaravuga ivyo natumwe. Uwundi ati Vuga.
34Ati Jewe nd’ umuntu wa Aburahamu. 35#Ita 13:2.Kand’ Uhoraho yahaye databuja umugisha mwinshi, ahinduka ūhambaye; kandi yamuhaye imikuku n’amasho n’amafeza n’amazahabu n’abatungano b’abahungu n’abakobga n’ingamiya n’indogoba. 36#Ita 21:2, 10; 25:5.Kandi na Sara muka databuja yavyaye umuhungu ashaje, ni we databuja yaraze ivyiwe vyose. 37#Ita 24:3.Kandi databuja yarandahije ngo sinze nsabire umwana wiwe umugeni mu Banyakananikazi, ben’ igihugu abamwo: 38ariko ngo nze nje mu b’inzu ya se no muri bene wabo, ngw abe ari ho nsabira umwana wiwe umugeni. 39Maze nishura databuja, nti Kumbure uwo mwigeme ntazokunda ko tuzanana. 40#Ita 17:1; 24:7.Aranyishura, at’ Uhoraho, nama ngendera imbere, azotuma umumarayika wiwe ajane nawe, azoha urugendo rwawe umugisha; maze nawe uz’ usabire umwana wanje umugeni muri bene wacu, mu b’ inzu ya data. 41#Ita 24:8.Nuko ni washika muri bene wacu, ni ho iyo ndahiro nkurahije itazogufata: na bo baramutse bamukwimye, ntuzoba ugifatwa n’iyo ndahiro. 42#Ita 24:12, 21.Maz’ uyu musi nshitse kw iriba, ndasenga, nt’ Ewe Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ni waba uhaye urugendo rwanje nagenze umugisha, 43#Ita 24:13, 14.ehe mpagaze kw iriba: nt’ Enda se ni bibe birtya: umwigeme asokoroka kuvoma, nkamubgira, nti Ntabaza se utuzi two kunywa kur’ uwo mubindi wawe, 44akanyishura, ati Nywako, nteko mvomere n’ingamiya zawe: uyo abe ari we, wewe Uhoraho utoranirije mwene databuja. 45#Ita 24:15-17.Maze ngisengera mu mutima wanje, ngize ntya mbona Rebeka arasokorotse, afise umubindi ku rutugu; amanuka kw iriba, aravoma; ndamubarira, nti Ntabaza utwo kunywa. 46#Ita 24:18-20.Anyarutsa kwururutsa umubindi wiwe ku rutugu, at’ Enda nywa, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe. Nuko ndanywa, aha n’ingamiya na zo. 47#Ezk 16:11, 12.Nca ndamubaza, nt’ Uri mwene nde? ati Ndi mwene Betuweli, uwo Nahori yavyaranye na Miluka. Nca ndamwambika impeta ku zuru, n’ ivyambarwa ku maboko. 48#Ita 22:23; 24:26, 27; Yes 48:17.Nca nunamika amaso, mpimbaza Uhoraho, nshemagiza Uhoraho Imana ya databuja Aburahamu, yandōngōye inzira ikwiye, ngo nsabire umwana wiwe umugeni ku muhungwabo wa databuja. 49#Ita 47:29; Yos 2:14.Nuko ni mwemera kugirira databuja ivyiza mu buryo bukwiye, ni mumbarire; mutavyemeye, na ho nyene mumbarire, ngo mmenye ico nkora.
50 #
Ita 31:24; Zab 118:23. Labani na Betuweli baca baramwishura, bat’ Ivyo bivuye k’Uhoraho: nta kindi twoshobora kukubarira ic’ ari co cose. 51#Ita 24:42-46.Ehe rāba Rebeka nguyo, n’umujane wīgīre, abe umugore w’umwana wa shobuja, nk’uk’ Uhoraho abigize.
52 #
Ita 24:26. Nuk’ uwo muntu wa Aburahamu yumvise ayo majambo, akubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho. 53Uwo muntu asokorora utugenegene tw’ifeza n’utw’ izahabu, n’impuzu, abiha Rebeka: kand’ aha na musaza we na nyina ibintu vy’igiciro. 54Baraheza bararya, baranywa, bo n’abo bāzananye, barāra ngaho buraca: bavyuka mu gatondo, aravuga, ati Ni munsezere, nsubire kwa databuja. 55Musaza wa Rebeka na nyina baramwishura, bati Hinge uyu mwigeme tumarane iyindi misi nk’ icumi cank’ isaga, muheze mubone kugenda. 56Arabishura, ati Nta co muntebereza, kuk’ Uhoraho yahaye urugendo rwanje umugisha: ni munsezere, nsubire kwa databuja. 57Baramwishura, bati Hinge duhamagare uwo mwigeme, twumve irimuva mu kanwa. 58Bahamagara Rebeka, baramubaza, bat’ Uremera kujana n’uyu mugabo? arabishura, ati Ndemeye. 59#Ita 35:8.Basezera Rebeka mushiki wabo, bamurungikana n’umurezi wiwe, basezera na wa muntu wa Aburahamu n’abantu biwe. 60#Ita 17:16; 22:17.Bahezagira Rebeka, baramubgira, bat’ Ewe mushiki wacu, uz’ uvyare usasagare, ugire ibihumbi n’ibihumbi, kand’ uruvyaro rwawe ruze rwegukire amarembo y’abansi barwo. 61Nuko Rebeka arīkora, bo n’incoreke ziwe, bagendera kuri za ngamiya, bajana n’uwo mugabo. Uko ni k’uwo muntu yajanye Rebeka, aragenda.
62 #
Ita 16:14; 25:11. Kandi Isaka yari yaravuye kw Iriba ry’i Lahayi‐royi, yaba mu gihugu c’i Negebu. 63Bukeye Isaka arasohoka, aja mu gahinga kwiherēra, hāri ku kagoroba: yunamura amaso, agize artya abona ingamiya zije. 64Maze Rebeka yunamura amaso; abonye Isaka, ava ku ngamiya, 65abaza wa muntu, at’ Uriya muntu ni nde, agiye guhūra natwe, aza mu gahinga? Uwo muntu aramwishura, ati Ni databuja. Rebeka aca yābīra umwitwikiro wiwe, yitwikira mu maso. 66Uwo muntu yīgānira Isaka ivyo yakoze vyose. 67#Ita 23:2.Isaka ajana Rebeka mw ihema risiga nyina wiwe Sara, aramurongora, aba umugore wiwe, aramukunda. Isaka ivyo bimwirura umubabaro wa nyina.
Currently Selected:
Itanguriro 24: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967