Itanguriro 25
25
Aburahamu avyara abandi bana
1 #
1 Ngo 1:32, 33. Aburahamu arongora uwundi mugore, yitwa Ketura. 2Bavyarana Zimurani na Yokishani na Medani na Midiyani na Yishibaki na Shuwa. 3Yokishani avyara Sheba na Dedani. Abakomōtse kuri Dedani n’Abashuri n’Abaletushi n’Abaleyumi. 4Bene Midiyani ni Efa na Eferi na Hanoki na Abida na Eludaya. Abo bose n’uruvyaro rwa Ketura.
5 #
Ita 24:36. Aburahamu araga Isaka ivyo yar’ afise vyose. 6Arikw abana bo ku ncoreke Aburahamu yar’ afise, arabagabira; araheza arabarungika, akiriho, ngw abatandukanye na Isaka umwana wiwe, bagende berekeye i burasirazuba, baje mu gihugu c’i burasirazuba nyene.
Urupfu rwa Aburahamu
7Nukw imisi Aburahamu yamaze n’imyaka ijana na mirongwirindwi n’itanu. 8#Ita 15:15; 25:17; Abac 2:10.Aburahamu aracīkāna, atāmbūra ageze mu zabukuru, apfa yisāziye neza; ahamvya ababo. 9#Ita 23:16-19.Isaka na Ishimayeli abana biwe bamuhamba mw isenga y’i Makipela, iri mw itongo ryar’ irya Efuroni mwene Sohari Umuheti, aharābana n’i Mamure; 10ari ryo tongo Aburahamu yaguze n’Abaheti: ni ho Aburahamu yahambge, bo na Sara umugore wiwe. 11#Ita 24:62.Aburahamu amaze gupfa, Imana iha umugisha Isaka umwana wiwe; kandi Isaka yaba hafi y’Iriba ry’i Lahayi‐royi.
Uruvyaro rwa Ishimayeli
12 #
Ita 16:15. Uru ni rwo ruvyaro rwa Ishimayeli mwene Aburahamu, uwo yavyaranye na Hagari Umunyegiputakazi, incoreke ya Sara. 13#1 Ngo 1:29-31.Aya ni yo mazina ya bene Ishimayeli, ayo bitwa nk’uko bakurikiranye: imfura ya Ishimayeli ni Nebayoti, hakurikira Kedari na Adibeli na Mibusamu, 14na Mishima na Duma na Masa, 15na Hadadi na Tema na Yeturi na Nafishi na Kedema: 16#Ita 17:20.abo ni bo bana ba Ishimayeli, ayo ni yo mazina yabo, nk’ukw ibisagara vyabo biri, nk’ukw ingo zabo ziri; baba abatware cumi na babiri, nk’ukw amoko yabo ari. 17#Ita 25:8.Iyi ni yo myaka Ishimayeli yamaze: n’ijana na mirongwitatu n’indwi; araheza aracīkāna, ahamvya ababo. 18#Ita 16:12; 1 Sam 15:7.Abiwe bahēra i Havila basagaza gushitsa i Shura, aharābana na Egiputa, mu nzira ija muri Ashuri; kandi Ishimayeli yari yapfuye aho yishingiye amahema asita bene wabo bose.
Ukuvuka kwa Esau na Yakobo
19 #
Mat 1:2. Uru ni rwo ruvyaro rwa Isaka mwene Aburahamu: Aburahamu yavyaye Isaka. 20#Ita 24:24, 29, 67.Isaka yar’amaze imyaka mirongwine igihe yarongora Rebeka mwene Betuweli Umwaramu w’i Padan‐aramu, mushiki wa Labani Umwaramu. 21#2 Sam 24:25; 1 Ngo 5:20; 2 Ngo 33:13; Ezr 8:23.Isaka atakambira Uhoraho kubg’ umugore wiwe, kukw atāvyara: Uhoraho yumva gutakamba kwiwe, Rebeka umugore wiwe asama inda. 22#1 Sam 9:9; 10:22.Abana basitanira mu nda yiwe: maz’ aribaza, ati Ko bimeze birtya, igituma nkiriho n’iki? Aragenda aja kubisiguza Uhoraho. 23#Ita 17:16; 24:60; 27:29, 40; 2 Sam 8:14; Rom 9:12.Uhoraho aramwishura,
at’ Inda yawe irimw’ amahanga abiri,
Amoko abiri azokwitandukanya uhereye bakiva mu bura bgawe:
Ubgoko bumwe buzorusha ubundi inkomezi,
Kandi Bukuru azoshumbira Butoyi.
24Maz’ igihe ciwe co kuvyara kigeze, basanga yar’ atwaye inda y’ amahasa. 25#Ita 27:11.Bukuru avuka ar’ inzobe y’umuyugubge, yar’akatse wese nk’impuzu y’ivyoya, bamwita Esau.#25:25 Esau risobanurwa ngo Savyoya. 26#Ita 27:36; Hos 12:3.Hakurikira Butoyi, afashe igitsintsiri ca Esau; bamwita Yakobo;#25:26 Yakobo risobanurwa ngw Intōnyōtsi. kandi Isaka yar’amaze imyaka mirongwitandatu, igihe bāvuka.
Esau agura ubukuru bgiwe utwo kurya
27 #
Ita 27:3, 5. Abo bahungu barakura; Esau aba umuhigi w’umuhinga, w’ umunyeshamba; Yakobo we yaratekereza, yībēra mu mahema. 28#Ita 27:4, 7.Kandi Isaka yakunda Esau, kuko yama arya ku nyama yahīgūkanye; Rebeka we yakunda Yakobo. 29Umusi ur’ izina, Yakobo ateka ivyo kurya; Esau arinjira, avuye mw ishamba, ashonje, acitse intege. 30Esau abarira Yakobo, ati Mpa se utwo ntamira kur’ ivyo bitukura, ku bitukura utetse, kuko numva ncitse intege. Ni co catumye yitwa Edomu.#25:30 Edomu risobanurwa ngo Gituku. 31Yakobo aramwishura, ati Shit’ ubanje kungurira, nkegukira kuba samuragwa mu gishingo cawe. 32Esau aramwishura, ati Rāba ngira mpfe! non’ ivyo kuba samuragwa bizommarira iki? 33#Heb 12:16.Yakobo aramwishura, ati Banza undahire. Aramurahira, agura na Yakobo ivyo kuba samuragwa kwiwe. 34Yakobo araheza aha Esau umutsima n’ibiharage; nukw ararya aranywa, yivira hasi, arīgīra. Uko ni ko Esau yakēngereye ivyo kuba samuragwa.
Currently Selected:
Itanguriro 25: RUN1967
Highlight
Share
Copy
Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967