YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 20

20
Aburahamu aterwa n’ubgoba, yihakana Sara
1 # Ita 12:19-20; 26:6-11. Aburahamu ava aho yar’ ari, agenda yerekeye igihugu c’i Negebu; aja kuba hagati y’i Kadeshi n’i Shura, yikubita n’i Gerari. 2Aburahamu avuga ko Sara umugore wiwe ari mushiki we; Abimeleki, umwami w’i Gerari, atumiza Sara, aramutwara. 3#Yob 33:15, 16; Zab 105:14.Ariko mw ijoro Imana ibonekera Abimeleki mu nzozi, iramubarira, it’ Urapfuye, kubg’ uwo mugore watwaye: kukw afise ina we. 4#Ita 18:23.Mugabo, Abimeleki ntiyaribgamwēgēre: nukw arabaza, ati Mwami, wogeseza abantu kand’ ata co bacumuye? 5Ubgiwe si we yambariye ngo ni mushiki we? Na nya mugore nyene yavuze kw ari musaza we. Ico nakoze nagikoze ata mutima undega ikibi, ata maboko yanje nanduje. 6#Ita 39:9.Imana imwishurira mu nzozi, iti Koko, nzi yuko wakoze ivyo ufise umutima utakurega ikibi, kandi nanje nakubujije kuncumurako: ni co catumye ntagukundiye kumukorako. 7#1 Sam 7:5; Yob 42:8.None rero subiza uwo mugabo umugore wiwe, kukw ar’ūvugishwa nanje; na we azogusengera, ubone kubaho. Ariko n’utamumusubiza, umenye yuk’ utazobura gupfa, mwe n’abawe bose.
8Abimeleki akoroka kare mu gatondo, ahamagaza abanyarugo biwe bose, abiganira ivyo vyose: abo bagabo baratinya cane. 9Maze Abimeleki ahamagaza Aburahamu, aramubaza, ati Watugize ibiki? Nagukoreye icaha ki, catumye undemeka icaha kingana girtyo, twe n’igihugu canje? Wankoreye ibidakwiye gukorwa. 10Abimeleki arongera abaza Aburahamu, at’ Ivyo wabitewe n’iki? 11#Ita 12:12; 26:7; 42:18; Imig 16:6.Aburahamu aramwishura, ati N’uko nibgiye rwose yukw ata gutinya Imana kuriho ino; nti Kandi bazonyica bampora umugore wanje. 12#Ita 11:29.Kandi koko ni mushikanje: ni mwene data ariko si mwene mama, maze namugize umugore wanje. 13#Ita 12:1, 13.Nuko rero, uhereye ah’ Imana yankūriye mu rugo kwa data, ikankwiragiza, naramubariye, nt’ Uku ni k’ukwiye kuzogenda untabara: aho tuzoshika hose, uz’ uvuge, uti Ni musazanje.
14Abimeleki yābīra intama n’ inka n’abagurano b’abahungu n’ abakobga, abiha Aburahamu amusubiza na Sara umugore wiwe. 15#Ita 13:9.Abimeleki aramubarira, at’Eh’ igihugu canje ngico: genda ube ah’ugomba hose. 16Abarira na Sara, ati Rāba mpaye musazawe intete z’ifeza igihumbi; zizoba ico kugutēturura imbere y’abo muri kumwe bose; ngukūyekw iceyi kuri bose. 17#1 Sam 12:23; Yob 42:8.Maze Aburahamu asenga Imana, ikiza Abimeleki n’ umwamikazi wiwe n’incoreke ziwe; baravyara. 18Kuk’ Uhoraho yari yazivye inda z’abo mu rugo rwa Abimeleki bose, abahōye Sara umugore wa Aburahamu.

Currently Selected:

Itanguriro 20: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in