YouVersion Logo
Search Icon

Itanguriro 19

19
Abamarayika bashika i Sodomu
1 # Ita 18:2, 22. Ba bamarayika bompi bashika i Sodomu ku kagoroba: kandi Loti yari yicaye kw irembo ry’igisagara c’i Sodomu. Loti ababonye, ava hasi kubasanganira, akubita inkoro hasi, 2#Ita 18:4; Luk 24:28; Heb 13:2.arababarira, ati Batungwa, ndabinginze ni muze i wanje ku musavyi wanyu, muharāre iri joro, mwoge ibirenge, buce mwizindukira, mufate inzira, mugende. Baramwishura, bat’ Oya, turarāra mw ibarabara buce. 3Arabagōbēra cane, barakevya, binjira mu nzu i we, abarondereza amazimano, abacumbishiriza imitsima itambiwe, bararya. 4Maze batararyama, abagabo bose bo mur’ ico gisagara c’i Sodomu bakikiza iyo nzu, uhereye ku bakuru n’abato, abantu bose bavuye impande zose. 5#Abac 19:22; Yes 3:9; Rom 1:24, 27; Yud 1:7.Bahamagara Loti, baramubaza, bat’ Abagabo binjiye i wawe mur’ iri joro bari hehe? basohore, tubonone. 6#Abac 19:23.Loti arasohoka aja aho bari ku muryango, akinga urugi inyuma yiwe. 7Arababgira, ati Bene data, ndabinginze, ntimukore icaha kingana girtyo. 8#Abac 19:24.Ehe rāba, mfise abigeme babiri, batazi icitwa umugabo; reka ndabasohore aho muri, namwe mubagenze uko mugomba kwose. Arikw abo bagabo mwoye kugira ico mubakorako, kuko bashitse mu nzu yanje. 9#Ita 13:12; Kuv 2:14; Ivyak 7:26-28.Baramubgira, bati Va ngaho! Bat’ Uru rugabo rw’inyakamwe, rwaje ar’ inyambukira, none rwīgize umucamanza! None rero turakugirira nabi birenze uko twari kugirira abo. Basunika Loti cane, begera urugi ngo barusāvye. 10Maze ba bagabo batuma amaboko, bashīngira Loti bamwinjiza mu nzu, bugara urugi. 11#2 Abam 6:18.Basuka uruhumyi kur’ abo bagabo bo ku rugi, uhereye ku bakuru n’abato; bacumukura barondera urwo rugi.
Uguhona kwa Sodomu na Gomora
12 # 2 Pet 2:9. Abo bagabo babaza Loti, bati Har’ abandi bantu ufise hano? abakwe bawe n’abahungu bawe n’abakobga bawe n’ab’ufise bose mur’ iki gisagara, bakūre aha hantu. 13#Ita 18:20.Kuko tugira tuhahonnye, kukw induru zihavugirizwa zibaye nyinshi cane imbere y’Uhoraho, kand’ akaba adutumye kuharandura. 14#Guh 16:21, 26; Ivyah 18:4.Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.
15 # Yer 51:6. Umutwenzi utambitse, ba bamarayika bahutagiza Loti, bati Va hasi, ujane umugore wawe n’aba bakobga bawe bompi bari hano, kugira ngo woye kurandukira mu guhanwa kw’iki gisagara. 16#Zab 32:10; 34:22; 2 Pet 2:7, 8.Maze akijujura, abo bagabo bamufata ukuboko, n’ukw’ umugore wiwe n’abakobga biwe bompi. Uhoraho amugiriye ikigongwe, bamukūrayo, bamuterera inyuma y’igisagara.
17 # Ita 19:26; Mat 24:16-18. Bamaze kubakūrayo, umwe muri bo aravuga, ati Hunga ntupfe! Ntukebēre inyuma, kandi nturuhe uhagarara utararangiza iki kiyaya cose; hungira kur’ iriya misozi, woye kuranduka. 18Loti arabishura, at’ Oyaye mugenzi, s’ uko! 19Rāba umusavyi wawe ko ngiriwe akagongwe imbere yawe, kand’ ukaba ungwijijekw imbabazi zawe, izo ungiriye ng’ ukize ubugingo bganje: erega sinoba ngihunga ngo nshike kur’ iriya misozi, ico cago kitanshitseko, kikanyica: 20rāba, kariya gasagara ni ko kari hafi ko guhungirako, kandi ni na gato, nyemerera se mpungireyo, — mbega si gato nyene? — mbone gukiza ubugingo. 21Aramwishura, ati Nuko ndakwemereye no ku co uvuze ico, kutarandura igisagara uvuze; 22arikw ihute, uhungireyo; kukw ata co nshobora gukora utarashikayo. Ni co catumye ico gisagara citwa Sowari.#19:22 Sowari risobanurwa ngo Gato.
23Loti ashika i Sowari izuba rirashe. 24#Gus 29:23; Yes 13:19; Yer 50:40; Zef 2:9; Luk 17:29; 2 Pet 2:6; Yud 1:7.Uhoraho atiburira kuri Sodomu na Gomora umuriro n’ amazuku, bivuye kuri we mw ijuru; 25akomvomvora ivyo bisagara n’ ico kiyaya cose, n’ababa mur’ ivyo bisagara bose, n’ivyari vyarahameze vyose. 26#Ita 19:17.Ariko muka Loti amukurikiye, akebuka inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu.
27 # Ita 18:22. Aburahamu ahenga mu gatondo arazinduka, aja ha handi aho yar’ ahagaze imbere y’Uhoraho: 28yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.
29 # Ita 8:1. Igihe Imana yarandura ibisagara vyo mur’ ico kiyaya, yibutse Aburahamu, irungika Loti ngw ave mur’ ako gatikizo, igihe yakomvomvora ibisagara Loti yabamwo.
Amamo y’Abamowabu n’Abamoni
30 # Ita 19:17, 19. Maze Loti ava i Sowari, adūga ku musozi, abayo, bo n’abigeme biwe bompi; kuko yatinya kuba i Sowari: nukw abana mw isenga n’abo bigeme biwe bompi. 31Maz’ umukuru abgira murumuna we, ati Data arashaje, kandi nta muntu agisigaye kw isi wo kuturongora, nk’uk’ umugenzo wo mw isi yose uri. 32Enda dutereke data vino, turyamane na we, kugira ngo duhonore data. 33Batereka se vino mur’ iryo joro, umukuru aragenda, aryamana na se; se ntiyamenya ingen’ uwo mukobga yaje kuryama n’ingene yavyutse. 34Bukeye bg’aho, umukuru abgira murumuna we, at’ Iri joro ryakeye naryamanye na data: twongere tumutereke n’iri joro, nawe ugende uryamane na we, duhonore data. 35Iryo joro na ryo bongera gutereka se, umutoya ava hasi, aryamana na we; maze ntiyamenya ingen’ uyo na we yaje kuryama n’ingene yavyutse. 36Uko ni kw abakobga ba Loti bompi batwaye inda bakūye kuri se. 37#Gus 2:9.Umukuru avyara umuhungu, amwita Mowabu: uwo ni we yandurutsweko n’Abanyamowabu na bugingo n’ubu. 38#Gus 2:19.Umutoya na we avyara umuhungu nyene, amwita Benami: uwo ni we yandurutsweko n’Abamoni na bugingo n’ubu.

Currently Selected:

Itanguriro 19: RUN1967

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in