YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 8

8
Uguhamwa kw’Abakristo
1 # Ivyak 7:58; 11:19; 22:20. Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa. 2#Mat 14:12.Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane. 3#Ivyak 9:1; 22:4.Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.
Filipo aja i Samariya
4Arikw abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana. 5#Ivyak 6:5.Na Filipo aramanuka, aja mu gisagara c’i Samariya, abamenyesha ivya Kristo. 6Abantu benshi bashira umutima ku vyo Filipo avuga bashize hamwe, bumvise kandi babonye ibimenyetso akora. 7#Mrk 16:17.Kuko benshi muri bo bāri binjiwemwo n’impwemu zihumanye zābavamwo, ziboroga n’amajwi arenga; kandi n’abāri bamugaye n’abacumbagira benshi barakizwa. 8#Yoh 4:40-42.Haba umunezero mwinshi mur’ ico gisagara.
Ivya Simoni umunyamarēba
9Kandi hāriy’ umuntu yitwa Simoni, yahora akora ivy’ amarēba mur’ico gisagara, akūmiza ubgoko bg’Abasamariya, akīyita agakomeye. 10Bama bamushizek’ umutima bose, uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye, bat’ Uyu ni we bga bushobozi bg’Imana bgitwa Ubuhambaye. 11Arikw icatuma bamushirak’ umutima n’uk’ uhereye kera yabūmiza n’amarēba yiwe. 12#Mat 28:19.Ariko bizeye ubutumwa bgiza Filipo ababgiye bg’ubgami bg’Imana, n’ubg’ izina rya Yesu Kristo, barabatizwa, abagabo n’abagore. 13Na Simoni na we arizera, kand’ amaze kubatizwa yāmana na Filipo: abonye ibimenyetso n’ibitangaza bihambaye vyakorwa, arūmirwa.
14 # Ivyak 3:1. Maz’ intumwa zir’i Yerusalemu zumvise yukw Abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana, 15na bo bamanutseyo barabasengera ngo bahabge Mpwemu Yera; 16kuko Mpwemu ataribgamanuke ngw aje no kur’ umwe muri bo, bāri babatijwe gusa mw izina ry’Umwami Yesu. 17#1 Tim 4:14.Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera. 18Ariko Simoni, abonye yukw abarambitswekw ibiganza vy’intumwa bahabga Mpwemu Yera, azizanira amahera, 19ati Nanje ni mumpe ubgo bushobozi, kugira ng’uwo nzorambikakw ibiganza az’ ahabge Mpwemu Yera. 20Petero aramubgira, at’ Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera. 21#Zab 78:37; Ef 5:5.Nta n’agahimba ufise, nta n’akagabane kavyo, kuk’ umutima wawe udatunganye imbere y’Imana. 22Nuko wihane ubgo bubi bgawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe wobiharirwa. 23#Gus 29:18; Yes 58:6; Heb 12:15.Kuko mbona yuk’ uri mw ibamba ry’umururazi no mu ngoyi zo kugabitanya. 24Simoni aramwishura, ati Munsengere Umwami Imana, ivyo muvuze hoye kugira ikimbako.
25Na bo bamaze gushinga intahe, no kuvuga ijambo ry’Umwami Yesu, basubira i Yerusalemu, bagenda baravuga ubutumwa bgiza mu mihana myinshi y’Abasamariya.
Inkone y’Umunyetiyopiya yizera Yesu
26Maz’ umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo, ati Va hasi uje i bumanuko, ushike ku nzira imanuka iva i Yerusalemu ikaja i Gaza: imwe yo mu bugaragwa. 27#Yes 56:3-7.Ava hasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga. 28Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n’amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana. 29Mpwemu abarira Filipo, ati Ni wēgēre uriya mukogote, ugendane na wo. 30Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana; aramubaza, at’ Ivyo usoma urabitahuye? 31#Yoh 16:13.Na we ati Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo? Yinginga Filipo ngo yūrire bicarane. 32Igihimba co mu vyanditswe yasoma cār’ iki,
ngo Yajanywe nk’intama bajana mw ibāgiro,
Nk’uk’ umwagazi w’intama utekerereza imbere y’uwukemura
Ni kw atākūyek’ umunwa.#Yes 53:7, 8.
33Hamwe yacishwa bugufi barēngānye urubanza rwiwe,
Ab’ urunganwe rwiwe ni nde azoshobora kubadondora?
Kuk’ ubugingo bgiwe bukūwe mw isi.
34Iyo nkone ibaza Filipo, iti Ndakubaza: uwavugishwa n’Imana yavuze ayo majambo kuri nde? Ni we yayīvuzeko, canke yayavuze ku wundi? 35Filipo ateranura akanwa, atangurira kur’ ivyo vyanditswe, amubgira ubutumwa bgiza bga Yesu. 36#Ivyak 10:47.Bakigenda mu nzira, bashika ah’ ar’ amazi, iyo nkone iramubaza, it’ Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki? [37Filipo arayishura, ati Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. Na yo iti Nizeye Yesu Kristo kw ar’ Umwana w’Imana.] 38Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n’iyo nkone, arayibatiza. 39#1 Abam 18:12.Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe. 40#Ivyak 21:8, 9.Ariko Filipo abonekera muri Azoto, ahahita avuga ubutumwa bgiza mu bisagara vyose, kugeza aho yashikiye i Kayisariya.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in