YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 12

12
Umumarayika akiza Petero Herode
1 # Ivyak 4:3. Maze nko mur’ ico gihe umwami Herode ata mu maboko bamwe bo mw ishengero ngw abagirire nabi. 2Yicisha inkota Yakobo mwene nyina wa Yohana. 3Maz’ abonye ko bihimbaye Abayuda, ariyongeza, afata na Petero. Hāri mu misi y’imitsima itambiwe. 4Amaze kumufata, amushira mw ibohero, amuha abasoda cumi na batandatu kumurinda ari bane‐bane, agira ngw az’ amushikirize abantu, Pasika ishize. 5#Yak 5:16.Nuko Petero arindirwa mw ibohero: arikw ab’ishengero baramusengera, batakambira Imana bakobeje.
6 # Ivyak 5:22, 23. Ku musi Herode bgāca amubashikiriza, mur’ iryo joro Petero yar’ asinziriye hagati y’abasoda babiri, aboheshejwe iminyororo ibiri, abateramyi bāri ku rugi barinda inzu y’ibohero. 7#Ivyak 5:19.Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka. 8Umumarayika aramubarira, ati Kenyera, wambare inkweto zawe. Abigenza artyo. Kand’ aramubarira, at’ Ikubirek’ umutamana wawe, unkurikire. 9Arasohoka, aramukurikira, yamara ntiyamenya ivyo umumarayika akoze kw ar’ ivy’ ukuri, arikw agira ngw abonye ivyo yeretswe nko mu nzozi. 10Baciye ku bateramyi ba mbere no ku ba kabiri, bashika kw irembo ryugarije urugi rw’icuma, rija mu gisagara. Rurabīyugururira ubgarwo, barenga irembo baca mu nzira imwe, uwo mwanya umumarayika aca amusiga hano. 11Akenge kagarutse, Petero aribgira, ati Noneho mmenye vy’ukuri yuk’ Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode, bo n’ivyo ubgoko bg’Abayuda bgāri bushamāje vyose.
12 # Ivyak 12:25; 15:37. Amaze kuvyiyumvira, aja kwa Mariya, nyina wa Yohana ari we Mariko, aho bāri bakoraniye benshi, bariko barasenga. 13Petero akomanga ku rugi rw’irembo, umukobga w’umugurano yitwa Rode aja kwumvīra. 14Amenye ijwi rya Petero akanyamuneza kamubuza kwugurura, arirukanga arinjira, ababarira yuko Petero ahagaze kw irembo. 15#Ivyak 26:24; Luk 24:37.Baramwishura, bat’ Urasara. Na we avuga ashimitse kw ar’ivy’ ukuri. Bati N’umumarayika wiwe. 16Ariko Petero ashishikara gukomanga: buguruye baramubona, barūmirwa. 17Arabamama, abīgānira uk’Umwami Imana yamukūye mw ibohero, arababgira, at’ Ivyo mubibarire Yakobo na bene Data bandi. Arahava, aja ahandi.
18 # Ivyak 5:21, 22. Ijoro rikeye, havyuka imivurungano itari mike mu basoda, kuko bazazaniwe ukuntu Petero yabaye. 19Herode amurondeye amubuze, acunaguza abateramyi, avuga ko babajana kubica: maz’ ava i Yudaya amanuka i Kayisariya, agumayo.
Urupfu rwa Herode
20 # 1 Abam 5:9-11; Ezk 27:17. Maz’ ashāmira abo muri Tiro n’i Sidoni, na bo bahūza inama, baja kuri we, bahongera Bulasito, umukuru w’abagaranzurira umwami, basaba impore, kukw igihugu cabo casuma mu gihugu c’uwo mwami. 21Nuko ku musi washinzwe, Herode yambara impuzu z’ubgami, avyagira ku ntebe y’icubahiro, abacūrira amajambo. 22#Ezk 28:2.Abantu barasemerera, bati N’ijwi ry’imana, s’iry’ umuntu. 23#Dan 5:20.Uwo mwanya umumarayika w’Umwami Imana aramukubita, kukw adahaye Imana Rurema icubahiro, aturika inyo, aracīkāna.
24 # Ivyak 6:7; Yes 55:11. Arikw ijambo ry’Imana riragwira, riramamara.
25 # Ivyak 11:29; 12:12; 15:37. Kandi Barunaba na Sauli bava i Yerusalemu, basubira inyuma, bashikirije ivyāgabuwe, bajana Yohana, ari we Mariko.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in