YouVersion Logo
Search Icon

Ivyakozwe N’intumwa 11

11
Petero yiregura ku Bakristo b’Abayuda bamugaye
1Intumwa na bene Data bar’i Yudaya bumva yukw abanyamahanga na bo bemeye ijambo ry’Imana. 2#Ivyak 10:45.Maze Petero adūze i Yerusalemu, abo mu bākebge baramutonganya, 3#Gal 2:12; Ef 2:11.bati Ko winjiriye abatākebge, ugasangira na bo! 4Maze Petero aratangura, abibasobanurira uko bikurikirana, 5#Ivyak 10:9-48.ati Nari mu gisagara c’i Yopa, ndiko ndasenga, mbona neretswe nko mu nzozi ikintu kimanuka kivuye mw ijuru, kimeze nk’uruhuzu runiniya rufashwe ku mitwe ine, kiza aho ndi. 6Ngihanga amaso, ndacitegereza, mbonamw’ ibigenza amaguru ane vyo kw isi, n’ibikōko vyo mw ishamba, n’ibikwega inda hasi, n’ibiguruka vyo mu kirēre. 7Kandi numva ijwi rimbarira, riti Va hasi, Petero, ubāge urye. 8Nanje nt’ Oyaye, Mwami, kukw ata kizira cank’ igihumanya cigeze kija mu kanwa kanje. 9Maz’ ijwi rimbarira ubugira kabiri rivuye mw ijuru, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira. 10Biba birtyo gatatu, biradūzwa vyose, bisubizwa mw ijuru. 11Uwo mwanya abagabo batatu bavuye i Kayisariya, bantumweko, bahagarara imbere y’inzu turimwo. 12Mpwemu ambarira kujana na bo, ata tandukaniro. Kandi na bene Data aba, ukw ari batandatu, turajana, twinjira mu nzu y’uwo mugabo. 13Atwīgānira ingene yabonye umumarayika mu nzu yiwe, ahagaze amubarira, ati Tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero, 14azokubarira amajambo yo kugukizanya n’abo mu nzu yawe bose. 15Ngitanguye kuvuga, Mpwemu Yera arabamanukira, nk’uko yamanukiye kuri twebge ubga mbere. 16#Ivyak 1:5.Nibuka rya jambo ry’Umwami Yesu, uko yavuze, ati Yohana yabatirishije amazi, ariko mweho muzobatizwa na Mpwemu Yera. 17None kw Imana yabahaye ingabire imwe n’iyo natwe twahawe hamwe twizera Umwami Yesu Kristo, jewe nd’ iki gishobora gutāngīra Imana? 18#Ivyak 13:48; 14:27.Bumvise ivyo barīhorera, bahimbaza Imana, bati Noneho rer’ Imana ihaye n’abanyamahanga kwihana ngo baronke ubugingo.
Ubutumwa bgiza bushika no muri Antiyokiya
19 # Ivyak 8:1-4. Nukw abāsābagijwe n’amarushwa yabaye kubg’ ivya Stefano baragenda, bashika n’i Foyinike n’i Kupuro no muri Antiyokiya, ata bandi babarira ijambo ry’Imana atar’ Abayuda bonyene. 20Ariko hāri bamwe muri bo b’abagabo bavuye i Kupuro n’i Kurene bashitse muri Antiyokiya babarira n’Abagiriki na bo, bababgira ubutumwa bgiza bg’Umwami Yesu. 21#Ivyak 2:47.Ukuboko kw’Umwami kwari kumwe na bo, abantu benshi barizera, bahindukirira Umwami. 22#Ivyak 4:36.Inkuru yabo ishika mu matwi y’ishengero ry’i Yerusalemu, batuma Barunaba ngw ashirwe ashitse muri Antiyokiya. 23#Ivyak 13:43.Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu. 24#Ivyak 5:14; 6:5.Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu. 25#Ivyak 9:30.Avayo, aja i Taruso kurondera Sauli, 26#Gal 2:11; Ivyak 26:28; 1 Pet 4:16.amubonye, amujana muri Antiyokiya. Bamaray’ umwaka wose, bakorana n’ishengero, bigisha abantu benshi, kandi muri Antiyokiya ni ho abigishwa bātanguriye kwitwa Abakristo.
27 # Ivyak 13:1; 15:32. Mur’ iyo misi, abavugishwa n’Imana bava i Yerusalemu baja muri Antiyokiya. 28#Ivyak 21:10.Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo. 29#Gal 2:10.Maz’ abigishwa, umuntu wese nk’ukw atunze, bashinga kurungikira bene Data baba i Yudaya ivyo kubatabara. 30#Ivyak 12:25.Babigenza bartyo, babirungikira abakuru, bijanye Barunaba na Sauli.

Highlight

Share

Copy

None

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in