Ivyakozwe N’intumwa 10
10
Umumarayika yiyereka Koruneliyo
1 #
Mat 8:5; Ivyak 27:1. I Kayisariya hār’ umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya. 2Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība. 3#Ivyak 3:1.Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo. 4Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana. 5None rero tuma abantu i Yopa, utumek’ umuntu yitwa Simoni, ari we Petero; 6#Ivyak 9:43.asembereye kwa Simoni umuhazi w’insāto, urugo rwiwe rur’i ruhande y’ikiyaga. 7Umumarayika yavuganye na we amaze kugenda, ahamagara babiri bo mu basuku biwe, n’umusoda yubaha Imana wo mu bamugendanira: 8ahejeje kubīgānira vyose, abatuma i Yopa.
Ivyo Petero yeretswe
9Bukeye bg’aho, bakigenda, bari hafi gushika mu gisagara, Petero yūrira hejuru ku nzu gusenga, hāri nk’isaha zitandatu. 10Yumva arashonje, agomba kurya: bakibirondera, amera nk’ūrota, 11#Ivyak 11:5-17.abona ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk’uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kija hasi, 12hārimw’ ubgoko bgose bg’ibigenza amaguru ane, n’ibikwega inda hasi vyo kw isi, n’ibiguruka vyo mu kirēre. 13Haza ijwi, riramubarira, riti Va hasi, Petero, ubāge, urye. 14#Ezk 4:14; Lew 11:1-47.Petero at’ Oyaye, Mwami, kuko ntigeze ndya ikizira cank’ igihumanya. 15#Mat 15:11; Mrk 7:15, 19.Iryo jwi risubira kuza ubugira kabiri, riramubarira, rit’ Ivy’ Imana ihumanuye, reka kuvyita ibizira. 16Biba birtyo gatatu, ico kintu gica gisubizwa mw ijuru.
17Petero akizazaniwe mu mutima n’ivyo abonye yeretswe ivy’ ari vyo, abantu batumwe na Koruneliyo, bahejeje kubaza urugo rwa Simoni, bahagarara kw irembo, 18barahamagara, babaza yuko Simoni ari we Petero ari ho asembereye. 19#Ivyak 13:2; 15:28.Petero aciyumvira ivyo yeretswe, Mpwemu aramubarira, ati Har’ abantu batatu bariko barakurondera. 20None va hasi, wururuke ujane na bo ata co ukekeranya, kukw ari jewe mbatumye. 21Petero arururuka, asanga abo bantu aho bari, arababarira, ati Ni jewe uwo murondera: mbega mugenzwa n’iki? 22Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe. 23Maz’ arabinjiza, abaha indāro.
Petero aja kwa Koruneliyo
Bukeye bg’aho, Petero arīkora, avanayo na bo, na bene Data bamwe b’i Yopa bajana na we.#Ivyak 11:12. 24Bukeye bg’aho bashika i Kayisariya, Koruneliyo yar’ abīteze, yākoranije incuti ziwe n’abakunzi bo ku mutima. 25Petero agira yinjire, Koruneliyo aramusanganira, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramupfukamira. 26#Ivyak 14:15; Ivyah 19:10.Maze Petero amukūra hasi, ati Va hasi, nanje nd’umuntu nkawe. 27Bakivugana, arinjira asanga abakoraniyeho benshi, 28arababgira, at’ Ubganyu murazi yuko kizira k’umuntu w’Umuyuda yifatanya n’uw’ ubundi bgoko, canke kw amugendera: ariko jeho, Imana yanyeretse yuko hatogira umuntu nita ikizira cank’ igihumanya. 29Ni co catumye nza, ntarinze guhakana, ntumweko. None rero ndabaza ico mwantumiyeko ic’ ari co.
30Koruneliyo ati Hashize imisi ine, nka bugingo ubu, nariko ndasenga ar’ isaha cenda, ndi mu nzu yanje; maz’ umuntu ahagarara imbere yanje, yambaye impuzu ikayangana, 31arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana. 32Nuko tuma i Yopa, utumeko Simoni ari we Petero: asembereye mu rugo kwa Simoni umuhazi w’insāto, i ruhande y’ikiyaga. 33Uwo mwanya nca ndagutumako rero, nawe urayobotse k’uje. None rero twese turi hano imbere y’Imana, kwumva ivy’ Umwami Imana yakugeze kutubgira vyose.
Petero avuga ubutumwa kwa Koruneliyo, bahabga Mpwemu Yera
34 #
Gus 10:17; 1 Sam 16:7; Rom 2:11. Petero yanzika kuvuga, ati N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, 35#Yoh 9:31; 10:16.ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ ukugororoka, iramwemera. 36#Zab 107:20; 147:18; Yes 52:7; Nah 1:15; Mat 28:18.Ijambo Imana yatumye ku Bisirayeli, ivugisha Yesu Kristo ubutumwa bgiza bg’amahoro, ni we Mwami wa bose; 37#Mat 4:12-17.iryo jambo mwebge murarizi, ryāmāmaye i Yudaya hose, ritanguriye i Galilaya, hanyuma y’umubatizo uwo Yohana yigishije: 38#Yes 61:1; Mat 3:16.rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we. 39#Gus 21:22.Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo yakoze vyose mu gihugu c’Abayuda, bo n’i Yerusalemu, umwe bishe, bamumanitse ku giti. 40#1 Kor 15:4-7.Uyo, Imana iramuzura ku musi ugira gatatu, imuha guserurwa ahibonekeza, 41#Yoh 14:19, 22; 15:27; Ivyak 1:4.s’imbere y’abantu bose, arikw imbere y’ivyabona vyatoranijwe n’Imana ivyo bitarabaho, ni twebge, abāsangira na we, turya kandi tunywa, amaze kuzuka mu bapfuye. 42#Ivyak 17:31; Rom 14:9, 10; 1 Pet 4:5; 2 Tim 4:1.Atugera kumenyesha abantu no gushinga intahe kw ari we Imana yashinze kuba Umucamateka w’abariho n’abapfuye. 43#Yes 33:24; 53:5, 6; Yer 31:34; Ezk 34:16; Dan 9:24.Abāvugishwa n’Imana bose bāmushingiye intahe, bavuga yuk’ ūmwizera wese azoharirwa ivyaha kubg’ izina ryiwe.
44Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose. 45Abizeye bo mu bākebge barūmirwa, abāzananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo Mpwemu Yera. 46#Ivyak 2:4; 19:6; Mrk 16:17.Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arababaza, 47ati Mbega har’ uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe? 48#Yoh 4:40.Avuga ko babatizwa mw izina rya Yesu Kristo. Baca baramwinginga ngw amarey’ imisi.
Currently Selected:
Ivyakozwe N’intumwa 10: RUN1967
Highlight
Share
Copy

Want to have your highlights saved across all your devices? Sign up or sign in
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967