Luka 23
23
Yesu ashikirizwa Pilato
1 #
Mat 27:2, 11-31; Mrk 15:1-20; Yoh 18:28—19:16. Iryo koraniro ryose riva hasi, bamujana kwa Pilato. 2#Luk 20:25.Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami. 3#1 Tim 6:13.Pilato aramubaza, ati Ni wewe Mwami w’Abayuda? Na we aramwishura, at’ Urarivuze. 4Pilato abgira abaherezi bakuru n’ishengero, ati Nta caha mbona kur’ uyu muntu. 5Na bo barashimika, bat’ Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya ageza n’ino.
Pilato arungika Yesu kwa Herode
6Pilato avyumvise, abaza yuk’ uwo muntu ar’ Umunyagalilaya. 7#Luk 3:1.Amenye yukw ar’ uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yar’ i Yerusalemu mur’ iyo misi. 8#Luk 9:9.Herode abonye Yesu aranezerwa cane, kuko yahereye kera yifuza kumurāba, kuko yahora yumva ivyiwe, kandi yaziga ko yobona ikimenyetso yokora. 9Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe. 10Abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe barahagarara, bakovya kumwagiriza cane. 11Herode aramutitura, hamwe n’abasoda biwe, aramushinyagurira, maz’ amwambika impuzu y’inyambarabami, amusubiza kwa Pilato. 12Herode na Pilato baca buzura uwo musi nyene, kuko bāri basanzwe bankana.
Pilato acira Yesu urubanza
13Pilato akoranya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abantu, 14arababgira, ati Mwanzaniye uyu muntu ngw agomesha abantu; none jewe namucunagurije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze. 15Na Herode n’uko, kuko yamudushubije: kandi rāba nta co yakoze gikwiye kumwicisha. 16Nuko ndamukubita, ndamurekure. [17Kuko yar’ akwiye kubarekurira imbohe imwe mur’ iyo misi mikuru.] 18Ariko bose basemererera icarimwe, bati Kūrah’ uyo, uturekurire Baraba. 19Uwo yari yashizwe mw ibohero bamuhōye ukugarariza kwabaye mur’ ico gisagara, bo n’ubgicanyi. 20Pilato yongera kubabgira, kukw agomba kurekura Yesu. 21Ariko bo barayogora, bati Mubambe, mubambe. 22Ababaza ubugira gatatu, ati Ku ki? Uyu yakoze ikibi ki? Simmubonakw igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure. 23Ariko barīhambīra bavuga n’amajwi arenga, bamusaba kw abambga, amajwi yabo aramunesha. 24Nuko Pilato aca urubanza nk’uko bamusavye. 25Arekura uwashizwe mw ibohero bamuhōye ubugarariji n’ubgicanyi, uwo basavye; maz’ atanga Yesu ngw agirwe uko bagomba.
Abagore b’i Yerusalemu baborogera Yesu
26 #
Mat 27:32; Mrk 15:21. Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, bamukorera umusaraba, ngw awikorere akurikiye Yesu. 27Ishengero ry’abantu ryinshi riramukurikira, ririmwo n’abagore bishishitira, bamuborogera. 28Yesu arabakebuka, ati Yemwe bakobga b’i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n’abana banyu, 29#Luk 21:23.kukw imisi izoza bazovuga, bati Hahirwa abāgumbashe n’inda zitigeze kuvyara n’amabere atigeze kwonsa. 30#Hos 10:8; Ivyah 6:16; 9:6.Ni ho bazotangura kubarira imisozi, bati Ni mutugweko; n’imirambi, bati Ni mudupfuke. 31#1 Pet 4:17.Ko bagirira bartyo igiti kibisi, non’ icumye kizogirirwa gite? 32N’abandi babiri, b’inkozi z’ibibi, bajananwa na we kwicanwa na we.
Babamba Yesu, bamushinyagurira
33 #
Mat 27:33-56; Mrk 15:22-41; Yoh 19:17-30. Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z’ibibi, umwe i buryo bgiwe, uwundi i bumoso. 34#Mat 5:44; Yes 53:12; Zab 22:18.Yesu aravuga, ati Data, n’ubaharire, kuko batazi ico bakora. Bagabura impuzu ziwe, barazipfindira. 35#Zab 22:7.Abantu bahagarara barāba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw ijigo, bati Yakijije abandi, ni yikize, namb’ ari Kristo w’Imana, uwatoranijwe na yo. 36#Zab 69:21.N’abasoda baramucurīra, baramwēgēra, bamuha inkarisha, 37baramubarira, bati Ni waba ur’ Umwami w’Abayuda, ni wikize. 38Hejuru yiwe kandi hār’ icandiko canditswe, ng’ UYU N’UMWAMI W’ABAYUDA.
Ukwihana kw’umwe mu bambuzi
39Umwe mu nkozi z’ibibi babambge aramutuka, ati Si wewe Kristo? Ni wikize, natwe udukize. 40Arik’ uwa kabiri amwishura amuhana, ati No kwubaha Imana ntuyubaha, kand’ uciriwe urubanza rumwe n’urwiwe? 41Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n’ivyo twākoze: arik’ uyu nta kibi yakoze. 42#Mat 16:28.Kand’ aravuga, at’ Urahava uz’ unyibuke Yesu, ah’ uzozira mu bgami bgawe. 43Aramwishura, ati Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.
Urupfu rwa Yesu
44 #
Am 8:9. Kandi hāri nk’isaha zitandatu, ubgirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa mw isaha y’icenda, 45#Kuv 36:35; Am 9:1.izuba ryazimanganye; igihuzu gikingiriza ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri. 46#Zab 31:5; Ivyak 7:59.Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, aravuga, ati Data, mu maboko yawe ni ho nshize ubugingo bganje. Ahejeje kuvuga artyo aracīkāna. 47Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana, ati N’ukuri uyu muntu yar’ umugororotsi. 48Ishengero ryose ryari ribikungereye, babonye ibibaye basubira inyuma bishishitira. 49#Zab 38:11; 88:8; Luk 8:2.Abazinanyi na Yesu bose n’abagore bāri bavanye i Galilaya na we bāri bahagaze kure barāba ivyo.
Yosefu aja guhamba Yesu
50 #
Mat 27:57-61; Mrk 15:42-47; Yoh 19:38-42. Maze hār’ umuntu yitwa Yosefu, yar’ umunyekombe, kandi yar’ umunyangeso nziza agororotse. 51#Luk 2:25, 38.Uwo ntiyari yafatanije inama n’abandi n’ivyo bākoze; yar’ Umunyarimataya, igisagara c’Abayuda, yar’ areretse ubgami bg’Imana. 52Uyo aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu. 53Arakibambūra, akizingira mu mpuzu yera, agishira mu mva yimbge mu bitandara, itarahambgamw’ umuntu. 54War’ umusi wo Kwitegura, isabato igira ishike. 55Abagore bāri bavanye na Yesu i Galilaya bakurikira Yosefu, babona iyo mva, n’ingen’ ikiziga ciwe gishizwemwo. 56#Kuv 12:16; 20:10; Lew 23:8.Basubira inyuma, bategura ibimota neza n’amavuta atāmirana. Kandi kw isabato bararuhuka, nk’uko vyagezwe.
Tans Gekies:
Luka 23: RUN1967
Kleurmerk
Deel
Kopieer
Wil jy jou kleurmerke oor al jou toestelle gestoor hê? Teken in of teken aan
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967