Matayo 1
1
Ba sekuruza ba Yesu
1Uru ni urukurikirane rwa ba sekuruza ba Yesu ari we Kristo, yakomotse kuri Dawidi wo mu ruvyaro rwa Aburahamu:
2Aburahamu yavyaye Isaka,
Isaka yavyaye Yakobo,
Yakobo yavyaye Yuda n’abandi bavukana,
3Yuda yavyaye Peresi na Zera kuri Tamari,
Peresi yavyaye Hezironi,
Hezironi yavyaye Ramu,
4Ramu yavyaye Aminadabu,
Aminadabu yavyaye Nahashoni,
Nahashoni yavyaye Salimoni,
5Salimoni yavyaye Bowazi kuri Rahabu,
Bowazi yavyaye Obedi kuri Rusi,
Obedi yavyaye Isayi,
6hanyuma Isayi avyara umwami Dawidi.
Dawidi na we yavyaye Salomo, amuvyara kuri Batisheba yahora ari muka Uriya,
7Salomo yavyaye Rehobowamu,
Rehobowamu yavyaye Abiya,
Abiya yavyaye Asa,
8Asa yavyaye Yehoshafati,
Yehoshafati yavyaye Yehoramu,
Yehoramu yavyaye Uziya,
9Uziya yavyaye Yotamu,
Yotamu yavyaye Ahazi,
Ahazi yavyaye Hezekiya,
10Hezekiya yavyaye Manase
Manase yavyaye Amoni,
Amoni yavyaye Yosiya,
11hanyuma Yosiya avyara Yekoniya n’abo bavukana igihe bajanwa kuba abanyagano i Babiloni.
12Bamaze kuva mu buja i Babiloni,
Yekoniya yavyaye Shalutiyeli,
Shalutiyeli yavyaye Zerubabeli,
13Zerubabeli yavyaye Abiyudi,
Abiyudi yavyaye Eliyakimu,
Eliyakimu yavyaye Azori,
14Azori yavyaye Sadoki,
Sadoki yavyaye Akimu,
Akimu yavyaye Elihudi,
15Elihudi yavyaye Eleyazari,
Eleyazari yavyaye Matani,
Matani yavyaye Yakobo,
16hanyuma Yakobo avyara Yosefu, umugabo wa Mariya, nyina wa Yesu ari we Kristo.
17Ni ukuvuga ko habayeho urukurikirane rw’imiryango cumi n’ine kuva kuri Aburahamu gushika kuri Dawidi; n’iyindi cumi n’ine kuva kuri Dawidi gushika igihe bajanwa kuba abanyagano i Babiloni; hongera haba urundi rukurikirane rw’imiryango cumi n’ine kuva bagarutse bavuye mu buja gushika kuri Kristo.
Umumarayika avugana na Yosefu
18Uku ni ko ukuvuka kwa Yesu ari we Kristo kwagenze: nyina wiwe Mariya yari akowe na Yosefu, ariko imbere y’uko babana, asama inda ivuye ku bushobozi bwa Mpwemu Yera. 19Kubera ko Yosefu yari umuntu atunganye, yiyumvira ingene yomuheba mu mpisho, kuko atagomba kumutetereza mu bantu.
20Ariko, akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana araza avugana na we mu ndoto amubwira ati: “Yosefu mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya, kuko inda afise yavuye kuri Mpwemu Yera. 21Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”
22Ivyo vyose vyabaye kugira ngo ivyo Umwami Imana yari yaravugishije abavugishwa na we bishike, ngo: 23“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli”#1:23 Yesaya 7:14 (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).
24Yosefu amaze kwikangura, aca akora ivyo umumarayika w’Umwami Imana yamubwiye, atwara Mariya iwe nk’umugore wiwe. 25Ariko ntibigeze baryamana nk’umugore n’umugabo kugeza amaze kuvyara uwo mwana w’umuhungu; hanyuma amwita Yesu.
Bibiliya mu Kirundi coroshe™, Isezerano Rishasha
Uburenganzira © 2021 bwa Biblica, Inc.
Gukoresha iki gitabu bisaba uruhusha. Uburenganzira bwose ni ubwa Biblica kwʼisi yose.
Contemporary Kirundi Bible™, New Testament
Copyright © 2021 by Biblica, Inc.
Used with permission. All rights reserved worldwide.