Matayo 5
5
Yesu yerekana abahirwe ab’ ari bo
1 #
Luk 6:20-26. Abonye iryo shengero, adūga umusozi. Amaze kwicara, abigishwa biwe baramwēgēra. 2Yanzika kuvuga, arabigisha,
3 #
Yes 57:15. ati Hahirwa aboro mu mitima yabo, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.
4 #
Zab 126:5; Yes 61:3; Ivyah 7:17. Hahirwa abatuntuye, kukw ari bo bazokwirurwa.
5 #
Zab 37:11. Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.
6Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka, kukw ari bo bazohāzwa.
7 #
Yak 2:13. Hahirwa abagira imbabazi, kukw ari bo bazozigirirwa.
8 #
Zab 24:4; 51:10; 73:1; 1 Yoh 3:2, 3. Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.
9 #
Heb 12:14. Hahirwa ababanguranya, kukw ari bo bazokwitwa abana b’Imana.
10 #
1 Pet 3:14. Hahirwa abahamwa bahōrwa ukugororoka, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubgabo.
11 #
1 Pet 4:14. Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye. 12#Yak 5:10; Heb 11:33-38.Munezerwe, muhimbarwe, kukw impēra zanyu ari nyinshi mw ijuru: kukw ari ko bāhama abāvugishwa n’Imana ba mbere.
Abakristo ni bo munyu w’isi n’umuco wayo
13 #
Mrk 9:50; Luk 14:34, 35. Mur’ umunyu w’isi. Arik’ umunyu, iy’ ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Nta co uba ukimaze atar’ ugutabga hanze ugakandagirwa n’abantu. 14#Yoh 8:12.Mur’ umuco w’isi. Igisagara cubatswe ku mpinga y’umusozi ntigishobora guhishwa. 15#Mrk 4:21.Nta bodomeka itara ngo baryubikekw igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose. 16#Ef 5:8, 9; 1 Pet 2:12.Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru.
Yesu ashitsa ivyagezwe
17 #
Mat 3:15; Rom 3:31; 10:4. Ntimugire ngo naje gusenyura ivyagezwe cank’ amajambo y’abavugishwa n’Imana. Sinaje kubisenyura, naje kubishitsa. 18#Luk 16:17; 21:33.Ndababgire ukuri, Gushitsa ah’ ijuru n’isi bizoviraho, nta kanyuguti na kamwe canke n’akazatsa bizova ku vyagezwe, gushitsa aho vyose bizoheraherezwa. 19#Yak 2:10; 1 Kor 15:9.Nuk’ ūzorenga ibgirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bgami bgo mw ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’ ūyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bgami bgo mw ijuru. 20Ariko ndababgira yuk’ ukugororoka kwanyu ni kutaruta ukw’ abanyabgenge b’ivyanditswe n’ukw’ Abafarisayo, mutazoruha mwinjira mu bgami bgo mw ijuru.
Ntukice
21 #
Kuv 20:13; 21:12; Lew 24:17; Gus 17:8. Mwarumvise kw aba kera bābgiwe, ngo Ntukice: uwica aba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza. 22#1 Yoh 3:15.Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu. 23#Mrk 11:25.Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahībukira ko har’ ico upfa na mugenzawe, 24usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe. 25#Mat 6:14, 15; 18:35; Luk 12:58, 59.Wuzure vuba n’ūkurega mukiri mu nzira; ūkurega ntagushikirize umucamanza, umucamanza akaguha umusoda, ugashirwa mw ibohero. 26Ndakubgira ukuri yuk’ utazohava na gatoya utishuye n’ikuta ry’imperēra.
Ntugasambane
27 #
Kuv 20:14. Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Ntugasambane. 28#Yob 31:1; 2 Pet 2:14.Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese arāba umugore akamwifuza, aba amaze gusambana na we mu mutima wiwe. 29#Mat 18:8, 9; Mrk 9:43, 47.Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’ umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu. 30N’ukuboko kwawe kw’i buryo ni kwagutsitaza, uguce igikonjo, ugite kure: vyokubera vyiza gupfa urugingo rwawe rumwe, hak’ umubiri wawe wose woja muri Gehinomu.
Ntukāhukane
31 #
Mat 19:3-9; Gus 24:1. Kandi vyaravuzwe, ng’ Umuntu wese yirukana umugore wiwe n’amuhe icete co kuvāvānura. 32#Luk 16:18; 1 Kor 7:10, 11.Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, aba amusambanishije: kand’ uwābīra uwahukanye azoba asambanye.
Ntukarahire
33 #
Kuv 20:7; Lew 19:12; Guh 30:2. Mwarumvise kandi kw aba kera bābgiwe, ngo Ntukarahire ngo wirahuruze, arik’ uz’ ukorere Uhoraho ivyo wamusezeraniye: 34#Mat 23:16-22; Yes 66:1; Ivyak 7:49.ariko jeho ndababgire: Ntukarahire na mba; nturahire ijuru, kukw ar’ intebe y’Imana; 35#Zab 48:2.cank’ isi, kukw ari yo ndava y’ibirenge vyayo; cank’ i Yerusalemu, kukw ar’ umurwa w’Umwami ahambaye. 36Nturahire umutwe wawe, kuk’ udashobora guhindura agashatsi na kamwe ngo kēre canke ngo kirabure. 37#2 Kor 1:17; Yak 5:12.Arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya: ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.
Ntimukīhōre
38 #
Lew 24:19, 20. Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngw Ijisho rihōrwe irindi, n’iryinyo rihōrwe irindi; 39#Yoh 18:22, 23; Lew 19:18.ariko jeho ndababgire: Ntimurwanye umunyakibi: ūgukubise urushi mu musaya w’i buryo umuhindukirize n’uwundi;#Luk 6:27-36. 40#1 Kor 6:7.umuntu ni yagomba kukubūranya ngw akunyage ipfundo, umuhebere n’umutamana; 41ūgufata ng’ umurenze umusozi umwe, umurenze n’uwa kabiri. 42Ūgusaba, umuhe, ūgomba kukugurana, ntumutere ibitugu.
Mube agahore
43 #
Lew 19:18. Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Mukunde bagenzi banyu, mwanke abansi banyu. 44#Kuv 23:4, 5; Rom 12:14, 20; Luk 23:34; Ivyak 7:60.Ariko jeho ndababgire: Mukunde abansi banyu, musabire ababahama, 45#Ef 5:1.kugira ngo mube abana ba So wo mw ijuru, kukw atuma izuba ryiwe rirasira ababi n’abeza, kand’ aha imvura abagororotsi n’abagabitanya. 46Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira? 47Ni mwaramukanya n’incuti zanyu gusa, abandi muzoba mubarusha iki? Abanyamahanga bo si ko bagira? 48#Lew 19:2.Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.
Bibliya Yera © Société Biblique du Burundi, 1967