Matayo 3

3
Yohana Umubatizi yigisha, abatiza
1Mur’ iyo misi haza Yohana Umubatizi, yigishiriza mu bugaragwa bg’i Yudaya,#Mrk 1:1–8; Luk 3:3–18#Luk 1:13 2ati Mwihane, kuk’ ubgami bgo mw ijuru buri hafi.#Mat 4:17 3Uyo ni we yavuzwe na Yesaya yavugishwa n’ Imana,
at’ Ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa,
Ati Ni mutegure inzira y’ Uhoraho,
Mugorore iz’ ibihamo ziwe.#Yes 40:3; Yoh 1:23
4Yohana uyo, imyambaro yiwe yar’ iy’ ubgoya bg’ingamiya, yayikenyeza umukanda w’urusato mu rukenyerero; indya ziwe zar’ inzige n’ubūki bgo mw ishamba.#2 Abam 1:8 5Maz’ ab’i Yerusalemu n’ab’i Yudaya bose n’igihugu giherereye kuri Yorodani cose, bava i wabo baza kuri we, 6babatizwa na we mu ruzi Yorodani, bātura ivyaha vyabo.
7Abonye benshi bo mu Bafarisayo no mu Basadukayo bazanywe no kugira ngw ababatize, arababaza, ati Mwa bana b’inzoka mwe, ni nde yababūriye ngo muhunge uburake buzoza?#Mat 12:34; 23:33; Ita 3:15 8Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana. 9Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira yukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’ abana ba Aburahamu.#Rom 2:28, 29; 4:12; Yoh 8:33, 39 10Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rer’ igiti cose kitāma ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.#Luk 13:6–9; Yoh 15:6 11N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.#Yoh 1:15, 26, 27, 33; Ivyak 1:5 12Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, kand’ azokubūra imbuga yiwe neza, yimburire ingano ziwe mu kigega, maz’ umuguruka awuturire mu muriro utazima.#Mat 13:30
Kubatizwa kwa Yesu
13Ico gihe Yesu ava i Galilaya, aja kuri Yorodani aje kuri Yohana, azanywe no kubatizwa na we.#Mrk 1:9–11; Luk 3:21–22; Yoh 1:31–34 14Ariko Yohana agomba kumwankira, ati Kw ari jewe nkwiye kubatizwa nawe: non’ uje kuri jewe? 15Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’ aramukundira; 16Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako. 17Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.#Mat 17:5; Zab 2:7; Yes 42:1

目前选定:

Matayo 3: RUN1967

高亮显示

分享

复制

None

想要在所有设备上保存你的高亮显示吗? 注册或登录